Accueil > Amakuru > u Burundi > Karuzi : Ikigoyi kiri ku myango
Karuzi : Ikigoyi kiri ku myango
jeudi 15 Rusama 2014
Inyuma y’aho ikigoyi gitanguye kuvugirwa mu ntara ya Kirundo ndetse imwe mu miryango ikanahungira mu bihugu bibanyi, iyo nzara nyene iravugwa mu ntara ya Karuzi.
Muri iyo ntara ya Karuzi, ibidandazwa bikaba vyaduze rwose mu masoko, ivyo navyo bikaba vyoba vyatumwe n’igihe cabaye kibi, aho ibirere vyahindutse bica bituma umwimbu utifata neza. Ariko kandi n’umurwazo woba utasigaye inyuma, mu gutuma abanyagihugu ataco bimbura.

Ibiciro rero mu masoko, bikaba biteye ubwoba, kuko ikiro c’ibiharage kigeze ku 1300, ibigori vyahora ku mafaranga 300, ubu bikaba bigeze ku mafaranga 550, umuceri nawo ukaba wavuye ku 1300 uja ku mafaranga 1700, nayo igitoke cahora hagati ty’2500 n’3000, ubu kikaba kigurwa amafaranga 5000, akavumvu k’ibiraya kahora ku 4000 ubu atari ibihumbi 8000 ntiwirirwa urabaza.
Mukamenya ko abanyagihugu bavuga ko bagiye kwicwa na kigoyi, hamwe ibintu bitorerwa umuti kare.
Ariko kandi, umwimbu muke muri iyo ntara woba waratumwe n’ingorane y’umurwazo, aho bamwe mu banyagihugu bashora ibidandazwa bitarera. Imboga zo, ntizirirwa zirashikanwa mw’isoko, kuko zoba zigurirwa mu mabarabara zitarashika mw’isoko.
Aristide Nizigire
Messages
15 Rusama 2014, 14:57, par Tollo
Yoo none ko africa igeramiwe numwansi ariko aho muburundi birakabije gusa nkomeje gusengera benewacu nabashikanje bari mugitaramuka kumusozi wa nyarutovu. Bihangane vyumwihariko nabo muntara yose.imana irababona.
15 Rusama 2014, 16:11, par SIHONDI Levis
HAHAHAAAAAA, INZARA YATEYE. BAMENYESHA MAKURU TURONDERERE WAMUNYA POLITIKE YEMERERA ABARUNDI KO: AGIYE GUSESA AMARASO YIWE KUGIRA ABARUNDI BARYE GATATU KUMUSI HIHIHIIIIII. MUTERE AKAMO APFE WENYENE MUGABO ABARUNDI BENSHI TUBEHO NKAPARADIZO. HAMWE IVYO YOBIKORERA ABARUNDI NATWE MUKUMUTERA ITEKA TWOMUHAMBA KUKIBANZA CA REVOLUTION, HAGATI YA PARQUE NA MINIJUSTICE
7 Ndamukiza 2017, 20:15, par Eric Ngendahayo
None Ubu Ikaruzi Vyifashe Gute?Ntanzara Iriyo Ibigor Ikir Kigugwa Amafranga Angahe?Ikir Cumucer Kigugwa Amafranga Angahe?Ikir Ci biharage Kipugwa Amafranga Angahe?
7 Ndamukiza 2017, 20:51, par Eric
Muragiz Neza Cane Mugire Ibihe Vyiz Murakoz