IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Lydia NSEKERA abaye uwa mbere

Lydia NSEKERA abaye uwa mbere

vendredi 31 Rusama 2013

Lydia NSEKERA umurundikazi yahoze atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yatowe ngo aje mubagize umurwi nshingwabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

Uwo mupfasoni w’imyaka 46 abaye umugore wa mbere yinjiye muri uwo murwi w’urwo rwego kuva ishirahamwe FIFA rishingwa mu mwaka w’1904. Ikiringo cayo mabanga kikaba ari ico imyaka 4. Mu matora yukumenya uwoja murico kibanza yariko ahiganwa n’abandi babiri. Sonia Bien-Aimée wo mu mazinga ya Turks et Caicos hamwe na Moya Dodd akomoka muri Austrariya. Ayo matora akaba yabereye mu mazinga ya Morise.

Lydia NSEKERA avuga ko anezewe cane kuba yatowe mu bandi bose bahiganwa bava mu mihingo myinshi y’isi. Kubona batoye we ari umunyafrika w’umurundi ngo ni akanyamuneza kuri we. Nkuko yivugira, amenyesha ko inyungu igihugu ciwe hamwe na Afrika bizohakura aruko azokomeza umugambi wiwe wo guhimiriza abakenyezi kwijukira urukino rw’umupira w’amaguru. Ivyo rero ngo kugira bishoboke nuko abamenyereza bakwiye kwiga neza kumenyereza abana b’abakobwa mu mupira w’amaguru. Arahimiriza abakenyezi kwikuramwo ubwoba bakitoza mu nzego z’umupira w’amaguru. Ntiyasize inyuma guhamagarira abavyeyi nabo ngo bahe uruhusha rwo gukina umupira w’amaguru kuko ngo mu mupira w’amaguru baranahakura inyigisho nyinshi.


Luc-Noel INGABIRE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.