Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leonidas Hatungimana: Abahakana ingingo za CNTB ntibasoma amategeko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leonidas Hatungimana: Abahakana ingingo za CNTB ntibasoma amategeko (...)

Leonidas Hatungimana: Abahakana ingingo za CNTB ntibasoma amategeko neza

samedi 22 Ruheshi 2013

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana yamenyesheje ku musi wa kabiri aho bari mu kiganiro n’abandi bavugizi bose b’ibisata vyegukira akazi ka Leta, ko hariho amategeko abiri y’umukuru w’igihugu yari asanzwe yarateweko umukono, asubiza mu vyabo abahuye n’ivyago vyo mu mwaka w’1972.

Muri ico kiganiro cariko gica ku nsamirizi nka zose zo mu gihugu c’Uburundi, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana yibukije abahakana ingingo za CNTB mu kwemeza ko amatongo n’ayandi matungo bafise babihawe na Leta ko ivyo bashikiriza bidafise ishingiro, ivyo akabivuga yisunze amategeko abiri yo muri Repubulika ya mbere n’iya kabiri asubiza mu gateka abanyazwe ivyabo.

Nk’uko vyasiguwe na Leonidas Hatungimana, ku genekerezo rya 26 Munyonyo 1974, Lieutenant Général Michel Micombero yaramutswa igihugu yarateye umukono ku tegeko nimero 100/314 risubiza uburenganzira bwo kwegukira ivyabo abari baciriwe urubanza rwo gupfa ku genekerezo rya 06 Rusama 1972, ivyo akaba yabikoze mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wo gusubiza hamwe abarundi.

Inyuma y’imyaka itatu, ku genekerezo rya 30 Ruheshi 1977, umukuru w’igihugu wa Repubulika ya kabiri Colonel Jean Baptiste Bagaza nawe yaciye atera umukono ku tegeko ry’umukuru w’igihugu riha uburenganzira bwo gusubizwa muvy’abo abari bahunze igihugu kubera urwimo rwo mu mwaka w’1972 n’umwaka w’1973.

Mu gihe ata rindi tegeko ry’umukuru w’igihugu rirahindura ayo abiri yateweko umukono, Leonidas Hatungimana umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko atabosubira kwitwaza ko amatongo n’ayandi matungo bafise boba babihawe na Leta kuko ayo mategeko yashizwe ahabona.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.