Accueil > Amakuru > u Burundi > Kenyatta:" Abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi bemeye gukorana nayo mu guteza (...)
Kenyatta:" Abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi bemeye gukorana nayo mu guteza imbere igihugu"
dimanche 6 Nyakanga 2015
Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenya, amenyesha ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi bemeye gukorana na Reta mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.
Uhuru Kenyatta yabishikirije inyuma y’ibiganiro yagiranye n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi akaba n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Pascal Nyabenda,ari kumwe na Rwasa Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka mu rugendo bagize mu gihugu ca Kenya.
Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yavuze ko yaba Pascal Nyabenda canke Rwasa Agathon,bamubariye ko impande zose zemeye gukorera hamwe zigashira imbere iterambere ry’igihugu,baca basaba igihugu ca Kenya kubafasha mu bikorwa vyo gusubiza hamwe.

Abicishije ku mirongo ngurukanabumenyi ziwe za Facebook na Twitter, yavuze ko yababwiye ko igihugu ca Kenya citeguye kubafasha mu bikorwa vyose bifise intumbero yo kugarukana amahoro mu Burundi,kandi ico akarere kipfuza ari Uburundi bufise amahoro.
Yijeje kandi ko abakuru b’ibihugu vy’akarere biteguye gufasha Uburundi kugumana amahoro ariko ko igikorwa nyamukuru kiri mu minwe y’abarundi bonyene ubwabo.
Ibibazo vya politike vyatanguye kwibonekeza mu Burundi mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza,umugambwe CNDD-FDD ushize imbere umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ngo awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.
Van Naris Mugisha
Messages
6 Nyakanga 2015, 17:00, par NZIRUBUSAETIENNE
NIMBA BAHISEMWO KUBAKA NIBABIKORE KUNEZA YIGIHUGU NABAKIBAMWO ATARI KUNYUNGU ZABO CANKE UGUSAMAZA.
6 Nyakanga 2015, 17:03, par Ntinu
Mbega Agasema Kenya Uriyemenje Kufasha Uburundi Reka Kuduhenda Namwe Barabafasha Reka Kuduhenda Kuko Twebwe Turagowe
6 Nyakanga 2015, 17:04, par Gea
TURABAKEJE MURI ABAGABO.
KOMERA
6 Nyakanga 2015, 17:17, par Dodo
EWE GWASA ABA DD BAGUHINDUYE UMUHORO WO GUTEMA ABATAVUGA RUMWE NA LETA.BABAMAZE MENYA NAWE KOBAZOKUMESA.URIGITO.URATEYE ISONI.
6 Nyakanga 2015, 17:22, par Cikinoris
Mbega Agasema Kenya Udasema Uburund Nawe Urisema Uzi Ibibazo Uburund Burimw ?Ngo Uzobufasha Reka Ntuduhend Kuko Tugeze Ahatemba Namakungu Yaradukuyeko Ibiganza Gerageza Ntumbaze!
6 Nyakanga 2015, 17:25, par Ndikuriyo
Ko muguma mwiruka mukwiragira hose nka Gahini namaki? Gwasa usangwa aserukira abatavuga rumwe nabo tubona barikumwe bahejeje Abantu babica none mugomba iki? uko niko abandi batwara igihugu? Kuvuga meshi siko kuyamara!!
6 Nyakanga 2015, 17:29, par freedom
nukuritureke kubeshanya uhuru kinyatta nawe nyene amashamba aramushuhanye murugo iwe nawe nyene yamayiteze nawe kunfashanyo zivahaze uhuru kinyatta nyene yabibwiriyeko ikibazoko kiri muntokizacu abarundi mwiruka mufatizira go harivyomugiye kuronde ibih?.birateyisoni kwiterambere twaritumaze gushikako ryasubiyinyuma nkibirege kuberimagazanyu zituzura ntimwokwicarana mukaganira mukareka kuduhohotera twebwe bene gihugu tukigirir amahoro.murateyesoni pe
6 Nyakanga 2015, 18:03, par musaga
Kenyata ni umugabo. Politique y’uburindi ni umwana abona ko iri munzira nziza keretse abamenyereye kumena amaraso nka Sinduhije, Niyombare, Pacifique, Nyangoma,...bagendera mukwaha kwa ruhagwa Kagame.
