Kamenge : Posita yatewe n’umuriro bitaramenyekana ico wavuyeko

Yanditswe na IGIHE
Kuya 31 octobre 2015 saa 08:26
Yasomwe : 49743
0 0

Umuriro utaramenyekana ico wavuyeko wateye ahakorera posita (Bureau Postal de Kamenge) mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu. Igiporisi kijejwe gukinga impanuka cihutiye kuzimya.
Inyabwonko imwe, hamwe n’intebe zitaramenyekana uko zingana, nivyo bintu bimaze kumenyekana ko vyononekariye muri uwo muriro watanguye nk’igihe c’isaha zine z’umurango.
Umunyezamu yabonye umwotsi aca atabaza igiporisi kijejwe gukinga impanuka. Ico giporisi nticatevye, ari navyo vyatumye n’ibindi bihande bidafatwa, (...)

Umuriro utaramenyekana ico wavuyeko wateye ahakorera posita (Bureau Postal de Kamenge) mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu. Igiporisi kijejwe gukinga impanuka cihutiye kuzimya.

Inyabwonko imwe, hamwe n’intebe zitaramenyekana uko zingana, nivyo bintu bimaze kumenyekana ko vyononekariye muri uwo muriro watanguye nk’igihe c’isaha zine z’umurango.

Umunyezamu yabonye umwotsi aca atabaza igiporisi kijejwe gukinga impanuka. Ico giporisi nticatevye, ari navyo vyatumye n’ibindi bihande bidafatwa, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu bakozi bo kuri posita yo mu Kamenge.

Tubamenyeshe ko ahahiye ari ahakorera igisata cakira ababitsa « Versement » hamwe n’abarungika amafaranga babicishije mu buhinga bwa Ecocash.


Kumenyekanisha

1
Gakozi emmanuel 3-11-2015 à 14:35

Iyo mirilo yoba arimwe ivugwa muri bibiriya yoba iriko iratangura buhoro buhoro aho mu burundi, ?

2
FRANCOIS 1er-11-2015 à 14:21

EWE BURUNDI BWACU ! MBE BWAHINDUTSE IKUZIMU ? KARACIYE INGANI AHARI IBINTU VYAKAMARO HOSE HASHE ? ARIKO NTAGITANGAZA KUKO NABANTU UBWABO BASIGAYE TURIRANA.

3
MARKET 1er-11-2015 à 14:03

IYIMIRIRONAYO IVUYEMUMASOKO ITANDUKIYE MUMABANKI IMANA IDUFASHE

4
viyane 31-10-2015 à 23:10

pore mwihangane muga mutohoze icuwo muriro wavuyeko cagwa igiporisi nikigire amatoza yaco nkuko kihora kibigara

5
izo nintunva 31-10-2015 à 22:08

pore

6
Vianney Nsanz 31-10-2015 à 21:53

Muraraba Neza Ntimusange Ari Motif Yerekeye Ubusuma.

7
Ishmael 31-10-2015 à 21:51

Iyi mandat, Izombonerakure zizoherera mugasho nibonone umusi numwe batumwa kwica nuguturira ivyofasha abenegihugu barindire

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha