IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Impari zirabandanya ku ntonde z’abazokwandika abatora

Kirundo : Impari zirabandanya ku ntonde z’abazokwandika abatora

mardi 18 Munyonyo 2014

N’aho intonde z’abazokwandika abazotora mu ntara ya Kirundo zasubiriwemwo, impari ziracari nyinshi ku banyagihugu bemeza hagiyemwo nkunzi mu gukora izo ntonde. No mu zindi ntara basaba umurwi CENI ko abagize CEPI na CECI bosubirwamwo habanje kuba umwumvikano.

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi mu ntara ya Kirundo, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu ntara ya Kirundo, yaragaragaje amakenga yayo mu ntonde z’abahawe akazi ko kuzokwandika abazokwitaba amatora ategekanijwe mu mwaka w’2015. N’aho izo ntonde zasubiwemwo mu ntara ya Kirundo, ukutavyumva kumwe kuracibonekeza muma komine ya Ntega, Bugabira, na Bwambarangwe. Abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri ayo makomine, hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike basaba ko hotunganwa ibiganiro, hakajaho imirwi itegura amatora, hamwe n’abazokwandika abatora bumvikanyweko n’impande zose.

Mu ntara za Muyinga, Karusi, na Gitega, naho nyene abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, bamenyesha ko imirwi CECI itegura amatora muma komine yakoze intonde z’abazokwandika abatora yisunze ka mwana wa mama, canke abari mu mugambwe uri ku butegetsi, bagasaba ko izo ntonde zosubirwamwo habaje kuba umwumvikano.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ni basubiremwo,nkanj naratangaye kubona nasanz ba3 nt’abazi ndabarusha diplome twarahavukiy turahakurira,abo bandi ntazi n’iyo bava,nshomereye imyaka hafi itatu.exactement àkayenzi-muyinga!N’amatora bica biboneka k’azibwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.