IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "La Force d’espérer", igitabo ca Denise Nkurunziza caraye gisohotse (...)

"La Force d’espérer", igitabo ca Denise Nkurunziza caraye gisohotse icese

samedi 10 Myandagaro 2013

Igitabo kivuga ubuzima w’umutambukanyi bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi, umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza caraye gishizwe ahabona icese ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu, mu birori vyo kugisohora no kumenyesha incamake y’ibigize ibigabane vyaco.

Mu ncamake, ng’ibi ibivugwa muri ico gitabo : "Yavukiye muri komine Mwumba mu mwaka w’1969 mu muryango wifise ku rugero rwo hagati na hagati. Denise Bucumi Nkurunziza ni umupfasoni akunda ibikorwa, yabanye ubuzima bwiwe bwose na mukuru we. Hageze ko yubaka urwiwe, yaciye ahura n’umusore yitwa Pierre Nkurunziza, uwo nawe akaba yigisha kuri kaminuza y’Uburundi mu gisata co kwinonora imitsi. Bompi barakundanye, bashinga urugo.
Ubuzima ntibwabaye nk’uko uwo muryango mushasha wabishaka kuko mu ntambara yateye mu mwaka w’1993, Pierre Nkurunziza yaciye ahamvya imirwi yarwana mw’ishamba, Denise Nkurunziza nawe asigarana irungu. Imyaka umunani yose yaraheze atamukubise ijisho, mu muryango wiwe harangwa amarira. Umwizero wiwe yahisemwo kuwuha Imana, ari nayo yahavuye imwibuka isubira guhuza umuryango wose, serugo aramutwsa igihugu c’Uburundi.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza amenyesha ko icipfuzo ciwe ari uko abazosoma ico gitabu bokwisanga muvyo yanditse kuko imiryango myinshi mu ntambara yo mu mwaka w’1993 yabayeho mu buryo bushaka kumera nk’ubwiwe. Ihangiro y’ico gitabu akaba ari ugutumirira abakenyezi kuyaga ivyabashikiye, gushinga intahe hamwe no kurekurira.

Kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 12 Myandagaro 2013, ico gitabo kizoba gihari mu gihugu no mu makungu, mu rurimi rw’igifaransa n’icongereza, kikaba kidandazwa amafaranga ibihumbi 50 vy’amafaranga y’amarundi, ni ukuvuga amadolari y’ Amerika 24, canke amanyaburaya 21.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.