IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Kim Kardishian yahindutse umunyasamariya w’ikigongwe

Kim Kardishian yahindutse umunyasamariya w’ikigongwe

vendredi 22 Munyonyo 2013

Uwo muririmvyi w’umufaransa ntaworeka kuvuga ko afise umutima w’ikigongwe. Uwo ariko agurisha igice kinini c’impuzu ziwe kugira afashe abacitse kwicumu muri ca guhuhusi Haiyan catikiza iganda muri Filipine. Ariko azigurisha kuri e
eBay, ibice cumi kw’ijana 10% bizohabwa ishirahamwe rifasha imbabare.

Nk’uko urugo rwa David Beckham na Victoria batanze hafi impuzu zabo zose ku murwi utabara imbabare Croix Rouge, n’abindi bihangange vy’abaririmvyi nka Kim Kardashian nawe yafashe ingingo yogutanga impuzu ziwe zose eka n’ibindi vyofasha izo nduhe.

Uwo yimirije kwubakana na Kanye West yateguye igurisha camunara kuri eBay (inzu n’ishirahamwe ry’abaguzi n’abagurisha bashimye gukorera hamwe), avuga ko igice c’inyungu kizohabwa ishirahamwe International Medical Corps ririko rifasha abacitse kwicumu.

Hari ibitwenza muri ukwo gufasha kw’uwo mu Nyasamaliya w’imbabazi, bagiye kuraba ibiharura vya Kim muri eBay basanga ibice cumi kw’ijana 10% vy’inyungu gusa arivyo bija muri rya shirahamwe ririko ryakira izo mfashanyo. Ayazosigara havuyemwo ayo kuzitwara n’ayandi yagiye akoresha azoca ashira k’uw’inyuma. Ijana ntiryanka mu rindi, amatungo yiwe agereranya mu miriyoni mirongo ine z’amadorare. Ku murongo ntangazamakuru wiwe, Kim yanditse ati : « ibisabisho vyanje n’ivyiyumviro vyanje biri ku bagowe basigajwe naca gihuhusi, ubu bari mu kangaratete. Genda murabe igurisha ca munara nagize kuri eBay hama mufashe abariko babambaza muri Filipine».

Gashobora kuba ari akaryo keza ku bakunzi ba Kim kugira bace bagura impuzu yambawe n’ico gitangaza mu muziki. Kugira agwize abagura yaciye asohora n’amafoto aho yiyerekana yambaye izo mpuzu, bashobora kuzigura kubera babona zari zimubereye. Amakanzu ya Kim arazimvye cane. Ngibi ibiciro vya zimwe muri zo :ikanzu iri mw’ibara ry’umuhondo ifise iharama (marque) ya Stella McCartney igurwa amadorali 148,50, iyindi iri mw’ibara ry’akatsi gatoto ifise iharama olive Givenchy igurwa amadorali 162,50, agashati kiwe ka Dolce&Gabbana kuri 85 y’amadolari.

Uwumva rero yogura izo mpuzu za Kim Kardashian hama akazirungikira abo bagowe muhawe kaze gushika itarike 01 Kigarama, murashobora no kurungikira i cheque ishirahamwe Croix Rouge.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.