Accueil > Inkino > Kenya : Umukino mushasha utuma umuntu afata umubiri wiwe uko (...)
Kenya : Umukino mushasha utuma umuntu afata umubiri wiwe uko yishakiye
lundi 4 Rusama 2015
Mugihu ca Kenya akarere ka Mombassa, haheruka kugaragara umukino mushasha utuma umuntu afata umubiri wiwe ukwo yishakiye (sama martial arts).

Uwo mukino nk’uko tubibwirwa n’uwuwurongoye asanzwe ariwe n’umumenyereza wawo yitwa Gib Karani, avuga ko ushira hamwe imikino titatu (3) Kung fu, karate na Judo. Gib Karani abandanya avuga ko hariho ibintu benshi bibaza ko bidashoboka, ariko umaze kwinjira neza muri uyo mukino ugasanga bishoboka. Ivyo navyo ni nko gusimba ku buryo butangaje, guterura amaguru, ukayikorera ku mutwe, kurwanisha ibiti hamwe n’ibindi.
Avuga ko kenshi na kenshi yahora yibaza ko ivyo yahora abona mubanyagihugu bo mu bu Shinwa ko ari ukwanguha, ariko ubu kuri we biroroshe. Asaba abantu bose naca necane abana bato kuza muri uwo murwi, kuko ubu intara zose za Kenya hari indongozi z’uyo mukino, kandi yipfuza ko mu karere k’ibihugu binini vyose ahereye mu Burundi hotangurwa imirwi yigisha uwo mukino.
Mwomenya ko Gib Karani ariwe yatew’ iteka ryo gukwiragiza kw’isi uyo mukino sama martial arts.


Bill Nkurunziza