IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Jennifer Lopez yiteze ikibondo

Jennifer Lopez yiteze ikibondo

lundi 10 Ruheshi 2013

Jennifer Lopez w’imyaka 43 y’amavuka, yipfuza kuronka umwana na Casper Smart w’imyaka 25. Uyo muririmvyi akaba ari nyina w’abana babiri Max na Emme, ariko agatinya ko ubu ariko arakura yoheva atibungenga.

Ariko naho biri uko, avuga ko arindiriye ko mu minsi iza ashobora kwibungenga. Casper na J-Lo bagumye banyegeza urukundo rwabo, ku buryo n’iciyumviro cabo c’ukurondera umwana cagumye mu mpisho.

Nk’uko umwe mu bagenzi babo abivuga, yemeza ko naho bose bakundana bafise ubwoba ku busaza bwa Lopez, ndetse bakavuga ko ari naco catumye banyegeza urukundo rwabo. Lopez na Casper bakaba biteze ko bazoca bagira urubanza rw’ubugeni mu minsi yavuba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.