IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iyugururwa ry’ibikorwa vy’ukwezi kwa kabiri ntivyitabwe n’abashingamateka ba (...)

Iyugururwa ry’ibikorwa vy’ukwezi kwa kabiri ntivyitabwe n’abashingamateka ba UPRONA

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Ibikorwa vy’inama nshingamateka vy’ukwezi kwa Ruhuhuma vyaratanguye kuva ku munsi w’ejo. Vyuguruwe n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, akaba yaciye ashikirije integuro z’amategeko abo bashingamateka bazokwiga.

Nk’uko Piyo Ntavyohanyuma yabishikirije kuri uwu wa 3 Ruhuhuma 2014 mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, integuro y’amategeko icenda niyo abashingamateka bazokwiga, muri ayo tukababwira ko harimwo nk’itegeko ryo gushiraho umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, ikiringo uyo murwi uzomara, abazoba bawugize n’ibikorwa vy’uwo murwi. Abashingamateka kandi, bakaba bazigira hamwe integuro y’itegeko rishiraho sentare idasanzwe y’amatongo n’ayandi matungo hamwe n’itegeko ryo kwiga inonosorwa rya zimwe mu ngingo z’itegeko no 1/010 zo ku wa 18 Ntwarante umwaka w’2005 ry’ibwirizwa nshingiro rya Repuburika y’Uburundi.

Muri izo nteguro z’amategeko barungikiwe na Reta y’Uburundi, hakaba harimwo zibiri zisanzwe zarateye impari mu nama nshingamateka hagati y’umurwi w’abashingamateka bo mugambwe CNDD FDD n’abo muyindi migambwe nka UPRONA hamwe n’abo muri FRODEBU Nyakuri. Aha tukavuga itegeko ryo guhinyanyura zimwe mu ngingo z’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’iriraba sentare y’umurwi w’igihugu uraba amatongo n’ayandi matungo CNTB.

Muri ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu na bamwe mu bagize Reta y’Uburundi, umuhuza w’abarundi, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo, nta mushingamateka n’umwe wo mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA yari yatavye ivyo bikorwa. Na Niyoyankana Bonaventure aheruka kugenwa na Edouard Nduwimana kugira arongore umugambwe UPRONA intebe yiwe ikaba yagaragara.

Tukabamenyesha ko muri uwo mugambwe UPRONA wa Rwagasore bitameze neza. Abashikiranganji bava muri uwo mugambwe basabwe n’uburongozi bwa Karori Nditije kuva muri Reta, abadasigana nabo bagasabwa kutemera iyimikwa rya Niyoyankana Bonaventure. Karori Nditije, akaba yaciye aboneraho n’akaryo ko kumenyesha abarundi n’amakungu ko abantu batatu birukanywe mu mugambwe UPRONA mu kiringo c’amezi atandatu.
Abo nabo, akaba ari umushingamateka Niyoyankana Bonaventure, umupfasoni Concilie Nibigira yahoze ari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru na Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA.


Aristide Nizigire

Messages

  • Amakuru ava ku KIRIMBA kwa PETERO aremezako uyu yavyutse adashobora kuvugisha abo muhira eka nabagerageje kumuterefona bose yabakupa. ariko ariyumvira ukuntu yasuzuguwe na KIKWETE mu minsi iheze.

  • hahhahhah harumusi bizogenda nez ndavyizer

  • Amakuru yizewe neza aremezako Major BUSOKOZA BERNARD yahungiye mu rugo rw’umu diplomate ava mu gihugu ca kure(ntitumuvuga kubera imvo z’umutekano) akaba ariho ariko arategurira urugendo rwo guhunga DD, Uwaduhaye aya makuru akomeza avugako Karoli Nditije acunzwe bikomeye n’abasoda biyoberanije ariko barinda Embassy ya USA hano i bujumbura nawe akaba ari mu rugo rwa 1st Secretary of US embassy to burundi. Abahagarariye ibihugu byabo mu burundi bahangayikishijwe bikomeye n’akaduruvayo kariko gaterwa n’umugambwe uri kubutegetsi biboneka ko wananiwe kurongora igihugu mu ntwaro ibereye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.