IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > John Kerry:Amatora yaranzwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu

John Kerry:Amatora yaranzwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu

samedi 25 Mukakaro 2015

Umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika John Kerry amenyesha ko babajwe no kuba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarahonyanze amasezerano ya Arusha kandi agakoresha inzira zinyuranye n’intwaro rusangi biciye mu matora atabaye mu muco,kandi adakurikije amategeko.

Mw’itangazo ryagiye ahabona riciye ku muvugizi wiwe,John Kerry amenyesha ko ivyashikirijwe vyavuye mu matora yaranzwe n’amabi hamwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu,ku banyagihugu b’abarundi.

John Kerry avuga ko ari ngombwa ko Reta y’Uburundi isubira mu biganiro nyezina hamwe n’abatavuga rumwe na Reta,n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,mu ntumbero yo kugarukana icizere hagati y’abanyagihugu n’amakungu,mu ntumbero yo gukinga amabi,umutekano muke,n’igitigiri c’impunzi ko cokwiyongera.

Mwomenya ko ivyo vyashikirijwe inyuma yahoo kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Mukakaro umurwi utegura amatora CENI umenyeshereje ibitigi nfatakibanza vy’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro 2015


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nguwo Umugabo adatinya igitsure komeza muhanura nibananirana muzodufashe tubasubize kumurongo

  • ngo uburundi burikwiye ntibubakeneye burafise aba chinois na barussiya hiiiiiiiiii d’apres ababuvugira.

  • Komera Mutama Mwebwe Ntimuvugira Umuvumbi Kumuvumba Abarundi Babagumyabanga Atari Abagumyabondo Turashigikiye Icociyumviro Canyu

  • Komera Mutama Mwebwe Ntimuvugira Umuvumbi Kumuvumba Abarundi Babagumyabanga Atari Abagumyabondo Turashigikiye Icociyumviro Canyu

  • ABARUNDI TWISHAKIRA AMAHORO NUWODUKURAKO OBR AHUBWO ABA DUFASHA NIBAKORIRE IBISHOKA APANA AMAJAMBOGUSA

  • ABARUNDI TWISHAKIRA AMAHORO NUWODUKURAKO OBR AHUBWO ABA DUFASHA NIBAKORERE IBISHOBOKA APANA AMAJAMBOGUSA

  • Hhaaa! Abo nabo bama baserukiruka mu rwuzuyee! Mbe bari ibiragi mu myaka40 twamazemwo akarenganyo! Nibitonde! Ivyabo turabizi! Turabona ibiriko birakurikira! Lybie haribakuyeho amahoro bashiramwo intambara, za Irak nuko n’ahandi! Ahubwo abarundi turakwiye kureka gusana abandi tugakunda igihugu cacu! Tukacubaka! Abo nabo bajayo gusaba bitwaza inorane z’igihugu bahinduree!!

  • jonh kerry nube ureka guhengama mbega ko mutayakurikiranye mwabibonye gute ico nohanura america ihanure abivumbuye mumatora bemere aho intahe ishize naho ahandi amaraso azoseseka muburundi azobazwa america twebwe harigihe tutobishobora ariko imana izobibaza kuko ntakuntu mwoguma mushigikira abagumutsi nanyu iwewe iwanyu ntawo kora inyiyerekano ataruhusha yahawe na reta kugira ibizokwonekara bamennye uzobibanzwa w rero ivyo mukora vyose nimba vyukuri muzi demokrasi murekere nyenicubahiro pita atware ikikiringo mutavyemeye naho nimuze muburundi b mukore ihonyabwoko mwice abashigikiye bose pita gusa inmyigaragamvyo ntayo murabona muburundi hamwe mwomukura kungufu mwitegure guhonya abarundi amaraso america igiye gusesa azoruta ayamennetse mu rwanda aka nakagohe mvuniye ibihugu vya buraya bishaka gushigikira abantu bari kurushi hanura mudahenganye murabe ko bidahera atamaraso asesetse mera nkumukuru wa onu 0 drgpdr

  • Namwenimushinyike amenyo ngonugukunda uburundi nabarundi, kotubonakuze ntimwomutubariza ico America yobayaravuze mumyaka ya 72,88,93 ?ivyo arimwo aravuga bavyitamukirundi ciza gukokeza kwabanyamaganga. Ariko iconobwira abarundi nimwironderemwo inyishu mwebwenyene ubwanyu nayo ivyovya John K yishakira gukokeza noneho bamwebomurimwebwe mucemwishiramwongo Amerika yaneguye iyi reta yuburundi ngorero numuze tuyigararize kugira tunezereze Amerika, ariko abopfa nimwebwebarundi nivyokwononekara nivyanyu John K icoyobafasha nugusifura avugango narinarababwiye kandinubwoboza gufasha ntahandi bobasiga atarinkakuriya Libiya isigaye imeze uyumusi. Libiya itarakorwa mujisho yarimibihugu 5 vyamberemuri Afrika bitunze land abanyagihugu bayo babayehoneza, arikonyumayogukorwa mujisho ndibazako isigaye irimubihugu bitanu vyanyuma muri Afrika bifise ibibazo.

