IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hari intambamyi mw’iyinjira ry’Uburundi mw’ikoreshwa ry’urupapuro rumwe (...)

Hari intambamyi mw’iyinjira ry’Uburundi mw’ikoreshwa ry’urupapuro rumwe rw’ingenzi

vendredi 30 Nzero 2015, par Egide N

Iyinjira ry’Uburundi mu mugambi w’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu gukoresha urupapuro rumwe rw’ingenzi (visa touristique unique) vyatebejwe no kuba abarundi batararonka indangamuntu z’ubuhinga bwa none( carte d’identite biometrique) nk’uko vyashikirijwe n’Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka EAC, Léontine Nzeyimana.

Mu gihe hariko harashikizwa ivyaranguwe n’Ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere k’Afrika y’Ubuseruko mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 30 Nzero 2015, Leontine Nzeyimana aramutswa ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko muri uwu mwaka uheze, baranguye ibikogwa bitari bike. Aho akavuga ko mu karere ka EAC hashizweho uburyo bumwe bwo guterezwako amakori, ku bidandanza bijabuka imbibe, bigahagarara bikongera bigasakwa rimwe gusa (territoire douanier unique).

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry'Uburundi mu karere ka EAC, Léontine Nzeyimana

Léontine Nzeyimana akamenyesha kandi ko muri iyo ntumbero nyene yo guteza imbere ubutunzi bw’Igihugu biciye mu mashirahamwe y’iterambere ry’akarere, baratunganije ibiganiro hagati y’akarere ka EAC, SADEC na COMESA mu ntumbero yo gushiraho amasezerano yo kworoherezana mu rudandaza hagati y’ibihugu biri muri utwo turere (etablissement d’une zone de libre-echange), baranashizeho kandi ubuhinga bwo guhanahana amakuru, no gukurikirana inama kuri bwa buhinga bwa tele-conference, ivyo bikazogabanya uburyo bari gukoresha mu kwiyunguruza.

Ku kibazo co kumenya nimba Uburundi buzoguma bufatwa nk’umurorerezi kuva aho bufatiye amezi atadandatu bwo kuba abarorerezi mu nama z’a EAC, COMESA na SADEC, Umushikiranganji Leontine Nzeyimana amenyesha ko bakirindiriye ingingo izofatwa n’ubutegetsi ko niyo hagira igihinduka bazobimenyesha.


Alida SABITEKA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.