Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Maragarita BARANKITSE muri bane bahiganirwa agashimwe ka Aurora Prize for Awakening Humanity
Yanditswe taliki ya 16-03-2016 - isaha 21:03' na IGIHE

Abantu bane bitanga cane kurusha abandi mu kurondera gukiza benshi (Les humanitaires d’exception) nibo batowe kugira bahiganirwe ikibanza ca mbere c’ihiganwa rya Aurora Prize for Awakening Humanity. Uwuzotsindira ako gashimwe akaba azohabwa agashirukabute k’umuriyoni w’amadorare.

Urwego rujejwe guhitamwo bane bahiganwa mu gice ca nyuma rwakoranye, rutora Marguerite Barankitse arongoye Maison Shalom hamwe n’ibitaro REMA vyo mu Burundi, Docteur Tom Catena arongoye ’Hôpital Mother of Mercy vyo muri Sudani, Syeda Ghulam Fatima umunyamabanga mukuru wa Bonded Labor Liberation Front yo muri Pakistan, hamwe na Bernard Kinvi umusaseredoti wo muri Ekereziya Gaturika muri Bossemptélé mu gihugu ca Centrafrika.

JPEG - 54.7 ko
Marguerite Barankitse, arongoye Maison Shalom hamwe n’ibitaro REMA

Agashimwe gashasha ka Aurora Prize for Awakening Humanity ni mpuzamakungu kazohora gatangwa ku mwaka ku mwaka, kakazohabwa abantu bemeye kwitanga kugira abandi bashobore kubaho, mu bikorwa barangura vy’ugukungira ubuzima bw’abandi, barengeye intambamyi n’ingaruka ziri muvyo bariko barakora.

Muri benshi bashaka ico kibanza, abatowe uko ari bane kugira bahiganirwe ikibanza ca nyuma bashimwe kubera ubutwari berekanye mu kurwanya akarenganyo, n’ihohoterwa rikorerwa abanyagihugu babangamiwe kurusha abandi.

Uwatsindiye ako gashimwe azomenyekana mu birori bizobera i Erevan muri Arménie, kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2016.

Ivyiyumviro vyanyu

wewe wiyita karorero wagiriza abakoze vyiza mà» gihugu ntubonako imana izobiguhanira ?vinyuma yabaguhenda wandika ibitagira umutwe na maguru.Harumusi uzorira ngo iyo menya.

20.03.2016 à 07:20
Hakizimana nestor

Imana izo mujimbere mwi ryo higanwa azotahukane ako gashimwe, kuko ivyakora bikorika. ababizi ni mvukira zomuruyigi batazopfa bamwibagiye kubikorwa ya bakoreye na bugingo nubu akibandanya, nahabasi bivyiza bamwaka urunuka. burya ngo agati gateretswe ni Mana ntamuyaga ugahenura, we azobandanya gukorivyiza ababandanya gukoribibi bandanye gukoribibi kuko ntawabaye nyabwa abanyakaaaa.

20.03.2016 à 05:47
morodikayi.

Uyu mugore ko akora discours z’aba extremistes icyo gihembo mbona ari ntacyo amerita kuko ntaho ataniye na wa mugandaguzi w’ibiyeri (kiramvu)

19.03.2016 à 19:50
Pilato alias kagami

kubwanje Margalte Barankitse ndamusabira ku mana ku bikorwa ngomeza mwumvana ko ako gashimwe ko yogatahana mu burundi ka gakomeza gufasha.

19.03.2016 à 08:26
djibril bayubahe

abo bagutuka ntibakuzi mama w’umukondo jew nk’um nyaruyigi ndakuziko vyinshi sinkeka ko ako gashimwe ugiy kugatahukana ukomere kw’ibangz

18.03.2016 à 15:05
olly malcolm

Congratulation our international mother

18.03.2016 à 12:29
Democrate sindumuja

Nibakomeze bafasha abandi nimana izobashumbusha nabo mwijuru bazoronka ikibanza ciza

17.03.2016 à 19:04
Nduwimana Thierry

Maggy nabe arakuyeyo amaso kuko impunzi iguma ari impunzi namba atavyo azi. Bazomuha ubusigisigi bwo kuba buramufasha mu buhungiro ariko uwo muriyoni w’amadorare sigwiwe !

