Accueil > Amakuru > u Burundi > John Kerry yoba ari mukwishikira kuganira n’abatwara Uburundi
John Kerry yoba ari mukwishikira kuganira n’abatwara Uburundi
lundi 28 Ndamukiza 2014
John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta ya Amerika aritezwe mu rugendo azogira mu karere k’ibiyaga binini mu ndwi iza. Amakuru yo kwizera avuga ko ashobora n’ukuzoca mu Burundi kugira yivuganire n’abategetsi b’Uburundi ku makuru yagiye ahabona y’itangwa ry’ibirwanisho mu Burundi.
Mu ndwi ikurikira iyi twaraye dutanguye, mu karere k’ibiyaga binini bariteze umushitsi adasanzwe. John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika azogendera akarere b’ibiyaga binini n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikavugwa ko inyuma y’aho azoca abandanya ashike mu Burundi, kugira agirane ibiganiro n’abategetsi b’Uburundi ku kibazo cavuzwe mu rwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rwagiriza intwazangabo zibiri zo mu gisirikare c’Uburundi zivuka mu ntara ya Bururi, ko zahagarariye ibikorwa vyo gutanga ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.
- John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta ya Amerika
John Kerry, umunyamabanga mukuru wa Reta ya Amerika ategekanya kugendera Uburundi mu gihe iyo Reta y’i Bujumbura yaheruka gufata ingingo yo kwirukana Paul Debbie, umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Egide Nduwimana
Messages
28 Ndamukiza 2014, 16:48, par Irakoze Ge
sinibaza kwabanyamahanga aribo bazoza kudukundisha igihugu nyaburya abategetsi buburundi batabwitayeho gusa nugusenga Imana Ikabahindura Imitima Pe!
28 Ndamukiza 2014, 19:20, par mico
mwanditse ivyo mwatohoje mwoba iki? kuri programe yiwe uburundi ntiburimwo
28 Ndamukiza 2014, 23:06, par karikurubu
Petero Nkuru ubwoba burimukumwica no kunwa icayi vyanse. Ibirwanisho yatanze bimubereye umusozi ukomeye. aho yumviyeko John Kerry azaza yabuze aho yinyegeza
29 Ndamukiza 2014, 05:55, par Mama
Ndashaka kubabwira amakosha abiri (2) cankarenga yakozwe nikikinyamakuru, uyumuntu wa US John Kerry,ntabwo ibihuguyapanze kuzojamwo uburundi burimwo, 2 Ninde yabwiye uyumwanditsi wikikinyamakuru ko uwomu US azogirana ikiganiro kubijanye nurwandiko rwarungitwe mwibanga muri ONU ngo rwagirizwa intwazangabo zomugisirikare cuburundi ngo zivuka muntara ya Bururi? Arikontimubonako abashinzwe itangazamakuru kobakwiye gukebura uyumumenyeshamakuru? Erega mutamukebuye azobicira umwuga kuko azogumayibaza kwariko itangazamakuru ikora!? Ivyobinyuranyije namatekeko yitangazamakuru gufata ivyowiyumvira ukabigereka kumuntu nkurya John Kerry wa USA ngoyakubwiyeko azozakubaza reta ibinibi mugihe na reta uvyuvuze atavyoyabwiwe! Washatse kuvugako wahamagaye John Kerry hanyuma akubwira ivyowavuze? Akataretse kabagasema. ngukwo uko bamwe mubamenyeshamakuru bakajije uruhigi mukuvugako muburundi hariko harategurwa Genocide bakabivuga bakabisubira bakongera bakavyemanga!!! Akataretse kabakisema.
29 Ndamukiza 2014, 10:01, par KABIZI
Naze abakange aba ba DD umengo barigaruriye Uburundi.Barabesha ntacobazotugira...
29 Ndamukiza 2014, 10:16, par chris
mbega abamenyesha makuru bagiye hohoterwa kubera iyinkuru?Nikangahe birirwa barahohoterwa?Uwavuze ngo akataretse kaba gasema akwey kwisubirako akaba mukuri twebwe twavuy muburundi kuk tunanjwe nintwaro irikubutegets reka Icera tuvuge ko cera no cirabura tuvuge ko cirabura,ICO dukeney nihinduka ryo muriyo mitima mibi irikurongora inzirakarengane zo muburundi.uwo Jhon Kerry bavuga ugira hair gishasha azokor?ko ariguta umwanya wiw wubusa!iyo ntwaro niyivyihebe sorry kuba mvuze men shi naker kuvuga men shi siko kuyamara
3 Rusama 2014, 11:37, par Robinson
John kerry urakaza neza iwacu iburundi, umuganga ashobora kuva iwanyu canke ahandi, indwara ya politique mugihe tunaniwe n’ukuyivura ntitwokwankiriza abofasha kugira igihugu cacu gitere imbere nk’ibindi. Ntawigira