IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : INTERBANK yasahuwe urukombamazi

Kirundo : INTERBANK yasahuwe urukombamazi

dimanche 8 Ruheshi 2014

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bari babikije udufaranga twabo muri INTERBANK ngaho mu Kirundo, kuri uwu wa mungu bazindukanye amakenga y’uko amafaranga yabo yoba yasahuwe n’abasuma bateye ahakorera iyo banki.

Amakuru ava mu ntara ya Kirundo amenyesha ko abasuma karuhariwe bateye INTERBANK mu Kirundo, basahura mu mutekano udasanzwe amafaranga yose yari abitswe muri iyo banki. Nk’uko bivugwa, abo basuma boba babanje kuboreza n’ibiyayura mutwe (Drogues) abaporisi babiri n’umuzamu b’ahakorera INTERBANK mu Kirundo. Gushika mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, aba bacungera iyo banki bahawe ibiyayura mutwe bitaramenyekana ubwoko bwavyo, bari bakirambaraye bataratora ubwenge, hakabamwo umwe muribo vyavugwa ko ashobora n’ukwitaba Imana kubera yoba yahawe ibiyayura mutwe vyinshi kurusha abandi.

Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Kirundo, ari kumwe na buramatari w’iyo ntara n’uwujejwe igiporisi binjiye muri iyo banki kwirabira ivyahabereye, abanyagihugu nabo bakaba bari bagandagaje impande y’iyo banki, bakavuga ko ari umubabaro udasanzwe kubona udufaranga bari babikije twasahuwe. N’aho igitigiri nyezina c’amafaranga yibwe n’abo basuma kitaramenyekana neza, amakuru ava aho mu Kirundo avuga ko amafaranga yose yari abitswe muri banki yasahuwe urukombamazi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Uburero kobirukwo, nukurondera uburyo bwokuza haraba comminication hagati yaba polisi barinda ama banki naba polisi bariri kuma kambi, maze iyo comminication ikaziraba buri minuta irimusi ya 30 mazi bakababafise imugo bakoresha kumusikumusi yokubwirana ko ahobaherereye aramahoro, kandi imvugo bakoresheje uyumusi ejo ntibariyo isubira bakarondera iyindi. Mbega guhamagara buri minuta irimusi ya 30 vyomariki? Icovyomara nuko abandi ba polisi barimuntara canke mugihugu bashobora kubwirana ata ibintu kwi banki runaka bishobora kuba bitifasheneza noneho mukipanga ukuntu mwogota iyo commune yose yariherereyemwo iyi bank. Ndabasavye mureke kuza muratereranya aba polisi mwarungitse gucunga i bank ngomucemwibaza ngo nahejo’ oyanukuguma mubanzabatwi iyobagenzibanyu bari canecane kubari kuma banks mutibangiye nokuguma mubanzamatwi kuri babazamu bacungereye utunzu twabarwizatunga baba abarwizatunga bomurwego rwohejuru canke abomurwego ruto, abobose barakwiye guhabwa inyigiho yukuntu polisi ishobora kumenya ko ahobari haramahoro, ivyorero mwabipanzeneza vyogabanura nabamwe baza bagafata mpiri umuzamu bakamubwira ngo ushaka amahoro dufashe gushomba ivyodushaka vyose umuzamu akabafasha atabishaka peee! ariko hariho comminicetion hagati yabacungera ama banks na maduka abajejwumutekano wabanyagihugu vyoborohera kumenyako hobaharihahantu bitifasheneza noneho bagakoresha ivyobize kugira bamenye ukwibintu vyifashe ahobiketse kovyobabitameze neza.

  • NDAVYE AHO INTERBANK IRI N URUJA NURUZA RWABAJEJEWE UMUEKANO BIRATANGAJE YEMWE...!!!!nI HAFI Y AMA POSITIONS MENSHI ..YEMWE REKA TURINDIRE ARIKO BITEYE AMAKENGA .......NZOBA NUMVA....IBB ITEGEREZWA KURIHA ABA CLIENTS IVYO NTIBIFATA ABA CLIENTS DATA WE ...

  • Ariko ibiriko biraba kuriyi reta nukuri kuva uburundi bwitwa uburundi ntivyigeze biba nukuri nibihanure basahure amabanke baturire amasoko none bazosiga iki?? Nibihanure nukuri

  • NA GIHAHE NA ADOLPHE NIBAFASHE KUKO BARO FORTS MU MATOHOZA NO GUKORESHA ABANTU !!!!KUKO IBB IRI AHABONA KUBURYO ATARI UKUGAMBANA BIREBIRE DES SIMPLES BANDITS BOFATWA BUGICA!!!!!BWARI IKINDI MUGENZI...

  • Iyi reta inzirazose bamwenabandi bakarondeye zokuyisuzuguza usanga zidakunda, nonenkuyu avuze ngo ibiriko biraba kwiyi reta ashaka kwerekanako abasuma nkabobaraye bivye kwi banki ya Interbank atanahamwe kw’Isi biraba mbesewewe akaca yemezako reta ariyoyiyivye none imvugonkiyo wibaza harico izokufasha guhindura ibintu? Rekandakubwire noneku mumenyeshamakuru wa BBC wumurundi akorera mubwongereza baraye bamwivye ipine yimodoka wocuvugango reta canke baryaba polisi banyurangana mwakiryagisagara burimunota kwaribo bivye iryapine? Rindira mumisi ahuzosangira abivye kwirya bank arincutizawe nihuzobonera ko watayumunywa.

  • UMVA BMUKOBWAJANA NO MURI CAMP BARAHIBA KIRETSE MURI BANK.AHUBWO NUKUJA KUMAVI TUGASENGA NAHUBUNDI IBITARAZA BIRI INYUMA KUKO UKO ITERAMBERE RIZA RIZA MUBICE VYOSE UBUSUMA BURI KWIYI SI BURENZE UKWEMERA,BASIGAJE KWIBA SOCKS BATAGUKUYE IBIRATO,

  • Ayo ni amarementanya akibandanya kugire bateranye Leta n’abanyagihugu. Bisubiye, nibaza ko iturirwa ry’amasoko n’ubunyonyezi bw’amabanke n’amaposita vyari mu nteguro y’abo bangushi mu kwiyamiriza no kuvuga nabi urwaruka rwa CNDD-FDD. Uko mbona kandi vyashirwa mu ngiro, Leta ikwiye guhimiriza abanyagihugu bose, na cane urwaruka rwose rwitabe ibikorwa vy’iterambere no gutesha izo nkozi z’ikibi aho ziri hose. Umugani wo ku ntwaro MPORONA, harageze ko ya NYABUTATU ija mu ngiro 24H sur 24H et, pourquoi pas INYABUTANU?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.