IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Claude Karerwa: ’’Reta ntiyiteguye kwakira abasirikare ba (...)

Jean Claude Karerwa: ’’Reta ntiyiteguye kwakira abasirikare ba UA’’

lundi 21 Kigarama 2015

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako amenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwemera ko abasirikare 5000 b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika binjira ku butaka bw’Uburundi.

Jean Claude Karerwa yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Kigarama 2015 ko mu gihe abo basirikare boza mu gihugu ata ruhusha rwa Reta bafise bofatwa nk’abaje gufata no gutera igihugu kandi ko Reta izoca igira ico ikoze ikemera n’ingaruka.

Yavuze ko Uburundi butiteguriye kwakira abo basirikare bahurikiye muri MAPROBU ku butaka bw’igihugu.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko ku ruhande rw’abategetsi b’Uburundi ingingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika idashobora kuja mu ngiro mu gihe inama y’Umutekano ya ONU itoshigikira uwo mugambi.

Mwomenya ko hamwe abo basirikare bo mu rwego rwa MAPROBA (Mission africaine de prévention et de protection au Burundi) boza mu Burundi bafise ikiringo c’ameze atandati yisubiriza.

Van Naris Mugisha

Messages

  • nibaza kunguvu tuzobivuna twivuyinyuma...

  • mbe?bazagukori muburundi kurwanya reta?ntabarwanyi bahari ingab zuburundizaniw?batumwekonand

  • NIMUREME IMANISUMBINGABO ABARUNDI BUMUTIMA TUZOKIGWANIRA NTAMUSIRIKARE NVAMAKUNGU AZODUTERANINTAMBWE ABARUNDI TWESE DUTANDUKANYE TUZONESHWA DUFATANYE MUNDA TUZOTSINDWA,MUZE RERO TWITEGURIRE KWIVUNA ABANYAMAHANGA BAGOMBA KUDUSUBIZA MUBUKORONI BWABAZUNGU

  • Birababaje kuko amashirahamwe mpuzamakungu asigaye amaze nkimiryango yabantu ,isi irashajepe ! Numuntu ntiwomwinjirana atabizi ngomubamahoro .bikenewe twogarukana ingabozacu zirigufashahanze kukozirengizoborungika ,ingabo siwomuti barekekwirengagiza ikibazo ukokiri kukwejo kiviburundi jijahandi .nonenicakwira Africa Ho ingabozizovahe! Uburundi nigihugu cigenga nibicamategeko agengibihugu ya UN isirahenuka ntakabuza .UN na UA bibereyeho kwicamategeko ! ?

  • Babarungike Ethiopia nambarugushaka kujagutabara.

  • ab bategesti batinya ik ? nibareke abo basirikare baze kuk ibintu mu burundi vyayangaye.

  • Mbaga mwebwe ntimusonera nabashitsi!Kamaro we uvuze ngo nibaza muzobivuna!Mwaramenyereye kwica murabakorako ngabo!

  • Emwe. bacobo mwe !!!!!!!!! aho umworo yanikiye ntibwuma. noneko reta. yuburundi. yiyamiriza. yivuye inyumako. ko idashaka iZonteko nvamakungu. hamwe mwobarungika. kunguvu ,reta yuburundi. ikiguna nkuko iguma. ibivuga. none mukurikije. amategeko. ntavogegwa yibihugu ni inde azoba. afise. ikosa? reta. yuburundi? canke ababinjije. kungu? biragoye kweri.

    mbe hoho indege zizobazana. zizogwa kukibuga. ikihe? cibujumbura? konzi gicungerewe. na reta. yuburundi. canke kizoba cafashwe sindabizi.
    mbehoho. bazobahehe?
    ibujumbura kandi reta ivugako izoba itewe yivune. kandi iteko. yemere ningaruka. zizokurikira. inyuma yokwivuna? biragoye. pe. ivyiburundi.

    uwuhagarikiwe. nintare, ingwe canke intamwe. aravoma.

    akabigirakabizi. karya. imboga. karitse, reta. yuburundi. irazi. ico iriko. iravuga , iraziko. itariyonyene ikimbabaza gusa nuko. aho impfizi zibiri zivugutaniye. ubwatsi. nibwo buhasigara.

    iyingingo yokwijiza izontwaramiheto nvakungu muburundi. kunguvu ishobora kuba imbarutso yintabara ikomeye. muburundi. intambara. izotandukira ibihuguvyishi cane.

    impene utayigaruye ikirihafi, I maze kwambuka. imirambi
    uriruka kandi ukabira nkayo
    murakoze

  • uragenda wivune maze winjize amarira namaganya mu nzu utuyemwo,ufise ingufu zo kurwanya inteko?aho wasanga utazi nuko inkoho bayifata

  • Birantanganje?Baca Umugani Bati Ibuy Riseruts Ntirib Ricishe Isuka.Ahumbo Reta Niduhe Inyigisho Tugwanye Izo Nteko Kuk Simbon Ico Zishak.Ham Abahunz Imana Niyo Nkuru Kubahunze Atakabi Bakoz Nabahunze Ibihuh Nabahenzwe Bakagira Ibirira Imana Irababona

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.