IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza: Imvura nyinshi yaraye yononye ibintu

Kayanza: Imvura nyinshi yaraye yononye ibintu

mardi 29 Nzero 2013

Imvura nyinshi y’urubura ivanze n’umuyaga mwinshi yarononye ibintu bitari bike mu ntara ya Kayanza k’umugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Nzero 2013.

Hari nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro aho imvura nyinshi irimwo urubura n’umuyaga mwinshi yagwa mu ntara ya Kayanza ikaba yatumye ibintu vyononekara.

Ibintu bitari bike bikaba vyarononekaye harimwo amazu,ibanki BCB,uburuhukiro bw’ibitaro vyo mu Kayanza,ububiko bw’ikigo co gutoza amakori OBR,ikibuga c’inkino co mu Kayanza hamwe n’amashengero atandukanye.

Abategetsi b’intara ya Kayanza bakaba bamaze gusaba ko abogira ico bafasha cose mu buryo ubu canke buriya bogikora.

Tubamenyesheko ibindi vyononekaye bitaramenyekana,bikaba biza kumenyekana mu masaha ari imbere.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.