6 Nyakanga 2015, 18:29, par mutama
izondongozi zitorewe n’abanyagihugu nizibandanye akazi bareke babandi birigwa barakwiza ibihuha,naraye mbonye na Nduwimana yaramaze iminsi muriamerica newyork,nimubandanye ikivi, mureke abari mumajambo gusa, basigaye batwarira kuri facebook na whatsap nakare amakungu yatanguye kubapfunga kubera atabemera.
6 Nyakanga 2015, 19:23, par omar
erega si kinyata gusa abona ukuri n’abandi barabibona ariko bakavyirengagiza.kagame igituma atavyumva nuko yuzuye amacakubiri acayitwaza ngo mu burundi ngohatwara abahutu.mugabo tuzomurwanya kandi tuzomutsinda.ntankeka.
6 Nyakanga 2015, 19:56, par Rudodi
Ibiganiro Nivyo Soko Yiterambere!
6 Nyakanga 2015, 20:53, par mwene harimesj
Komera batama A. Rwasa na P. Nyabenda mukomeze umwumvikano abarundi twishakira amahoro, abo nabo bari kujebajeba munani na bakirondera reta zimfata kibanza mu biganiro bazokwibuke kuvyuka bwabacanye. Dukeje nyakubahwa U. Kenyatta mugikowra yakoze nukubatahura akavuga Nuko igiye kubishira mungiro. Hangama burundi abonabo bashaka ayandi matora bamanze barabe ko abanyagihugu barinyuma yabo conzi co ntabotuzotora baturonderera ibohano ngo nihoboshikira ubutegetsi.
6 Nyakanga 2015, 21:05, par Nsengiyumva
Abarundi Twebwe Dukeneye Amahoro Gusa Akikorera Akazi Kiwe Mumutekano Ntangere
6 Nyakanga 2015, 21:07, par Nsengiyumva
Abarundi Twebwe Dukeneye Amahoro Gusa Akikorera Akazi Kiwe Mumutekano Ntangere
6 Nyakanga 2015, 22:55, par bacherier
kenyat ashobora kuba yihenze mukwita agathon ngo ni uwutavuga rumwe na leta y uburundi.aheruka inzira muci. ubu abatavuga rumwe na leta tuzi ni abo kwa nyangoma. abo nibo dukeney kwumva ivyo bemeranije na leta yuburundi ihari ubu.
6 Nyakanga 2015, 23:00, par bacherier
kenyat yabesh kuku rwasa ntakiri mubatavugarumwe na leta
6 Nyakanga 2015, 23:27, par None?
Aboba nyenicubahiro tubarinyuma twese abarundi.
7 Nyakanga 2015, 01:53, par Munyagihugu
Uhuru Kenyatta bamuciyemwo kabisa. Ngo abatavuga rumwe na Leta kandi iyo delegation yarimwo abo muri Leta gusa? Rwasa avuga rumwe na Leta co kimwe na Gaston Sindano.
Abatavuga rumwe na Leta ni abo kwa Nyangoma, abo kwa Niyombare, abo kwa Radjabu, abo kwa Nzabampema, abo kwa Nyambariza, ...
Nimba Kenyatta atahenzwe ariko arakina n’umuriro mu gushaka gushigikira Leta ya Peter kuko amakungu azomufata nk’uwushigikiye ivyaha bikorwa na Leta ya nkurunziza. I La Haye Kenyatta baramubabariye ariko sinzi ko Nkurunziza azoharokoka.
7 Nyakanga 2015, 07:42, par kariyo
None Abatavugarumwe Na Leta Y’ Uburundi. Harimwo N. Abakenyan? Uwo Kenyatta Niwe Muvugizi?
7 Nyakanga 2015, 08:40, par mututsikazi
Kenyata areba kure. Perezida ni umwe akaba yitwa Nkurunziza.
7 Nyakanga 2015, 10:12, par Ndaca
Komera Mutama Nyabenda Na Rwasa Tubari Inyuma Nayo Abagomba Gusambura Igihugu Ntantambwe Bazoduterana.Muri EAC Ni Kagame Wenyene Asigaye Ataraja Kumurongo Nawenyene Muzomwumvishe.Komera.
