Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
John Kerry yoba ari mukwishikira kuganira n’abatwara Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > John Kerry yoba ari mukwishikira kuganira n’abatwara Uburundi

John Kerry yoba ari mukwishikira kuganira n’abatwara Uburundi

lundi 28 Ndamukiza 2014

John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta ya Amerika aritezwe mu rugendo azogira mu karere k’ibiyaga binini mu ndwi iza. Amakuru yo kwizera avuga ko ashobora n’ukuzoca mu Burundi kugira yivuganire n’abategetsi b’Uburundi ku makuru yagiye ahabona y’itangwa ry’ibirwanisho mu Burundi.

Mu ndwi ikurikira iyi twaraye dutanguye, mu karere k’ibiyaga binini bariteze umushitsi adasanzwe. John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika azogendera akarere b’ibiyaga binini n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikavugwa ko inyuma y’aho azoca abandanya ashike mu Burundi, kugira agirane ibiganiro n’abategetsi b’Uburundi ku kibazo cavuzwe mu rwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rwagiriza intwazangabo zibiri zo mu gisirikare c’Uburundi zivuka mu ntara ya Bururi, ko zahagarariye ibikorwa vyo gutanga ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.

JPEG - 714 ko
John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta ya Amerika

John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta ya Amerika ategekanya kugendera Uburundi mu gihe iyo Reta y’i Bujumbura yaheruka gufata ingingo yo kwirukana Paul Debbie, umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Egide Nduwimana

Messages

  • sinibaza kwabanyamahanga aribo bazoza kudukundisha igihugu nyaburya abategetsi buburundi batabwitayeho gusa nugusenga Imana Ikabahindura Imitima Pe!

  • mwanditse ivyo mwatohoje mwoba iki? kuri programe yiwe uburundi ntiburimwo

  • Petero Nkuru ubwoba burimukumwica no kunwa icayi vyanse. Ibirwanisho yatanze bimubereye umusozi ukomeye. aho yumviyeko John Kerry azaza yabuze aho yinyegeza

  • Ndashaka kubabwira amakosha abiri (2) cankarenga yakozwe nikikinyamakuru, uyumuntu wa US John Kerry,ntabwo ibihuguyapanze kuzojamwo uburundi burimwo, 2 Ninde yabwiye uyumwanditsi wikikinyamakuru ko uwomu US azogirana ikiganiro kubijanye nurwandiko rwarungitwe mwibanga muri ONU ngo rwagirizwa intwazangabo zomugisirikare cuburundi ngo zivuka muntara ya Bururi? Arikontimubonako abashinzwe itangazamakuru kobakwiye gukebura uyumumenyeshamakuru? Erega mutamukebuye azobicira umwuga kuko azogumayibaza kwariko itangazamakuru ikora!? Ivyobinyuranyije namatekeko yitangazamakuru gufata ivyowiyumvira ukabigereka kumuntu nkurya John Kerry wa USA ngoyakubwiyeko azozakubaza reta ibinibi mugihe na reta uvyuvuze atavyoyabwiwe! Washatse kuvugako wahamagaye John Kerry hanyuma akubwira ivyowavuze? Akataretse kabagasema. ngukwo uko bamwe mubamenyeshamakuru bakajije uruhigi mukuvugako muburundi hariko harategurwa Genocide bakabivuga bakabisubira bakongera bakavyemanga!!! Akataretse kabakisema.

  • Naze abakange aba ba DD umengo barigaruriye Uburundi.Barabesha ntacobazotugira...

  • mbega abamenyesha makuru bagiye hohoterwa kubera iyinkuru?Nikangahe birirwa barahohoterwa?Uwavuze ngo akataretse kaba gasema akwey kwisubirako akaba mukuri twebwe twavuy muburundi kuk tunanjwe nintwaro irikubutegets reka Icera tuvuge ko cera no cirabura tuvuge ko cirabura,ICO dukeney nihinduka ryo muriyo mitima mibi irikurongora inzirakarengane zo muburundi.uwo Jhon Kerry bavuga ugira hair gishasha azokor?ko ariguta umwanya wiw wubusa!iyo ntwaro niyivyihebe sorry kuba mvuze men shi naker kuvuga men shi siko kuyamara

  • John kerry urakaza neza iwacu iburundi, umuganga ashobora kuva iwanyu canke ahandi, indwara ya politique mugihe tunaniwe n’ukuyivura ntitwokwankiriza abofasha kugira igihugu cacu gitere imbere nk’ibindi. Ntawigira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.