  • wa mugabo uburundi si amerika uzotangara buvuyemwo ac al shabab

  • mutama john kerry wavuga nuko ubwira intumva,ugutwi kw’impene kwumva kwokeje!

  • Agateka k’abarundi niko kamuraje ishinga abirabure bo muri USA babamaze babica,ivyo binywamaraso vy’abanyamerika vyadutwariye benewacu ouest africains bakabakorera amabi yose ashoboka,ntaco baduha de spécial nibatuveko.

  • ariko iyo muva murakunda guhandwa kururimi!!!ariko je si numva igituma muguma mwita muvyibueundi!?ibindi bihugu vyatekerej ariko mwebwe numwe muguma ari oya oya mbega basha iburundi mwahabonyiki?barundi turaraba neza Ivyo bimwenyi ngirango hari Mari vyabonyiburundi bishaka gusahura

  • AAAA!KARAMAZEKUBA UBURUNDIBWIYAMBITSE IKARATA ITUKURA MUBINDIBIHUGU.IMANAYONYENE NIYISIGAYKUVUGIRYANYUMA

  • None Kotwumvise Ukwamatora Yagenze Abarundi Nacanecane Abanyeporitike Ntaco Vyobigisha Uwutsinzwe Unomusi Ejo Nawe Azotsinda Nuwutsinze Nawene Nuko Ndabasavye Ntimwisamburireko Nkimpene Uburundi Nigwanyu Ntawuzoza Kubububakira Ataritwebwenyene Turakwiyekumenyako Abantubose Kwatarabakunzi Harihobasesa Nkuyoze Gerageza Mwicarane Muyage Ibisigaye Imana Ibane Namwe Akagohe Nkebura Barundi

  • Barundi Ntitwisamburireko Nkimpene Uwatsinze Nuwatsinzwe Bose Ni Abarundi Iconohanura Anyeporitike Nimwicare Hamwemugani Koko Si Amerika Mwebwe Nimutiyunvikanira Abanyu Nivyunivyo Bizohononekarira Ntanumwe Mubarundi Atazohahombera Keretse Abanyamahanga

  • Ndabatwenga kweri, eheeeeeee,mufise ubwenge ntimubukoresha, mufise amaso ntimubona, mutinya kuvuga ukuri mukamira kuvuga imyaka yo kuzura akaboze mbega ndababaze aho musuzugura uwariwe wese agize ico avuga kwihonyangwa ryamategeko muraziko mutiremye ivyo mukora vyose Rugira ariwe akingira uburundi arabibona.Komeza vous allez vous gratter avec vos ongles, muzokwisanga muriko mukomanya insya z’amenyo atawubaha nirwere.Imana nidufashe guhindura.

  • Nakar Dushaka Gusubira Mu Ntwaro Za Cami Erega Nizo Zari Namitend Kuko Bavukan Imbuto .Non Ubu Bos Mgo Bagomb Ubupereziza. Ew Kely Gend Urab Ivyanyu Ivyino Turavyibonera

  • wewe wiyise# rukundo alex#mbe kushima kely nawe urikijuju mbe umuzungu waruziko agereranya umwirabure nkinguge?mbe hoho mumwaka 40iheze kwatavuga abantu bapfa nkinyegeri amerika nuwo kely ntibaribwabeho?ivyabo turabizi uwemera amerika araje kubayo twetwemera piter nkurunziza gusa nukoyapfunze radjabu nicokibi yakoze mbona

  • Nimreke ivyonibihra ahubwo murakwiyekuduhamahro.Kndi Imanayonye niyo izocurbanza kkumwanaw’umuntu ntarubanzaca kirtr’Imana yonye yomwijuru.

  • Nkukwimana Yabivuze Amatora Yarayase Ahubwo Turindire Igikorwa Cayo.

  • Jonh bambwirire ibimtu vyrayangaye impunzi ziguma zirwira abana bataye amashure ni benshi
    nimurabe mudumfashe!

  • IZO.NTUNVA.ZA.BA.D.D.ZIZA.KUTUMARA.SEMERERA

  • john kerry none mwe ko muguma mwidoga ngo amategeko yarahonyanzwe,aha ntimubonako ibiganiro vyanse?ahubwo fata ingingo ruhasha.6 no ntaco muriko muradufasha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.