Accueil > Amakuru > u Burundi > Karusi : Isoko ya komine Bugenyuzi yahiye
Karusi : Isoko ya komine Bugenyuzi yahiye
jeudi 12 Ruheshi 2014
Isoko yo muri komine Bugenyuzi, intara ya Karusi yahiye iratokombera kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ruheshi 2014.
Ibidandazwa vyari bibitswe mu tuzu tw’imbaho muri iyo soko vyarahiye nka vyose, abadandaza bake akaba aribo bashoboye kurokora bimwe mu bidandazwa vyabo, ibitahiye navyo bikaba vyarasahuwe. Imvo n’imvano y’isha ry’iyo soko yo muri komine Bugenyuzi, intara ya Karusi turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Mu kurindira mwokwibuka ko iyo soko rigize kabiri ihiye mu kiringo kidashika n’umwaka umwe.
Egide Nduwimana
Messages
12 Ruheshi 2014, 08:35, par François-Xavier
Birababaje kubona iyo soko isubiy gusha kandi harimwo ibiharage n’imiceri vyaheruka kwimburwa n’ibidandazwa vyinsh vy’agaciro. Tugasaba Ko Hokorwa Amatohoza, Ababikoz Bagafatwa Bagahanwa. Turahojeje Abenegihugu Baraye Baburiye Ibidandazwa Mw’iyo Soko. Hanyuma Twosaba Ko Abadandaza Bokwiyandikisha Mu Mashirahamwe Yo Gushumbusha-ASSURANCES- kugira bagiz ibibazo baronke inshumbusho
12 Ruheshi 2014, 08:51, par Mahirwe.
Isha ryama soko kabaye akamenyero mu burundi barabe neza ubwo butegetsi burahava buba nkubwa farawo kuko ntivyunvika ungene abanyagihugu baguma bagira ivyago jewe ndabona ko hasigaye kuza inzige nazo::Mana babarira abanyagihugu kuko batazi ico bazira
12 Ruheshi 2014, 08:54, par SIHONDI Levis
HAHAHAHAHA ABARWANYA UBUTEGETSI BATOYE UBUNDI BURYO BWOGUCAFUZA IVYO LETA IKORA. ABAJEJWE UMUTEKANO BAKWIYE KURIKANURA, KUKO ICONACO MBONAKO ARINKIKIRWANISHO GISHASHA BATOYE!!!!!!!!!
12 Ruheshi 2014, 11:33, par kimana armand
Iryo ni ivumwe naho bamwe batavyemera
12 Ruheshi 2014, 15:27, par NDC
Umuntu yihweje iri sha ry’amasoko, biraboneka ko hari ababikora kandi bari n’ico bagamije. Kandi biraboneka ko harimwo intumbero za politique. Niyo mpavu hageze ko hagira igikorwa. Ariko abo babikora bararaba neza nibo bariko bisamburirako nk’impene haba mu migambwe yabo eka haba no muri politique yabo. Kuko akataretse kaba kisema.
12 Ruheshi 2014, 15:59, par Nwari
Iryo nivumwe.akataraza karinyuma imana ntishobora kwuva inge dotora ibigugu yara duhaye abanyabwenge ?tugakwirikira abicanyi imana nishobora kutwihaganira
21 Ruheshi 2014, 23:33, par ORCHARD BAHIZI FROM SHOMBO
IF I MAY ASK , WHAT CAUSE THE FIRE ON THAT MARKET?
BROTHERS AND SISTERS!!
YOU HAVE TO LOOK OUT THE PROBLEMS CAUSE OUR MARKET TO BE BURNED EVERYTIME.
I FELL SAD WHEN I GET SUCH BAD NEWS!
I REMEMBER A LONG TIME AGO, I USED TO GO IN BUGENYUZI MARKET FOR SHOPPING WITH MY BELOVED SISTER, THAT MARKET WAS FANTASTIC NICE!!
IMAGINE TO TRAVEL FROM SHOMBO TO BUGENYUZI, YOU KNOW HOW LONG IT IS!?
I WISH PEACE TO MY BEAUTIFUL COUNTRY!!
KARUSI AMAJAMBERA WISHES INCLUDING OTHERS DISTRICTS!.
2 Nzero 2017, 05:54, par ciza
mbega kuva ahoyahiriye bakora amatohoza gushikanubu ntakira vamwo?Ahubon nabajejwe iperereza eka nabandi bahurikiyehamwe baragisibije niyireta eka niyireta iraduhagaze kwizosi noneho agatoke kamenyereye gukomb kama gahese yanagutse ababikoze baragaruka biyonger imana ibaharire kuko ntibazi icobarikobarakora murakoze