IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mageyo : Imvukira ziritayeho inyigisho z’aho zivuka

Mageyo : Imvukira ziritayeho inyigisho z’aho zivuka

mardi 26 Myandagaro 2014

Ishure ryisumbuye rya Mageyo ryasohoye ubwa mbere imikangara 27 ihejeje mu gisata c’indome za none, ibirori vyo gutanga izo mpapuro z’umutsindo bikaba vyari vyitabwe n’imvukira zitari nke za Zone Mageyo.

Kw’ishure ryisumbuye rya Mageyo kakaba kari akanyamuneza ntangere, mu gihe ryari riramutse risohora ubwa mbere imikangara 27 yiga mu gisata c’indome za none. Ibirori vyo gutanga izo mpamyabushobozi vyatangujwe n’inkuka y’imisa yo gushimira Imana, bikurikirwa n’ibirori nyezina vyo gutanga izo mpapuro z’umutsindo kuri iyo mikangara 27. Abagiye barafata amajambo barakeje urwo rwaruka ku ntambwe ruhejeje gutera, yaba umuyobozi w’iryo shure, yaba uwujejwe indero muri komine Mubimbi Albert Mafyiritano, hamwe n’umushingamateka Emmanuel Nkuzimana yatowe mu ntara ya Bujumbura rural, n’abandi bagiye barakeza urwo rwaruka, bakaba baboneyeho n’akaryo ko kubatekerera impanuro zitandukanye, na cane cane ko batogarukiriza aho, ahubwo ko boca babandanya n’amashure ya kaminuza.

Ivyo birori kandi vyari vyatewe iteka n’abarundi baba hanze basanzwe bavuka muri iyo komine Mubimbi, zone Mageyo. Umwe mu mvukira za Mageyo, Ernest Ndayishimiye, yaje ava mu gihugu c’Ubwongereza nawe nyene yarafashe ijambo arashimira iyo mikangara, akaba yari yagiye yitwaje agakemanyi ku bana b’abanyeshure ba ntahonikora, kagizwe n’amakaye y’amaduzeni 60. Ernest Ndayishimiye yarongeye atanga ingabire igizwe n’umupira wo gukina, hamwe n’udupira 12 two kwambara bariko barakina, iyo ngabire nayo akaba yayishikirije umuyobozi wa Lycée communal Mageyo. Iyo mvukira ya Mageyo, Ernest Ndayishimiye, yemeye ko niyashika mu mahanga aho asanzwe aba, azokwiyungunganya, aheze arungike ibitabu bisobanura, bimwe bita mu rurimi rw’ikinyamazuru "Dictionnaire", kuko bisanzwe bikenye kuri iryo shure. Yemeye kandi kuzobandanya ashigikira iyo shure. Abanyeshure hamwe n’ubuyobozi bw’iryo shure bakaba barakengurutse cane iyo ngabire.

Mu gihe kandi iryo shure risanzwe rifise n’ubukene bw’ibitabu, na cane cane ibitabu vy’igifaransa bimwe bita "Littératures et langues africaines", icegera c’umukuru wa sentare ntahinyuzwa yari yitavye ivyo birori akaba ari n’imvukira y’aho, nawe yasavye umuyobozi w’iryo shure ko yomanukana ivyo bitabu bakabigwiza.

Tubamenyeshe ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyecubahiro batari bake basanzwe ari imvukira z’aho muri zone Mageyo, tukaba twobabwira nk’uwusanzwe arongoye umugambi PTRPC, icegera ca sentare ntahinyuzwa, abavuye mu gihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika, igihugu c’Ubwongereza, bamwe mu ntwazangabo bavuka muri zone ya Mageyo, hamwe na bamwe basanzwe bavuka muri komine Mubimbi, n’abandi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.