Accueil > Amakuru > u Burundi > Leonidas Hatungimana: Abahakana ingingo za CNTB ntibasoma amategeko (...)
Leonidas Hatungimana: Abahakana ingingo za CNTB ntibasoma amategeko neza
samedi 22 Ruheshi 2013
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana yamenyesheje ku musi wa kabiri aho bari mu kiganiro n’abandi bavugizi bose b’ibisata vyegukira akazi ka Leta, ko hariho amategeko abiri y’umukuru w’igihugu yari asanzwe yarateweko umukono, asubiza mu vyabo abahuye n’ivyago vyo mu mwaka w’1972.
Muri ico kiganiro cariko gica ku nsamirizi nka zose zo mu gihugu c’Uburundi, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana yibukije abahakana ingingo za CNTB mu kwemeza ko amatongo n’ayandi matungo bafise babihawe na Leta ko ivyo bashikiriza bidafise ishingiro, ivyo akabivuga yisunze amategeko abiri yo muri Repubulika ya mbere n’iya kabiri asubiza mu gateka abanyazwe ivyabo.
Nk’uko vyasiguwe na Leonidas Hatungimana, ku genekerezo rya 26 Munyonyo 1974, Lieutenant Général Michel Micombero yaramutswa igihugu yarateye umukono ku tegeko nimero 100/314 risubiza uburenganzira bwo kwegukira ivyabo abari baciriwe urubanza rwo gupfa ku genekerezo rya 06 Rusama 1972, ivyo akaba yabikoze mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wo gusubiza hamwe abarundi.
Inyuma y’imyaka itatu, ku genekerezo rya 30 Ruheshi 1977, umukuru w’igihugu wa Repubulika ya kabiri Colonel Jean Baptiste Bagaza nawe yaciye atera umukono ku tegeko ry’umukuru w’igihugu riha uburenganzira bwo gusubizwa muvy’abo abari bahunze igihugu kubera urwimo rwo mu mwaka w’1972 n’umwaka w’1973.
Mu gihe ata rindi tegeko ry’umukuru w’igihugu rirahindura ayo abiri yateweko umukono, Leonidas Hatungimana umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko atabosubira kwitwaza ko amatongo n’ayandi matungo bafise boba babihawe na Leta kuko ayo mategeko yashizwe ahabona.
Egide Nduwimana
Messages
23 Ruheshi 2013, 09:35, par korineza
uraraba neza niw utayazi kuko ubumenyi bwaw burimwo agapfungu.m role ufise iberey wew nyene
24 Ruheshi 2013, 01:50, par hahahah
ubuse nibwo babimenye!!!
24 Ruheshi 2013, 01:51, par boss
narabivuze kandi.