Jean Baptiste BAGAZA azoshingurwa i Bujumbura

Yanditswe na IGIHE
Kuya 14 mai 2016 saa 02:08
Yasomwe : 58995
0 0

Colonel Jean Baptiste BAGAZA yahoze arongoye Uburundi azoshingurwa i Bujumbura, i Kiriri, muri Vugizo ku rugo iwe. Bitegekanijwe ko ikiziga ciwe kizoshika ku kibuga c’indege ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uwu munsi w’Imana, igihe c’isaha zibiri z’ijoro, gice kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro KIRA.
Nk’uko tubikesha umurwi uriko utegura ibirori vy’ukumushingurana iteka, ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Rusama 2016, hazoba ibirori vy’ugusezera uwo munyecubahiro mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, (...)

Colonel Jean Baptiste BAGAZA yahoze arongoye Uburundi azoshingurwa i Bujumbura, i Kiriri, muri Vugizo ku rugo iwe. Bitegekanijwe ko ikiziga ciwe kizoshika ku kibuga c’indege ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uwu munsi w’Imana, igihe c’isaha zibiri z’ijoro, gice kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro KIRA.

Nk’uko tubikesha umurwi uriko utegura ibirori vy’ukumushingurana iteka, ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Rusama 2016, hazoba ibirori vy’ugusezera uwo munyecubahiro mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ariko ibirori nyezina vy’ukumushingura bikazoba ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 17 Rusama 2016, bitanguzwe n’inkuka y’imisa izobera ku Cathedral Regina Mundi, isaha zitatu z’agatondo.

Colonel Jean Baptiste Bagaza yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana mu gatondo k’igenekerezo rya 4 Rusama 2016, inyuma y’iminsi yari amaze arwariye mu bitaro vyitiriwe umweranda Elisabeth biri mu gisagara ca Bruxelles, mu Bubirigi. Colonel Jean Baptiste BAGAZA yasezeye isi ku myaka 69.


Kumenyekanisha

1
NDIMUGITERANYI 17-05-2016 à 10:09

IMANIMWAKIREMUBWAMIBWAYO ITEKARYOSE

2
Ninkunda donatien 17-05-2016 à 08:24

Imananiwakirane Iteka.Kukoyakozevyinshikandivyiza,naberenabandi akarorero Abandibarikobaratwarabose.Murakoz

3
Tuyizere Innocent (rusoro) 16-05-2016 à 19:47

Imana Nimwakire Kuko Ntacaha Kimwagira Nkabanda Ba President Bagaza Yarumugabo Wijunja Nijambo Uburundi Burabuze Nibwigumwe Nantakundi Nikobigenda

4
isaac NIYONKURU 16-05-2016 à 19:37

Twifatanije N’umuryango Wiwe Abarundi twese turababajwe n’urwo rupfu. Imana imuhe iruhuko ryiza.

5
MUGISHA 16-05-2016 à 05:34

IMANA NIMWAKIRANE ITEKA YAKOZE BAGAZA YARAKUNDA IBIKORWA

6
müller 15-05-2016 à 18:43

Yezu yabonye abagore bamuririra, munzira y’umusalaba, aca arahindukira ababwira ati : Mwabagore mwe, reka kundirira, ni mwiririre mwebwe n’abana banyu. Jean-Baptiste BAGAZA nibaza ko yovuga la même chose que Jesus-Christ tous deux sont des Hommes libres. Ushaka gushemeza Bagaza, nagere ikirenge muciwe, mugukunda no gukorera Uburundi muntumbero y’amahoro n’ibikorwa, bituma twova mu Mwijima turimwo muriki gihe ca none. Inka ngo yavyaye muci, iti ahanje ndahejeje, hasigaye ah’Umwungere. Mukama Yezu, Turokoz’Amahoro, abantu turayashonje, Prince Louis Rwagasore na Jean-Baptiste Bagaza, dusabire. Amen

7
FABIEN..KARIMBI 15-05-2016 à 09:58

NIYIRUHUKKIRE,IMIBABARO.YOMWISI.NOMUBURUNDI.IMANA.IMWAKIRE.AMEN

8
nyanzira 15-05-2016 à 08:22

nyarutsa murekekumutobanga mukigobe ndazikonkurunziza ntaribuhaze koyahunze muzobamuraba !?Yarintwariniyigire

9
franc 15-05-2016 à 02:38

None Nina atamutekano bamuzanye gute.sivyiza KO hataha ibiziga nibaze Bagikomeye.mubutu yahambwe mumahanga kubera umutekano Mike.ariko abarundi baza guhamba bagaca basubirayo.ni inkina mico

10
NDAYIKENGURUTSE,LCAVER 14-05-2016 à 22:42

BAGAZA,YARIUMUGABOIMANAHMWAKIREYAKOREYEIGIHUGUVYNSHI

11
NDAYIKENGURUTSE,LCAVER 14-05-2016 à 22:41

BAGAZA,YARIUMUGABOIMANAHMWAKIREYAKOREYEIGIHUGUVYNSHI

12
###### 14-05-2016 à 22:07

Tugire Christu,ni ngabirano nyinshi za Mutima-Mweranda !!!!!!!!!!!
Nongeye kwihanganisha,umuryago wa nyakubahwa Président Jean Bapiste Bagaza.Kandi nifanije nuyo muryango muguherekeza uyo muvyeyi niyigendere amahoro !!!.Ikindi nagirango dusangire ubutumwa adusigiye mur’iyiminsi twari tumaranye nawe mur’ikigihe camasaba MANA yimsi 9 jewe yansigiye ibitangaro bitarike nzohora ndamwibukirako,kandi bizontuma kumusaba nk’Umweranda ;Namwe umuryango wiwe,incuti naba genzi biwe ntimwirekure cane mumubabaro kuko Président jean Baptiste BAGAZA ubu yaramaze kwicara kuntebe yiwe mu bwami bw’ijuru ;hano ku isi dusigaranye ico cibutso ciwe kizoja i Burundi gushinguranwa iteka kugirango a Barundi tuzohore twibuka amateka yiwe.Nimuze rero dushire inguvu hamwe mugusengera indege izomurerura kugirango izomurerure neza imushikirize Uburundi bwa mwibarutse.Jean Baptiste Bagaza Dusabire !!!!!!!!!!!!! Amen Alléluia.

13
BUTORE 14-05-2016 à 21:25

NIYIRUHUKIRE AMAHORO IMANA IMWAKIRE ABATEGETSI NIBAMWIGIREHO MUGUTEZA IMBERE ABARUNDI

14
MUYAHUDI 14-05-2016 à 19:57

IMANA IKWAKIR MUBWAMIBWAYO WEW URUMUGABO UTATWAJ IGIKENY

15
NYISHU Orginal 14-05-2016 à 19:28

Imana imwakire mu bwami bwayo.

16
maso 14-05-2016 à 14:57

narabonye ko ibarabara rija kurugo iwe ryakozwe. ariko ikibabaje, n. uko mwaryubatse yapfuye ariko we yayabubakira mukiriho.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha