Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubusaza > Ku myaka 117 asaba Obama kumumarira urubanza
Ku myaka 117 asaba Obama kumumarira urubanza
jeudi 2 Ndamukiza 2015
Umukecuru yafashe ikibanza ca mbere mu bantu bashaje cane kw’isi yasavye ko Barack Obama yoshika iwe kumufasha guhimbaza isabukuru y’imyaka 117.

Inyuma y’urupfu rw’Umuyapanikazi Misao Okawa yapfuye ku myaka 117, Gertrude Weaver yamusubiriye mu kibanza. Uwo nawe afise imyaka 116 nk’uko bitangwa n’amatohoza yagizwe na Gerontology Research Group, ikigo kigira amatohoza ku bantu bafise imyaka myinshi.
Gertrude Weaver avuka mu ntara ya Arkansas iri mu bumanuko bwa Reta Zunze z’Amerika, arakwiza imyaka 117 kw’igenekerezo rya 04 Mukakaro uno mwaka. Kuri iryo sango, Gertrude Weaver asaba ko Barack Obama yoja kumushigikira kuri uwo munsi.
Asaba Obama ko yoja ku mushigikira kubera nawe yamuhaye ijwi ryiwe igihe yitoza, Kathy Langley wo mu kigo The Gerontology Research Group, avuga ko bamaze kwandikira Obama kandi ko ubutumire bwamushikiriye nk’uko bari babimusavye mu mwaka uheze akwiza imyaka 116.
Weaver yakuriye mu karere kitwa Texarkana ariko umwanya munini yawumaze aba i Arkansas. Amatohoza yakozwe na The Gerontology Research Group kashize ku muwe w’urutonde rw’abantu baramvye cane kw’isi, Gertrude Weaver inyuma ya Misao aheruka gupfa. Mu matohoza yakozwe n’ico kigo, weaver yagize ubugeni bwiwe mu mwaka w’i 1915, ico gihe yarafise imyaka 17 y’amavuka.

Robert Moore umukuru w’abagize amatohoza avuga ko mu matohoza bagize inyuma y’urupfu rwa Misao, hari abantu 5 boba bafise imyaka myinshi kw’isi, ariko yemeza ko Gertrude weaver ariwe bashobora kwemeza imyaka yiwe.
- Miaso Okawa yahora ari uwa mbere yarapfuye ku myaka 117
- Gertrude Weaver n’umuhungu wiwe Joe Weaver
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Ndamukiza 2015, 22:36, par ndikumana michel
iyomywaka niyambe ese imana yotuja imbere tukagera kururwo rugero yamara sinzi !!