IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Buramatari arasigura imvo zatumye amazu ya Zebiya Ngendakumana (...)

Kayanza : Buramatari arasigura imvo zatumye amazu ya Zebiya Ngendakumana abomorwa

jeudi 21 Myandagaro 2014

Ukubuza burundu ibikorwa vy’abayoboke ba Zebiya Ngendakumana vyabandanya kubera i Businde kandi amategeko yarabibujije, nico catumye amazu yari kuri uyo musozi abayoboke biwe basengeramwo abomorwa, nk’uko bivugwa na buramatari w’intara ya Kayanza.

Ivyo Canesius Ndayimanisha, buramatari w’intara ya Kayanza akaba abivuze inyuma yaho amazu yakira impfuvyi yari ku gasozi Businde Nyagatovu abomorewe, buramatari w’intara ya Kayanza ahagarikiye ivyo bikorwa. Avuga ko Reta y’Uburundi yiyemeje guhagarika burundu ingorane ziterwa n’abo bayoboke ba Zebiya Ngendakumana, bavuga ko baba bagiye ku gasozi keranda, aho uwo Zebiya yemeza ko abonekerwa na Bikira Mariya. Izo nyubakwa zoba zari zifise agaciri k’imiriyoni ibihumbi ijana, zikaba zabomowe mu ntumbero yo guca kubuza burundu abo bayoboke ba Zebiya Ngendakumana bahora bahagarara no ku misozi ya kure bakisunga izo nzu mu gusenga, nk’uko buramatari Canesius Ndayimanisha abandanya abivuga.

Buramatari w’intara ya Kayanza akavuga ko bazoguma bakorera hamwe n’inzego z’umutekano hamwe n’abayobozi ba Ekereziya Gatorika, mu ntumbero yo gufasha kugira akajagari gaterwa n’abo bayoboke b’uyo mukenyezi karangire, hamwe no gufasha abantu imitima yabo yamaze gutwarwa n’ibivugwa na Zebiya Ngendakumana isubire hamwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyo bintu buramatari wa Kayanza yagize ntibibaho mu gihe mu Burundi dufise ingorane nyinshi zitandukanye.Nn,ayo mazu yabomowe ntakuntu bari kuyareka reta ikayigarurira bakayagira amashure canke ibitaro?ubwo n’ubujuju burengeje igipimo.

  • IYOZABWONKO BIRABABAJE KUBONA ABANTU BIGISHWA IMANA IBONEKERA HARIYA GUSA MUSHAKA KUTUBWIRAKO ABIHEREZA IMANA TANZANIA, KENYA, RWANDA NAHANDI BATABON’IMANA KUBERA IMANA YIBERA I BUSINDE GUSA!?

  • "Izo nyubakwa zoba zari zifise agaciro k’imiriyoni ibihumbi ijana" ni ukuvuga amafaranga angana gute? amarundi canke amadollari canke amanyaburaya, ... Hoho yosobanura ko yayakura he? Mudutohoreze muduhe inyishu kuko jewe sinatahuye.

  • Mbe NYOKO wuracuritse muga mayina aba DD mweseeeee ubwenge bwanyu burabepfo

  • Mbe NYOKO wuracuritse muga mayina aba DD mweseeeee ubwenge bwanyu burabepfo

  • Mbe NYOKO wuracuritse muga mayina aba DD mweseeeee ubwenge bwanyu burabepfo

  • Ahahaha! Basha nubwo bamurwanya jewe ndumva aho hantu hari Imigisha!! Ayo ma milioni anganuko kose!! Naho batavuze ko ari amarundi canke ayandi!! Ikindi naco ko numva Ekleziya Katolika ifise uruhara runini mbega basha Zebiya yoba atwara Katolika Nyakuri!! Hahahahaah!!

  • Kirazira gukora mujisho ry’Imana aribo bakozi bayo, mbe abo bantu atawe bagirira nabi, babatinyira iki? iyabahaye izo miliyoni za mbere, ntizobura kubashumbusha incuro!!!!!! Ese kubahuka gusambura inzu n’ubukene bwugarije abantu, bamwe banyagigwa batagira aho bakika umusaya!!!!!! akamaramaza!!!!ndasavye Zebiya n’abarikumwe nawe, basengere igihugu c’Uburundi carinjiranywe

  • jewe DD irantweza ?imbere mwasega iwe nuwo Nusimana niyo yasenga!!!!none mumpfiki???abazi neza bavuga ibintu 2incambere ko mwamwiregako ngsabafashe kubasegera aranka% icakabiri mubakuru baba DD hari usashatse kumurongora rwazane imigisha myishi arabankira ?ko mutamushira mukasho??kuko muzi ko afise amabanga yanyu?????mwamenye ivyo mwenda mwagira zebiya nukumpfa kwurira .

  • Iyugiye gusegera umunyabyaha usanga abafise Ubuntu yarondeye vyagaciro akoresha mubungetengete bwiwe, ivyorero ubibonye ntuhezangubihe umuntunumwe uraheza ukabiswanyagusa ukanabiturira bibayengombwa, kubwivyo nubwodukenye ntitwobona izu abayigiyemwo iciboza ubwonko ngosuheze tureke abandobantu bayijemwo

  • ZEBIYA NGENDAKUMANA NIBAMUREKE ASENGE KUKO KWISI NTAWO WOBAZA IDINI YUKURI AYIKWEREKE KUKO TWESE DUSENGA DATA WATWESE WOMUMPISHO NABISABE ABABIJEJWE AKURIKIJE AMATEGEKO BAMUREKE ASENGE IMANA YIWE NABAYOBOKE BIWE MURAKOZE ICIYUMVIRO CANJE CARICO MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.