Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Leonidas HATUNGIMANA : Ivyo bavuga si ibintu vyokorwa n’inzego z’umutekano
Yanditswe taliki ya 4-11-2015 - isaha 08:41' na IGIHE

Léonidas HATUNGIMANA yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi aranegura amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe na Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi. Kubw’uwo yahoze avugira umukuru w’igihugu, ayo majambo yunyura umutekano wari usanzwe wifashe nabi.

Inyuma y’aho umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Reveriyano NDIKURIYO amenyeshereje ko hasigaye ko uruhusha ruboneka kugira umugambi KORA ushirwe mu ngiro, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uwu wa mbere, yarahaye abajejwe umutekano uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura. Ubwo burenganzira bakaba bazoba babufise kuva kw’igenekerezo rya munani Munyonyo 2015.

JPEG - 241.1 ko
Léonidas HATUNGIMANA yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Léonidas HATUNGIMANA amenyesha ko iryo jambo rya Petero NKURUNZIZA ryaje ryiyongera kuryo Reveriyano NDIKURIYO yari yashikirije, aho yavuga ko amaparasera (Parcelles) agiye kuboneka, inzego z’umutekano nizaronka uburenganzira bw’ugushira mu ngiro umugambi KORA. Kubwa Léonidas HATUNGIMANA, ayo majambo yunyura umutekano wari usanzwe wifashe nabi, agasaba amakungu gufasha kugira ntihabe ihonyabwoko mu Burundi.

Nk’uko bishikirizwa n’uwo yahoze avugira umukuru w’igihugu, ivyasabwe n’abo bategetsi babiri si ivyokorwa n’inzego z’umutekano zamize akabuye k’abagabo, akabona ko iyo migambi ishobora gushirwa mu ngiro n’abandi, nk’abahoze ku rugamba canke imbonerakure za CNDD FDD.

Kuri abo bose, Léonidas HATUNGIMANA abahanura ko bokwirinda kurwa mu mutego w’ugukora amaraso ya benewabo, kuko ivyo vyaha atari ibikorwa mu nyuma bigaheranwa.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo ry’umunani uku kwezi kwa Munyonyo 2015, inzego zijejwe umutekano zizoba zifise uburenganzira bwose bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura.

Petero NKURUNZIZA yagize ati « Ni akamo kanyuma tubateye, mubihebe bicitwa vuba ku neza yanyu. Atari uko muzosigara mwicuza ico mwabigiriyemwo. Mumenye neza ko umuhanuzi mubi angana umurozi, kandi ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro. »

Ivyiyumviro vyanyu

umutigito w’isake ntuyibuza kunya aho yicaye . nkurunziza ariko avuga ayanyuma pe.

namba ari abatutsi bateye ingorane nahere kuri nyina wiwe namba atamuhungishije nk’umugore imbere yuko acira amajambo y’umuriro

9.11.2015 à 10:51
kabuga

Ndaneguye iyo ngendo yu mukuru wigihugu Petero Nkurunziza,hamwe na Reveriyano Ndikuriyo. Nibisubireko bazebaravuga amajambo yu baka nayubundi bigiye kubagora mumisi yimbere ni mba nzobankiri mumubiri muzoba mubwira ivyabo ukobizoba bimeze.Nayigisirikari Cigihu ukondakizi nimba rikokikiri,ntigishobora kwi ruka kwiyarira mubantu ngo gikekagure nkuko igi porice kiriko kirakora hamwe nazambonerakure. None Koreveriyano ahayavuga ko ibibanza vyabanyagisara kwazobitera mwandi, mbe ya bay"Imana ? haba nintete, gurucira mukaso rugahitana nyoko. ni mbagombibibaza vyo mugisagara akwabanje gusesa amaraso, nagende adandaze rirya tongo ryi gatwe azekurondera ikibanza ahomugisagara,atarize gusesa amaraso.

8.11.2015 à 08:40
Mpozamarira Erias

nibareke kuko imana ibonavyose

8.11.2015 à 06:04
Emery Christian

Emwe wari uhanuye ariko mbona wapi atakigenda. Reka turabe nta mwami yima munduru

6.11.2015 à 16:44
ego

Ivyowobisuramwohamwe,worengutswa

5.11.2015 à 15:35
Nayisi

DUHIMBUNDA AGENDE NKAMUKIWE IYOMBWA NYAGUCIKAMAGARA NIBATAYATANZIKUZIMU

5.11.2015 à 11:12
Dodo

IMANA IDUFASHE

5.11.2015 à 10:01
VYISINUBUSA

Guhonya Abantu Mbe Ashaka Yiyumvire Ko Azotugira Kumwe Kwakera Ahubwo Nahagarike Uwo Mugambi Ugayitse Kubera Ntaho Uzamushikana.Igihugu Siciwe Nicabarundi Bose.

5.11.2015 à 09:07
Mana Dukize Nkurumbi

We fidelite ndakugirinama baca umugani ngo uvumwa na benshi ugateba ugatota je ndi mukuru kandi nabonye vyinshi ndavye ivyiyumviro bigusohokamo biragaragara ko uri umuhutu extremiste ariko bivanze n ubujuju bwinshi rero abantu nkamwe bapfa nk imbwa. Uyu musi uravuga ayamuhe ndakwifurizz kugarura akenge ukaraba kure kuko i ihe biha ibindi.

