Accueil > Amakuru > u Burundi > Kazoza k’u Burundi kari mu rwaruka-Petero Nkurunziza
Kazoza k’u Burundi kari mu rwaruka-Petero Nkurunziza
vendredi 28 Kigarama 2012
Mu gatondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 kigarama,i Ngozi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze inyigisho ku rwaruka,mu rwego rw’igikorane co gusenga no gushimira Imana categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu.
Mu gihe yariko aratanga izo nyigisho ku rwaruka i Ngozi mu gatondo ko kuri uyu wa kane itariki 27 kigarama 2012,mu rwego rw’igikorane c’amasengesho no gushimira Imana categuwe n’umuryango wiwe,umukuru w’igihugu yamenyeshejeko kazoza k’u Burundi kazova mu nguvu z’urwaruka rukiri ruto.
Umukuru w’igihugu yarababwiye kandi ko bategerezwa gutahura ko kazoza k’u Burundi kari mu minwe yabo kandi ko bategerezwa gukora bazi neza ico bagomba gushikako.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabandanije abamenyesha ko aribo bategetsi bazoba batwara igihugu mu myaka mikeya iri mbere rero ko bakwiye kuvyitegurira hakiri kare mu gutegura imigambi myiza ya kazoza. Yarabamenyesheje kandi ko bategerezwa gushiramwo uruhara rwabo ubu bafise uburyo kuko hari igihe bazohava bibaza kubikora bitagishoboka.
Kubwa Petero Nkurunziza ngo imyaka iheze na cane cane imyaka mirongo itanu iheze igihugu kironse intahe yo kwikukira n’imyaka ku rwaruka yerekana intango nshasha kugira nabo babandanye ibikorwa aho bigeze. Yabandanije amenyeshako intango yamaze kuboneka ariko ko hagikenewe inguvu nyinshi n’uruhara runini rw’urwaruka kugira ibikorwa vyamaze gutangura bibandanye neza mu ntumbero yuko igihugu c’u Burundi coba gifise ishusho nziza mu myaka mirongo itanu iri imbere.
Izo nyigisho zikaba zabereye mu nzu y’amanama iri mu nyubakwa y’intara ya Ngozi isanzwe irangururwamwo ibikorwa vyo mu bisata bitandukanye vy’iyo ntara ya Ngozi.
Mugisha Van Naris
Messages
18 Nyakanga 2016, 19:07, par NSHIMIRIMANA Jean de Dieu
Ndashigikiye cane iciyumviro ca nyakwubahwa umukuru wigihugu cacu kuburundi.jewe ndugwaruka gwo muntara ya Bubanza,turikukivi, ariko tumutey akamo nkumuvyeyi wacu ngo adufate mumugongo.kuko turafise inguvu umutwe nimigambi muga duhura nikibazo c’uburyo.