IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iyindi mvura ishobora kurwa mu turere two mu Bumanuko bw’igihugu

Iyindi mvura ishobora kurwa mu turere two mu Bumanuko bw’igihugu

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Mu gisata kijejwe kuraba ivy’ibirere kimenyesha ko hazogwa imvura nyishi mu yindi mihingo y’igihugu, ivyo bikaba bishirikijwe inyuma y’isegenya yatwaye abantu n’ibintu, ikaba yaguye mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Bujumbura rural.

Inyuma y’imvura y’isegenya yaguye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 rishira irya 10 Ruhuhuma, mu kigo kijejwe ivy’ibirere bamenyeshako naho igisagara ca Bujumbura arico casinzikajwe cane n’iyo mvura, ahubwo no mu bindi bice vy’igihugu c’Uburundi ishobora kurwa.

Nk’uko bimenyeshwa n‘umwe mu banonosoye ivy’ikirere (météorologue), Godefroid Nshimirimana, ibiharuro bafise vyerekana ko gushika mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma gushika ku ma genekerezo ya 20 hazorwa haguye imvura nyinshi cane, na cane cane mu turere two mu Bumanuko no mu Burengero bw’igihugu c’Uburundi. Kuri ico cerekeye imvura, umuhinga mu gukingira isi n’ibidukikije, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi, Stanislas Nsabimana yamenyesheje ko akenshi mu ma karitiye y’igisagara ahononokaye ibintu vyinshi vyatumwe n’uko ata mifurege yari hari, abahubatse ntibigeze bategekanya igihe c’imvura nyinshi y’isegenya uko ibintu vyogenda.

Uwo muhinga Nsabimana ahanura ko mu gihe cose imbere yokwubaka ahantu, hobanza kuba ivyigwa bikomeye mu ntumbero yo kuraba ingene isi imeze hamwe no kwirinda kwubaka ahaca imikuba y’amazi.


Floxella Karire

Messages

  • Murakoze kutugabisha ko imvura yisegenya ishobora kugwa, ariko, none ko abahinga bama bavuga ivy’ubuhinga bwabo ibintu vyayangaye. Boba bari he Dimanche umusi wose canke imbere yaho. Hoba hari uwari yabonya ko imvura igwa, uwundi ngo, mwame mugavye kuko mutazi umusi canke isaha.

  • Abo bahinga nibaze baragabisha abanyagihugu imbere yuko imvura y’isegenya igwa,ntibaze baravuga yamaze kwonona ibintu.

  • Abo bahinga barakoze ariko boja baratubwira umusi imbere kurya kwo murwanda ingene ibirere bizoba bimeze ejo hazoza kumbure umuntu yoba arazinga udusambi kare canke akaja gusaba indaro kubafise amagorofa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.