4.11.2015 à 22:26
fofanie

NAGIRA NSABE AMAKUNGU,ISHIRAHAMWE DYA BURAYA,ISHIRAHAMWE MPUZA AMAKUNGU ONU,NA RETA ZUBUMWE ZA AMERICA,NISHIRAHAMWE DYUBUMWE BWA AFRIQUA,HAMWE NABENE WACU BARI MUBUHUNGIRA.GERAGEZA MUDUFASHE MWEBWE MUREMEYE ABARUNDI TUBE IMBOHE ZUMUGABO UMWE YAGIZE IGIHUGU NKITONGO SE YAMURAZE ?MUGOMBA MUZOZE INGANDA ZARATIKIYE ?TURABASAVYE DUSHIMITSE MUNYARUKE AMARASO NTASESEKE LE 8 MURAGABE HARASHOBORA KUBA IKINTU.NYAKUBAHWA LEONIDAS URAKOZE WAVUGA NUKO BATUMVA.

4.11.2015 à 20:05
VYIZIGIRA VYANJE.

Nkurumbi niwice wimare agashavu mugabo umenye ko ntabwicanyi uzokora ushikire abahutu bishwe 93 canke ushikire abatutsi bishwe mu Rwanda mugabo ntibaheze,ntawuhonya ubwoko ntayo muzoshirana wamukoma we nkurumbi.

4.11.2015 à 19:41
Falcon

Wenizeyimana urinubwenge canke we koyiberey iburaya harico bimutwaye naho mwohera namwe nimwizere ibitagiramvura muribitambo vyabo kandi muzicuza nyuma rimdira

4.11.2015 à 19:08
Bukuru

Nyabuna Semerera Kagame afashe abarundi bareke guhona. Tureke kurorera amaraso aseseka y’ibiremwa nka twe.
Semerera semerera bantu mu mushikira, abarandi baratikiye. Erega barya mubona ibiziga ni bake cane kubariko bicwa bahambwa hirya no hino mu binogo bikikuje igisagara ca Bujumbura. uko bwije imisi yose bica abantu, bakabahamba dans les fosses communes.
Turasavye mufashe inganda zireke gutikira, nayo ngo génocide ntize ibe, ahubwo isigaye kurangira.

4.11.2015 à 17:06
Tuze

mbe akanga nde uwo musega nkurumbi wewe kwatayishubije igihe yahunga bamuciriye urwo gupfa yateze mines ?naze tuzomugira uko twagize adolphe ivyagabisha navyo agende abibgire nyina.

4.11.2015 à 16:43
munuel ortega

Burya Abarundi nimbura bugirir,avugivyotma tba mumahoro ngwagiramar abantu.ivyera babigir ivyirabura.komeza mutama PETER umugambi wokutzaniramahoro.LEONIDAS icompa ugacururubweng,ukagaruka murugo.kuko warukwiy amabanga y ubuvugizi pe.nubwomutumvkana nanyenicubahiro,wagiyutamuteterej.

4.11.2015 à 16:28
Jules Nijimbere

ni ah-Imana izi gukinga impanuka.

4.11.2015 à 15:43
alfred

KOMERA KOMERA MUTAMA LEONIDACE KUKO MWANSE KUBA ABAJA BA NKURUMBI NAKARWI KIWE KANDI MWAKORESHEJE UBUKEREBUTSI BWINSHI MUKWANKA GUSHIGIKIRA PETER MWAYO MAJAMBO AHAMAGARIRA IMBONERAKURE GUKORA IHONYABWOKO KWABO BOSE BIYAMIRIZA 3EME MANDAT MUTAMA MURI ABASHINGANTAHE BIJUNJA N’IJAMBO HAMA IZO MBONERAKURE ZIZOTANGARA NIYO NATIONS UNIES IZOBA IHEJEJE KWEMEZA YUKO ZAKOZE IHONYABWOKO ZIZOCA ZIPFA ZANGARA NKA GAHINI KURYA KWINTERAHAMWE ZO MU RWANDA ZISHAJE ZANGARA A BON ENTENDEUR SALUT.

Hatungimana Leonidas uvuze ukuri, ingorane nuko ubwira impumyi zahumye ku maso no mu mumwuka, nihehe byabaye koko, aho umukuru w’Igihugu ahamagarira abantu guhonya bene wabo ngo nibaheza abobagororera amatongo, barundi barundikazi ncuti z’uburundi. Ni muharuguruke musenge, muteshe ikibi, ntimwicane, reka kumena amaraso, arahuma, mureke kwihora mureke kumenja uburuhiro muzokumva habaye ibiganiro ariko bamwe muje mumunyororo, nta Peter azosoza mandat yihaye ibyahanuwe kuriwe bitarasohora.

4.11.2015 à 14:57
Nizeyimana

Umva mushingantahe"uhishira umurozi akakumaraho urubyaro.Muzabaze abanyarwanda cyene muri nord uko Uko ABACENGEZI batsinzwe n"umuti inkotanyi zabavugutiye !!!!! Barundi mureke guhoha. mureke kujenjeka .kandi mureke ibibazo by’ubwoko barabashuka . Ibyo birura byahunze igihugu biriko birabagambanira.

4.11.2015 à 14:44
alfa kanyarwanda

N’ukuri,n’uguseng’Imana.N’abo bahungiye hanze y’igihugu baze mubiganiro.None kw’smatora yaheze,bagomba kudusubiza muntambara ?

4.11.2015 à 14:28
Venant
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.