7 Nyakanga 2015, 10:19, par Ndacayisaba
Komera Mutama Nyabenda Na Rwasa Tubari Inyuma Maze Mushire Kumurongo Na Kagame Kuko Muri EAC Niwe Asigay Ataraja Kumurongo,nayo SINA HEAD(SNARED) Yoyo Ntantambw Izoduterana.
7 Nyakanga 2015, 13:49, par mahoro
asante sana muheshiwa uhuru mwigai kenyatta kwa upendo unaopenda nchi ya burundi na africa kwa jumla. sisi wa africa tunakuunga mukono baada ya mandela sasa wakati ni wako kuongoza africa and god bless you so much.
7 Nyakanga 2015, 15:01, par mahoro
tubaye turagukeza nyakwubahwa gwasa agthon twebwe abahora batavuga rumwe na leta kuko wadushize hamwe kugira twubake uburundi imana iguhe umugisha kuko twari twarahenzwe na sinduhije na nyangoma bamwe muri twebwe bara mesuwe.
7 Nyakanga 2015, 15:55, par Nasisi wa Tanzania
H.E presidnt wa nchi ya Kenya Uhuru Kinyatta, asante sana kwa wupendo unaopenda nchi ya Burundi, na sisi wa Tanzania tuna kuunga mkono too’
7 Nyakanga 2015, 15:58, par GUY MAX
Barahumba amahoro ntazogaruka nkurunziza agitwara uburundi kuko amahoro y’abarundi yazanywe na arusha
7 Nyakanga 2015, 16:02, par ROMEO
Barahumba amahoro ntazogaruka nkurunziza agitwara uburundi kuko amahoro y’abarundi yazanywe na arusha
7 Nyakanga 2015, 19:25, par fidelite
@ndacayisaba
C’est trop fort sina head,urantwengeje genda,nivyo ni ibita mutwe,ntiwabonye nya bigugu biriko bivuga comme des imbeciles,onesime yigira un grand economiste yamaze 10 akavaho yivye,atwigisha ivyo badukeneyeko mu karere nawe ataco yadusigiye,uwo ntarumva ni rufyikiri ,ces abruptis iryo terambere babonye ryari ko rikenewe ko ata numwe yashitse akoresha diplome yiwe ngo ateze imbere igihugu,nka rufyikiri yafashije iki abarimyi ko ariyo base ,bose ko birukangira mu yandi ma postes umwe wese ashaka kwi positionna,bose peter yarabahinyuye kare abaterera hanze,qu’ils la ferment ces cons bashaka kutumarisha na coup d’etat ,ahubwo ntibazodutwarana naho abazungu bobashiraho tuzobiyicira twebwe nyene ces idiots.
7 Nyakanga 2015, 21:07, par Elvis
Nukuri Birababaj.Nukuvugako Akarere Kose Kamaze Kuja Muminwe Ya Satani.Mbega Udakurikiza Ivyo Wumvikany N’abandi,amabwirizwa Y’imana Ntaco Aba Akivuze Imbere Yawe ,kuko Niyo Mategeko Nkomoko Yayandi.Nico Gituma Basigaye Bakaraba Amaraso Yabarundi Kugira Barye Ivyagenew Abarundi Bose Atacamira.Abasenga Muze Dutore Um6 Wokwisonzesha Knd Izoduha Inyishu Nkuko Yishuy Basokuru.
7 Nyakanga 2015, 21:17, par Hutsi
Romeo, ushatse kugerakuki? Umwanyumwe wiyise Romeo, uyundimwanya wiyita Guy Max. Washatse kugerakuki? Hanyuma ngontamahoro azoboneka uburundi bugitwarwa numuntu afise agasanira kubuhutu!? sinovuga ngumuhutu kuko nyenicubahiro nkurunziza nikivyarwa. yase abahutu yobayase ise yase abatutsi yobayase nkina yamuvyaye akamugoranwa nunomusi akiriko.
8 Nyakanga 2015, 17:34, par fidelite
@munyagihugu
Rwasa ari muri leta kandi ntavuga rumwe na reta c’est le plus important, ni we yari akenewe comme opposant,abandi non seulement ntibagiye mu matora,en plus ntibari no mu gihugu,ntawobarindira dawe ga nibabe bara voyagea twebwe tugume dukora.