IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kinama: Kuronka ikibanza mw’isoko ntivyoroshe

Kinama: Kuronka ikibanza mw’isoko ntivyoroshe

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Abadandariza ibintu bitandukanye iruhande y’isoko ya Kinama ngo bahura n’ingorane nyinshi kugira bashobore kubaho. Isanganya ry’isoko nkuru ya Bujumbura ryo ryaje gusongera isibe.

Hari abadandaza batari bake bakorera hirya no hino n’isoko yo mu Kinama kuko batashoboye kuronka ibibanza mw’isoko.Ivyo rero bikaba vyari bibatunze bikabatungira n’imiryango yabo batarinze gukora ibikorwa bigayitse kugirango bashobore kubaho ngo narirya n’ubuzima busigaye buzimvye.

Ivyo bikaba vyemezwa na bamwe mu badandaza bavuganye n’ikinyamakuru le Renouveau. Abo badandaza bavuga ko naho bari mu bibanza batahawe n’uwurongoye iyo soko bariha amakori. Ku kibazo c’uko badandariza mu bibanza bitemewe n’amategeko, bavuga yuko atahandi bafise bodandariza kandi bategerezwa gukora kugirango bashobore kubaho. Ikindi gituma bataja mw’isoko ngo ni kubera ibibanza bizimvye, udafise umutahe munini ngo woca ukorera guhomba.

Ingorane nyamukuru bafise muri kino gihe ngo n’uko ababagurira ivyo bidandazwa bagabanutse cane ubu rero ngo bamwe muri bo birigwa kuzuba bagataha bataronse n’amafaranga yo kugura ivyo biririgwa. Kare ngo barashobora kudandaza bakaronka amafaranga bakoresha muvyo bakeneye vyose kugirango babeho ariko ubu ivyo ngo bikaba bitagishoboka ngo uwugize Imana akaronka na dukeye arashima.

Abandi nabo bavuga ko ugusha kw’isoko nkuru ya Bujumbura kwatumye igitigiri c’abasuma ciyongera kuko abahora bikorera imizigo canke bagakora ibindi bitandukanye mwisoko nkuru ya Bujumbura batakironka ico bakora, kandi n’abasuma bahahora ngo baciye bimukira ku zindi soko.

Ubu rero uko ibintu vyifashe ngo biragoye gutandukanya abaguzi n’abasuma, arico gituma abadandaza n’abaguzi bategerezwa ku hagabira.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.