IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Baptiste MANWANGARI yigeze kuba umushikiranganji w’ubutungane yitavye (...)

Jean Baptiste MANWANGARI yigeze kuba umushikiranganji w’ubutungane yitavye Imana

jeudi 25 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushingamateka Jean Baptiste MANWANGARI yigeze kuba umushikiranganji w’ubutungane, n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yitavye Imana kuri uwu wa kane, ahitanwe n’ingwara.

Abo bagendanye bavuga ko Uburundi bubuze intwari, umuntu yaharanira inyungu z’igihugu hamwe n’iz’umugambwe UPRONA yari asanzwe arimwo.

JPEG - 65.7 ko
Umushingamateka Jean Baptiste MANWANGARI

Evariste NGAYIMPENDA, icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko umushingamateka Jean Baptiste MANWANGARI ari umuntu w’incabwenge, yamye ashira imbere kwubaha n’ukwubahiriza amategeko, akaba n’umuntu yamye arondera umwumvikano mu mugambwe UPRONA, kuva habereye amashami abiri muri uwo mugambwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.