IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Abasamburiwe amazu n’imvura basaba gufashwa

Makamba : Abasamburiwe amazu n’imvura basaba gufashwa

vendredi 17 Gitugutu 2014

Imvura ivanze uruhuherezi kandi nyinshi niyo yononye ibintu bitandukanye mu ntara ya Makamba.

Mu mazone ya Bigina na Dunga yo muri komine ya Kayogoro, abantu batandatu bakaba bakometse cane kubera iyo mvura ubu bakaba bariko baravurwa. Amazu arenga cumi nayo yagurutse, ubu abari basanzwe bayabamwo bakaba basavye indaro, mu gihe batabona ukwo bagiye gusanura ayo mazu. Impene nazo zigera kuri zibiri zaciye zihwera, nayo imirima y’imyumbati, ibitoke bikaba vyahuye n’iyo mvura muri zone ya Muyange na Gasenga. Iyo mvura rero ikaba yononye kandi amazu agera kuri atanu yo muri komine ya Kibago.

Imvura imaze iminsi igwa, ikaba iherutse no gusenyura amazu mu ntara ya Muramvya, co kimwe n’imirima yononekaye. Yaba abo banygihugu bo mu ntara ya Makamba co kimwe n’abo b’i Muramvya, bose bakaba basaba kugarukirwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.