17.03.2016 à 15:29
Ndundu

Jew karorero iki kinyamakuru ndacagiriza gukorana nabarwanya ubutegetsi kuko twebwe tuyishigikiy ibyipfuzo byogukoma munkokora izo nkozi zikibi nka marigaita maggy na pacifique na louis michel tubyandits ntibishirwaho ariko iyimbwa ngo ni tari na moridekayi batyoza reta babishirako batitangiriye itama nukubaraba neza.

17.03.2016 à 13:53
karorero

mbanje kumuramutsa ngiranti sangwamahoro y,imanana ndabakeje cane sangwintsinzi kuk ivyukora ntawutobishima urumukenyezi wijunja nijambo arajwishinga nugufashabatishoboye impumyi,impfumvyi nabandi besh cane mukura mubushomeri mukubaha ubuzi butandukanye nukuri nosaba nciye bugufi na leta y,uburundi ko yobareka mukabandanya mukora iryo terambere ryakataraboneka rituma muronka n,agashimwe imana ikabatora mubandi mukaba abambere jewe ndahereje icogisabisho canje imana kugirango ikibanza cambere kibe icanyu nimuhoranumukama

17.03.2016 à 12:56
alain N

Que le meilleure gagne.

17.03.2016 à 10:17
Louvain

Mbega who tiwamwita umusazi erega ivyo akora tamukuru wigihugu numwe wabikora umukuruwi wigihugu ubesha abarundi ngo arasenge hama akagandagura abo ashizwe gukigira Mbega amaraso aseseka buri musi tavyo areba ahubwo Marigarita Barankitse imana izamurinde aba DD turagusengera burimusi imana izakugarure mugihugu amahoro kandi twiteguye yuko imana igushubusha icogihebo

17.03.2016 à 08:55
Jonathan

Turashima ibikorwa vyiza uwomuvyeyi akora .
Nomukurwanya ubuja mà» Burundi .
Akongera agaharanira agateka kazinamuntu ahari hose..

17.03.2016 à 07:15
N

Nakomere cane uwomuvyeyi ureke abirirwa baramuremeka inteba ishushe Umwasi agucira icobo Imana ikagucira icanzo ntamisi isigaye nivyo yanyazwe vyose nabambuzi atabisubijwe iconikimenyetso Yuko akazi katari mukugundira ubutegetsi gusa ariko umuntu ashobora kukishakira kandi akabaho atamenye amaraso y’abenewabo

17.03.2016 à 05:39
tari

Bamujeri Muguma Muronka Amahera Yokugura Inkoho Ariko Ntantambwe Muzoduterana Kuko Mwebwe Muricayi

17.03.2016 à 05:35
Intagoheka

Emwe Nabamaraya Bagir Umugisha Uyu Numwe Mukiganiro Invoninvano Nanyamitwe Yatubarirako Yavyayubwoko Bwose ?Kuko Yavyaranye Numututsi Umutwa Umuganwa Hamwe Numuhutu.Emwe Warakund Ibintupe !

17.03.2016 à 04:43
Intagoheka

Amahirwe Nay’Umurundi, Bamutwaye Ibitaro Vyiwe REMA Ababwira Kazoronka Ibindi,rindire Murabe 1.650.000.000 FBU

17.03.2016 à 01:40
Batwenga

Ntakoboha Maggy yarubahutse akabwira umukuru wigihugu cu Burundi ngo numusazi nawentu ngonuko mwenivyobintu bihabwa abasumvyabandi gukora ivyaha binyegeje uwowewe vyaramunaniye kwinyegeza ntanumwe atabizi canke atavyumvise ndasavye ababishoboye mwinomisi muvugecane ivyuyu Maggy.

16.03.2016 à 23:32
K

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.