IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Hibonekeza abava i Bujumbura bahungira mu Rwanda

Kirundo : Hibonekeza abava i Bujumbura bahungira mu Rwanda

dimanche 26 Ndamukiza 2015

Abahungira mu gihugu c’Urwanda biyongereyeko incuro zitatu, kuva kuri uyu wa gatanu w’iy’indwi.

Abo barundi baguma bahunga bakavuga ko batinya ibiringo vya Petero Nkurunziza. Abo barundi batanguye guhungira mu gihugu c’Urwanda kuva mu kwezi kwa Ntwarante, abo bahunga bavuga ko batinya ibirwanisho vyahawe urwaruka rw’Imbonerakure, ikarashish rikorwa n’urwo rwaruka rutera ubwoba abanyagihugu, bavuga ko bazobamesa, bazobakeba, bazobashiririza, n’ibindi.

Uretse ko abahunga ku bwinshi bari abo mu Buraruko, ubu mu Burere butandukanye bw’igihugu abahunga bakaba bibonekeza. Aha tukaba twobamenyesha nk’intara ya Makamba mu Bumanuko, Cibitoke n’ahandi. Abava mu gisagara ca Bujumbura, ku va kuri uyu wa gatanu, bakaba bibonekeje ku bwinshi baca mu Kirundo, kugira binjire mu gihugu c’Urwanda. Abahunga cane, bikaba vyaboneka ko ari abagore hamwe n’abana.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.