Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihangange bivugwa mu rupfu rwa Manirumva ntibiratumwako inyuma y’imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihangange bivugwa mu rupfu rwa Manirumva ntibiratumwako inyuma y’imyaka (...)

Ibihangange bivugwa mu rupfu rwa Manirumva ntibiratumwako inyuma y’imyaka itanu

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Hasigaye iminsi indwi gusa kugira imyaka itanu ikwire icegera c’umukuru wa OLUCOME, Ernest Manirumva agandaguwe bunyamaswa. N’aho ubutungane bw’Uburundi mu matohoza bwakoze butakoreye ku bimenyetso vyatanzwe n’abahinga batandukanye, amashirahamwe yiyemeje gusaba ubutungane ku rupfu rwa Manirumva amenyesha ko batazocika inkokora, mpaka ibihangange bivugwa birengutse mu butungane.

Kuva Ernest Manirumva, icegera c’umukuru wa OLUCOME agandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 8 rishira irya cenda Ndamukiza 2009, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ntiyahengeshanije gusaba ko ubutungane bwokora, abishe Ernest Manirumva bamenyekane. Nk’uko bivugwa na Pacifique Nininahazwe yaserukiye amashirahamwe ariko asaba ubutungane ku rupfu rwa Manirumva, Sentare nkuru y’igihugu na sentare ntahinyuzwa zaciye zihutira guhuma amaso amakungu, mu gucira urubanza abantu batigeze banavugwa mu matohoza yakozwe.

JPEG - 1.6 Mo
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Reta y’Uburundi yarasavye ko igiporisi kidasanzwe FBI co muri Reta zunze ubumwe za Amerika coza gufasha mu matohoza ku rupfu rwa Ernest Manirumva. Muri ayo mashirahamwe baratangazwa n’ingene ubutungane bwihutiye kuburanisha urubanza, kandi butaratumako ibihangange vyo mu giporisi hamwe no mw’igendereza vyavuzwe ko boba bafise uruhara mu rupfu rwa Manirumva. Aho tukaba twobabwira nk’umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza Général Adolphe Nshimirimana, uwari icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi Général Ndirakobuca Gervais, batazira "Ndakugarika", hamwe n’uwari arongoye igiporisi mu karere k’uburengero David Nikiza. Abo bose nta n’umwe yigeze atumwako kugira yumvirizwe, n’ibimenyetso ADN vy’abo bategetsi vyari vyasabwe ntivyigeze bikorwa. Muri ayo mashirahamwe ariko aharanira kumenya ukuri kubagandaguye Manirumva bakamenyesha ko iyo ari ingendo yo kudahana ivyaha, ari nayo ituma inkozi z’ikibi zisigara zirusha inguvu ubutungane.

N’aho benshi mubari bavuzwe nk’ivyabona vy’urupfu rwa Ernest Manirumva bagandaguwe, abandi bakabura irengero ryabo, ayo mashirahamwe asaba ko sentare ntahinyuzwa, ari naho urubanza rugeze itokorera ku rubanza sentare nkuru y’igihugu hamwe na sentare isubiramwo imanza zari zaciye, kuko zitigeze zikorera ku bimenyetso vy’igiporisi FBI, kandi ari Reta y’Uburundi yari yatumyeko abo bahinga mvamakungu. Nk’uko vyashikirijwe na Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye APRODH, rimwe mu mashirahamwe ariko aharanira kumenya ukuri ku rupfu rwa Manirumva, bitebe bitebuke ukuri kuzomenyekana, kuko abiyita ibihangange uno munsi, siko bizokwama, kuko ibihe biha ibindi.

Muri iyi ndwi yahariwe gusaba ubutungane ku rupfu rwa Ernest Manirumva, harategekanijwe ibiganiro ku kibazo c’ukudahana ivyaha mu Burundi, ivyo bikorwa bikazosozerwa n’urugendo rw’amahoro ruzokorwa ku genekerezo rya 9 Ndamukiza 2014, bibuka imyaka itanu izoba iheze Ernest Manirumva, icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agandagurwa bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 Ndamukiza 2009, rishira iryo kuwa 9, ikiziga kigatorwa ku rugo iwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • twese nubu vyadushize mu kangaratete.ahubwo tumenyeko IMANA iri mw ijuru.vyose bizohera@

  • Egome nivyiza kumenya ukuri kuwishe manirunva,ariko rero ico nakwisabira abo bavuga ngo baharanira agateka kazina muntu,ugwo rubanza murubangikanye nugwabishe Presidant NDADAYE,kugira ntibagire nkuzi,kuko ntanyagupfa na nyagukira,kandi pacific ndakwubutse ko ndadaye yiciwe muri camp muha,hari comd wiyo kambi arazwi,na offrs de garde yarahari,nabandi bapanga ama garde.urunva rero ko mutokwisamaza kurugwo rubanza.

