IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Justin Bieber yirukanwe mu buraro i Meurice

Justin Bieber yirukanwe mu buraro i Meurice

mardi 19 Ntwarante 2013

«Nta muntu twirukana!», bivugwa n’ubuyobozi bw’ubwo buraro
Ikinyamakuru PEOPLE «Ni ingingo iva kuri we canke ku murwi wiwe» vyishurwa n’uburaro Le Meurice.

Abakunzi ba Justin Bieber bo mu gisagara ca Paris ishavu riraniga. Uwo muririmvyi yashitse muri ico gisagara ku w’Imana. Ikibazo gihari:abakunzi biwe ntibaramenya vy’ukuri uburaro bwamwakiriye kuko bashaka kuja kumwirabira.

Uwo muririmvyi yari yashikiye mu buraro Le Meurice i Paris mu Bufaransa, ariko ntiyahatevye na gato. Yamaze kuvayo. Kubw’inkuru ziva mw’itorokanirizo ry’amakuru Jean-Marc morandini.com, yoba yahavuye yirukanwe. «Justin Bieber ahajeje kwirukanwa mu buraro Le Meurice, i Paris. Ingingo yafashwe n’ubuyobozi bw’uburaro bw’iteka inyuma yaho inyifato yiwe itashimishije abarongoye ico kibanza, kandi ahanini bikaba vyavuye ku ruja n’uruza rwatewe n’abakunzi biwe aho bagumye bakikuje ico kibanza yashikiyemwo», ivyo vyandikwa n’iryo tororokanizo ry’amakuru aho rimenyesha ko uwo muririmvyi ubu yungururije mu buraro Mandarin, aho nyene i Paris.

«Justin Bieber yavuye mu nyubakwa zacu ejo haheze aja ahandi, ariko ntiturahamenya» vyemejwe n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu buraro Le Meurice, inyuma y’iminota mirongo ibiri agiye, aho babandanya bavuga bati: « Twebwe ntawe twirukana. Ni ingingo yafashwe na we ubwiwe canke n’umurwi wiwe!»
Twibutse ko uwo muririmvyi yarasanzwe afise igiteramo ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri mu kigo Omnisport c’i Paris-Bercy.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.