Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirengane : Bantahonikora bafashishijwe ibirato n’ibindi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirengane : Bantahonikora bafashishijwe ibirato n’ibindi

Kirengane : Bantahonikora bafashishijwe ibirato n’ibindi

lundi 7 Gitugutu 2013

Abanyagihugu bo muri komine ya Rugazi ku musozi wa Kirengane bahawe imfashanyo igizwe n’ibirato, impuzu z’ishure ku banyeshure n’umuceri hamwe n’ibitenge, ivyo vyose bakaba babironkejwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Abanyeshure bashika ku majana atanu nibo baronkejwe iyo mfashanyo igizwe n’impuzu z’ishure, ibirato vy’ukwambara, mu gihe abandi 298 bagizwe n’abapfasoni bageze mu zabukuru nabo, baronkejwe ibitenge vy’ukwambara. Abandi banyagihugu nabo, bagizwe na bantahonikora, baronse umuceri ugizwe n’ibiro icumi. Iyo mirwi yose y’abantu, ikaba yagaragarije umukuru w’igihugu, umunezero bafise, inyuma y’uguhabwa iyo mfashanyo.

Umukuru w’igihugu kandi, akaba yabandanirije ico gikorwa ciwe c’ugutanga imfashanyo mu bice vya Gako, Kibuye na Kirengane mu makomine ya Musigati na Bubanza. Igice kinini rero c’abagiye bararonswa izo mfashanyo, kikaba kigizwe n’abanyagihugu bagiye barahura n’ingorane z’uguhunga, n’izindi ngorane iyo ntara ya Bubanza yagiye irahura nazo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.