Accueil > Amakuru > u Burundi > Kiremba : Abahabwa imfashanyo za PAM basabwe kuba bafise ikatara (...)
Kiremba : Abahabwa imfashanyo za PAM basabwe kuba bafise ikatara karangamuntu
lundi 8 Kigarama 2014
Musitanteri wa komine Kiremba yafashe ingingo ko abanyagihugu bo mu miryango yaba ntahonikora badafise amakarata karangamuntu, batazosubira guhabwa imfashanyo zitangwa na PAM ku bana bafise ingwara zijanye n’ugufungura nabi.
Komine Kiremba y’intara ya Ngozi, ni hamwe mu hantu ishirahamwe PAM ritanga imfashanyo y’indya ku miryango yaba ntahonikora ifise abana barwaye ingwara zijanye n’ugufungura nabi. Mu gihe hariko habandanya igikorwa c’ukwandika abanyagihugu bazokwitaba amatora mu mwaka w’2015, musitanteri wa komine Kiremba, Gerevasi Miburo, yafashe ingingo ko abanyagihugu bagiye kuzoronka izo mfashanyo ari uko babanje kwerekana ikarata karangamuntu.
Gerevasi Miburo asigura ko ari kugira bahamagarire abo banyagihugu kwitaba igikorwa c’ukurondera amakarata karangamuntu ku bwinshi, akaba ari navyo vyatumye benshi muri abo banyagihugu bijukira kuzirondera kubera iyo ngingo yafashwe na Gerevasi Miburo, musitanteri wa komine Kiremba yo mu ntara ya Ngozi.
Egide Nduwimana
Messages
8 Kigarama 2014, 12:07, par rwarakabije
imperuka yisi yageze aho udafite ikarita 666 atazahaha , gusuma cg gufashwa.muragabe byatangiriye i burundi muri KIREMBA.Muragabe barundi bi kiremba
8 Kigarama 2014, 12:07, par rwarakabije
imperuka yisi yageze aho udafite ikarita 666 atazahaha , gusuma cg gufashwa.muragabe byatangiriye i burundi muri KIREMBA.Muragabe barundi bi kiremba