Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jennifer Lopez yavuze abagabo bamuryohera mu buriri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Jennifer Lopez yavuze abagabo bamuryohera mu buriri

Jennifer Lopez yavuze abagabo bamuryohera mu buriri

mercredi 4 Ntwarante 2015

Jennifer Lopez ni umwe mu bagore b’ibihagange mu muziki, amaze gukundana n’abagabo benshi kandi avyishimira. Ku myaka 45, Jennifer Lopez yatangaje abagabo bagiye bakundana, mbere aranavuga abamuryoheye cane mu buriri

Jennifer Lopez amaze kwubaka urwiwe incuro zitatu mugabo hose yahukana. Ubwa mbere yubakanye n’umugabo yakora akazi ko kuzimana abantu Ojani Noa, ubwa kabiri yubakana n’umutamvyi Cris Judd, mu nyuma yagiye kwubakana n’umuririmvyi Marc Anthony baca bavyarana abana babiri b’amahasa.

Abagabo bagiye bakundana na Jennifer Lopez n’ubwo batari bubatse, harimwo umukinyi w’amareresi, Ben Affleck, umuririmvyi mu mudiho wa Rap P.Diddy, mu nyuma yagiye gukundana na Casper Smart, umusore yakora akazi ko gutamba mbere kenshi akaba yarabonetse mu ndirimbo zimwe za Jennifer Lopez.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Loaded, Jennifer Lopez yavuze ko abagabo bashimisha abagore mu buriri ari abaririmvyi n’abatamvyi.

Jennifer Lopez yongera avuga ko ubu ibihe vyahindutse, abagore bafise imyaka afise aribo basigaye ari beza, kandi ko abagabo basigaye bakunda abagore bakuze canke bafise nk’imyaka afise.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.