Umukuru w’igihugu wa Sénégal Macky Sall yagizwe umuhuza mu biganiro vy’abarundi, akaba azofashanya n’abandi bagenwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika aribo umukuru w’igihugu wa Mauritanie Mohamed Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie Hailemariam Desalegn.
Mw’itangazo umuryango w’ubumwe bwa Afrika wasohoye, bamenyesheje ko izo ntumwa zitowe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu na Reta iherutse kubera i Addis Abbeba muri Ethiopia. Izo ntumwa zizoba zizanwe n’ukuganira na Reta y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’irungikwa mu Burundi ry’abasirikare b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.
- Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Sénégal
Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, Afurika ya ruguru, amajyepfo ya Afrika, Afrika y’uburengero, Afrika yo hagati, hamwe na Afrika y’ubuseruko.
Bitegekanijwe ko uwo mu murwi wo ku rwego rwo hejuru wagenwe uzokwishikira mu Burundi, ariko iryo tangazo ry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika rikaba ritamenyesha igenekerezo ryo muri uku kwezi kwa kabiri, izo ntumwa zizozirako.
MASO EKURIMASO NYENE IYOWANDITSUVUGA NGO NDIKIJUJU NGO NKWIRIKIRA NKINTAMA JEWE NAWEWE UWUKWIRIKIRA NKINTAMA NINDE KOMBONA ABESHI BAFISIVYIYUNVIRO NKIVYO VYAWE BARIKO BAGWARIRA KWASHI MUMAKAMBI YIMPUNZI ABANDI NABO BAGENDA BARABUNDABUNDA NANJE NKAGENDA NEMYE NKA I I WUNVIKIGUGU JEWE NAWE ARINDE?