IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Abakorera sendika STEB babiri batawe muri yompi

Kayanza : Abakorera sendika STEB babiri batawe muri yompi

samedi 14 Ruheshi 2014

Abaserukira sendika STEB muri komine Muruta na Gahombo mu ntara ya Kayanza bapfungiwe mw’ibohero rya komine. Bompi bafashwe n’abakorera igendereza mu ntara ya Kayanza, bakagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.

NYABENDA François na HABARUGIRA Anicet ni abanyamabanga ba sendika STEB muri komine Muruta na Gahombo mu ntara ya Kayanza. Batawe muri yompi kuri uwu wa gatanu, igihe bari batashe bavuye ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza, mu bikorwa vy’ugukosora ikibazo ca Reta co mu mwaka wa gatandatu.
Ku mutahe wo kubahagarika, hari handitse ko bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, bakaba bafatanwe mu masaho yabo rwa rwandiko (pétition) amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yashize ahabona, kugira umukono uterweko n’umuntu wese ashaka amatohoza ku bivugwa ko hari urwaruka rwahawe ibirwanisho, n’imwimenyerezo ya gisirikare yoba ikorerwa muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. NYABENDA François na HABARUGIRA Anicet nibo bashikiriza urwo rwandiko mw’ibanga ku muntu wese yipfuza kuruterako umukono mu ntara ya Kayanza.

NYABENDA François na HABARUGIRA Anicet bakorera sendika STEB muri komine Gahombo na Muruta, baraye ijoro ryabo rya mbere mu gasho ka komine Kayanza. Amakuru ava aho nyene mu ntara ya Kayanza amenyesha ko boba bahava bungururizwa mu rindi bohero. Bompi bakaba bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Tubamenyeshe ko iyo sendika STEB isanzwe nayo iri mw’isekeza "Vendredi Vert"


Egide Nduwimana

Messages

  • Abo bose bashaka guhungabanya umutekano nibahanwe bikwiye niho nabandi boba bagifise ivyiyumviro nkivyo bobona akarorero

  • Wewe wiyita obama uzugirimana ntuzomenyekane kuko iyaba haruwawe ahohotewe nkuko ntiwokwivugira iryowishakiye umenye nibaheza abatavugarumwe babobahindukirira namwe nimuringire ntiwasuba gukundwa Radjabu na ba manase muga ubu barihe wewe urimpwerume ndayisumire

  • Ubwobushirahamwe bumwebumwe ngo ntibuharanira ivyicaro muri reta uwuzobwishinga buzomuta mukaga! UMVA: KUGIRA IVYOMUSHOBOREKUBIKORA MUTEGEREZWA KUBANZA KUVUGAKO ABAJEJWE UMUTEKANO BOMU BURUNDI BAKENEWE GUHINDUKA MAZE MUKAVUGATI: TWEBWE ABOMURI SOSCIETTE CIVIL ABAJEJWE UMUTEKANO BOMU BURUNDI NTITUBEMERA TURAKENEYE KO BACANGWA NABO MURI SOSCIETE CIVIL UBWORERO BIZOCAVYOROHA KUKO PACIFIQUE NININAHAZWE,VITAL NSHIMIRIMANA, NABOBAHUJE UMURWI WITWA INJAVYI BAZOCA BARUNGIKA ABANTUBOGUCANGANA NIKIGISIRIKARE CUBURUNDI KIRIHO UYUMUSI. NIVYABARERO BITABAYE IVYO, IVYOMURIKO MURASHAKA GUKORA SIBIKORWA VYANYU NIBIKORWA VYABAJEJWE IMITEKANO MUBIHUGU VYU BURUNDI NA CONGO.TWEBWE RERO ABARUNDI UYUMUSI NTAWUNDI DUSHAKA KWASUBIRIRA IGISIRIKARE CIGIHUGU CACU KUKO BARASHOBOYE. BABAHAYE UMUTWE MUCAMURYANA NAMATWI KABISA!!!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.