IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Karusi : Isoko ya komine Bugenyuzi yahiye

Karusi : Isoko ya komine Bugenyuzi yahiye

jeudi 12 Ruheshi 2014

Isoko yo muri komine Bugenyuzi, intara ya Karusi yahiye iratokombera kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ruheshi 2014.

Ibidandazwa vyari bibitswe mu tuzu tw’imbaho muri iyo soko vyarahiye nka vyose, abadandaza bake akaba aribo bashoboye kurokora bimwe mu bidandazwa vyabo, ibitahiye navyo bikaba vyarasahuwe. Imvo n’imvano y’isha ry’iyo soko yo muri komine Bugenyuzi, intara ya Karusi turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Mu kurindira mwokwibuka ko iyo soko rigize kabiri ihiye mu kiringo kidashika n’umwaka umwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Birababaje kubona iyo soko isubiy gusha kandi harimwo ibiharage n’imiceri vyaheruka kwimburwa n’ibidandazwa vyinsh vy’agaciro. Tugasaba Ko Hokorwa Amatohoza, Ababikoz Bagafatwa Bagahanwa. Turahojeje Abenegihugu Baraye Baburiye Ibidandazwa Mw’iyo Soko. Hanyuma Twosaba Ko Abadandaza Bokwiyandikisha Mu Mashirahamwe Yo Gushumbusha-ASSURANCES- kugira bagiz ibibazo baronke inshumbusho

  • Isha ryama soko kabaye akamenyero mu burundi barabe neza ubwo butegetsi burahava buba nkubwa farawo kuko ntivyunvika ungene abanyagihugu baguma bagira ivyago jewe ndabona ko hasigaye kuza inzige nazo::Mana babarira abanyagihugu kuko batazi ico bazira

  • HAHAHAHAHA ABARWANYA UBUTEGETSI BATOYE UBUNDI BURYO BWOGUCAFUZA IVYO LETA IKORA. ABAJEJWE UMUTEKANO BAKWIYE KURIKANURA, KUKO ICONACO MBONAKO ARINKIKIRWANISHO GISHASHA BATOYE!!!!!!!!!

  • Iryo ni ivumwe naho bamwe batavyemera

  • Umuntu yihweje iri sha ry’amasoko, biraboneka ko hari ababikora kandi bari n’ico bagamije. Kandi biraboneka ko harimwo intumbero za politique. Niyo mpavu hageze ko hagira igikorwa. Ariko abo babikora bararaba neza nibo bariko bisamburirako nk’impene haba mu migambwe yabo eka haba no muri politique yabo. Kuko akataretse kaba kisema.

  • Iryo nivumwe.akataraza karinyuma imana ntishobora kwuva inge dotora ibigugu yara duhaye abanyabwenge ?tugakwirikira abicanyi imana nishobora kutwihaganira

  • IF I MAY ASK , WHAT CAUSE THE FIRE ON THAT MARKET?

    BROTHERS AND SISTERS!!

    YOU HAVE TO LOOK OUT THE PROBLEMS CAUSE OUR MARKET TO BE BURNED EVERYTIME.

    I FELL SAD WHEN I GET SUCH BAD NEWS!

    I REMEMBER A LONG TIME AGO, I USED TO GO IN BUGENYUZI MARKET FOR SHOPPING WITH MY BELOVED SISTER, THAT MARKET WAS FANTASTIC NICE!!

    IMAGINE TO TRAVEL FROM SHOMBO TO BUGENYUZI, YOU KNOW HOW LONG IT IS!?

    I WISH PEACE TO MY BEAUTIFUL COUNTRY!!

    KARUSI AMAJAMBERA WISHES INCLUDING OTHERS DISTRICTS!.

  • mbega kuva ahoyahiriye bakora amatohoza gushikanubu ntakira vamwo?Ahubon nabajejwe iperereza eka nabandi bahurikiyehamwe baragisibije niyireta eka niyireta iraduhagaze kwizosi noneho agatoke kamenyereye gukomb kama gahese yanagutse ababikoze baragaruka biyonger imana ibaharire kuko ntibazi icobarikobarakora murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.