Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Kanye West arababazwa n’umugore wiwe abonwa n’abandi bagabo
Kanye West arababazwa n’umugore wiwe abonwa n’abandi bagabo
mardi 7 Gitugutu 2014
Kanye West ari mu guta umutwe kubera inyifato y’umugore wiwe Kim Kardashian, arashavuzwa cane n’uko abagabo bose bashobora kubona ubwambure bw’umugore wiwe.
- Kim yambaye ikanzu dende ariko atanakimwe ihisha
Kanye West ariko agerageza guhindura ishusho ya Kim Kardashian. Amakuru ava mu kinyamakuru Ok! amenyesha ko uwo mugabo yarengewe n’inyifato y’umugore wiwe. Ariko ashavuzwa n’amafoto aguma asohoka yerekana ubwambure bw’umugore wiwe kuko aca aboneka nk’umumaraya. Ikibabaza Kanye West gusumba ibindi n’uko abandi bagabo babona ubwambure bwa Kim bigasa n’uko ataco yambariye. Uwo yegereye urwo rugo amenyesha ko Kanye adashaka ko hari uwundi mugabo abona umugore wiwe yambaye izuba.

Tubibutse ko Kim Kardashian akunze gushira ahabona amafoto amwerekana hafi umubiri wiwe wose uri gusa, aho rero yatanguye no kwambika impuzu nk’iko akana kwiwe k’agakobwa North.

Cherif Nkeshimana
Messages
7 Gitugutu 2014, 11:36, par mukobwajana
BABA BUBAKA NABO BADASANGIYE IMICO BAGIRA NI BLAGUES ????IL NASAMBURE ATARASARA YEMWE!!!!!!!!!!!!!!!!!
7 Gitugutu 2014, 11:36, par mukobwajana
BABA BUBAKA NABO BADASANGIYE IMICO BAGIRA NI BLAGUES ????IL NASAMBURE ATARASARA YEMWE!!!!!!!!!!!!!!!!!