Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Kirundo : Kubera ’’UMURWAZO’’ yararimye ariko asanga umugabo yabidandarije ku (...)
Kirundo : Kubera ’’UMURWAZO’’ yararimye ariko asanga umugabo yabidandarije ku gahinga
mercredi 21 Rusama 2014
Umurwazo uragisibije mu ntara ya Kirundo, aho iyo ngeso iri mu zituma umwimbu ugabanuka, ndetse uwo murwazo ukaba utuma n’inzara ivugwa mu Kirundo yiyongera, aho kugabanuka.

Muri komine ya Bugabira ku musozi wa Kigoma, umupfasoni Mukandutiye yararimye ariko ntiyashoboye gusarura nk’abandi. Yasanze Misago, umugabo wiwe, uduharage twari mu murima yaratugurishije kubera umurwazo, aho umurima w’ibiharage bita Jaune (umuhondo) vyose yarahejeje kubidandaza. Ubu uwo mupfasoni Mukandutiye akaba azobisarura, abihure, ariko akaba atazobika mu nzu, kuko bizoca bitwarwa n’abo babiguriye ku musozi.
Nk’uko amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Kirundo abivuga, mu matohoza bagize, ikiro c’ibiharage kigurwa amafaranga ari hagati y’amajana abiri n’amajana atatu mu gihe c’umurwazo. Iyo vyeze ikiro kikagurwa amafaranga arenga igihumbi. Umupfasoni Alice Mukandanga, umwe mubari muri ayo mashirahamwe ndetse akurikiranira hagufi ibijanye n’iterambere mu gisata c’uburimyi mu Kirundo, akavuga ko abantu bifise harimwo abadandaza, abafise ubuzi bwa Reta n’abandi, aribo bavugwa cane muri ako kaga k’umurwazo.

Mukamenya ko imwe mu miryango isaba umurwazo kugira yivuze, igure uduhuzu two kwambara, abandi bakanasaba nya murwazo kubera ububegito, bayatwara kwinywera inzoga. Abanyakirundo rero, bagasaba Reta ko yobafasha, kugira haboneke ibanki y’abanyagihugu, iyo nayo ikaba yosahiriza mu kubaha ingurane bahuye n’ingorane.
Aristide Nizigire
Messages
23 Rusama 2014, 16:38, par mugwaneza adrien
jewe mba mw’ako karere kandi n’uwo mugabo ndamuze mbere ni uwo mumuryango ingorane afite n’uko atipfuza narimwe kuba yobaho atanyoye inzoga, inzara nayo ntawovuga ko idahari, vyukuri imvura yaguye kumutumba umwe nah nyene irwira indengagihe, ahubwo uwogira ico afashije yofasha, mw’ishirahamwe ASEROV bariko baregeranya infashanyo namwe mworaba mugakomangira amashi kirundo kuko iragowe,