  • Mbe ibihangane vyakoze ihonyabwoko muri 1972, Ibihangange vyagirizwa ubwicanyi i ntega na marangara, urupfu rwa Prezida Melchior NDADAYE, hamwe n’urupfu rwa Kassim Manla, ko batarakomakomwa?

    teshwe mute,canke muhere ku ntango!!

  • Nzabemera nimwategura urugendo rwo kurondeza abishe Rwagasore, Ndadaye, Ntaryamira nabandibose bakishwe kuvamu 60s nayobyomurimwo nibyabinditwumvako aruguhigura nubutegetsi bwigihugu cyanyurwose. Ibyongibyo ntakindibizabungurakiretse kwisuzuguza mubaturange.

  • mbe?pasifike:bagutoye ngo uvugire manirumva gusa.ndaguhanure kugira ukore akazi kawe neza ,tangurira kubishe Rwagasore,Ndadaye,uce uja mu rwanda ubaze uwishe Ntaryamira hame uheze uze ushingishe urubanza ushaka

  • Jewe pacific umbonekera mumaso neza muka nsesema muvyiyunviro vyawe wama ushikiriza,reka sha kutubabaza,wirengagiza ivyo mwakoreye bene burundi,ugasimbira kwisunzu ryinzu ngwubutegetsi bubi,uko burikwo nubwo twebwe abanyagihugu twishiriyeho,nitwe dufise uburenganzira bwokubuhindura,reka rero kutuvangira mwabagabomwe mwigira ngo murongoye amashirahamwe.ubu abarundi turaryama tugasinzira ,kiretse uwutabigomba kuruhuka,nimuduhe amahoro rero.nimureke kudukoma mwitiro,twiruhukire.

  • Kuri mwebe mwatanze ivyiyumviro vyanyu(Zuzu,Rukoko,Bazogenda,Ndakubona na Richard)!Mwebwe muba mu Burundi?Kuba abishe Ndadaye,Ntaryamira,Ntega na Marangara,1972 mushaka ba Pacifike aribo babafata?Nimubahe ubutegetsi murabe ko batabafata!Jewe ndibuka tukiri mwishamba(CNDD-FDD),batubwira ngo nitwafata ubutegetsi ngo Bikomagu na Busokoza na ba Buyoya,Simbananiye ngo ntabazoducarukuna!None ubona ataribo bacuti ba CNDD-FDD?Ubutegetsi buhari ubu bwa CNDD-FDD bwotubwira ko atanguvu bafise zokubashikiriza ubutungane?Iyo ni fanatisme ibuzuyemwo gusa,nta logique mubishiramwo!CNDD-FDD twari tuyitezeko vyinshi,ariko raba nayo yaciye ija gukora nk’ivyo abo twangwanya batwangajije badukoreye!Gufata Domitien,Radjabu,Bamvuginyumvira...ko vyaboroheye?Ba Bikomagu,ba Busokoza,ba Buyoya,ba Simbananiye,... nibo babananira?Raba na Democratie nayo mugomba murayinigiye muri menshi kandi ariyo twagwaniye!Niba Pacifique bayinigiye muri menshi!Amakosa yose ubu ari kuri CNDD-FDD nibo bafise urufunguzo rw’ubutungane,igipolisi,igendereza,igisoda!Ariko gufata aba FNL birababangukira cane nk’agaca gacakira umuswi w’inkoko!

  • Ewe Gezaho uvuzeko uryama ukaruka?uranyongereje amarira sha!Imana igihe kuruka neza!!Ndi umupfakazi kubera hatwara abatutsi?Sindakwipfurije kumera nkanje ariko ntihagire abandi bizoshikira Uhezagirwe ,urankoze mu nkovu!

  • ABA DD KUGIRA BABONE UKURI BIZOGENDA GUTE...BASHIKIRIWE GUSA!!!

  • NI BAREKE AMATOHOZA AKORE KANDI RETA IKWIYE GUSHIRA HABONA IVYO BIHANGANGE

  • RETAYARIKWIYEKUBIKURIKIRANA IBISHIZEKOUMWETE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.