IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Maragarita BARANKITSE yavuze ico azokoresha amafaranga yahawe (...)

Maragarita BARANKITSE yavuze ico azokoresha amafaranga yahawe nk’agashimwe

jeudi 2 Ruheshi 2016, par egide

Barankitse Margueritte, Umurundikazi aherutse guhabwa agashimwe mpuzamakungu kubera guharanira uburenganzira bwa muntu, yavuze ko amafaranga yahawe azoyifashisha mu gusubiza mw’ishuri abana b’Abarundi bahungiye mu Rwanda, kugira bazogaruke iwabo mu Burundi bafise impamyabushobozi zikomeye.

Haheze ukwezi kumwe Maragarita Barankitse ahawe agashimwe mpuzamakungu Aurora Prize 2016, arushije abagera ku 180 bariko bahiganwa nawe.

Agashimwe Maragarita Barankitse yahawe gahwanye n’umiriyoni umwe w’amafaranga y’amanyaburaya, kubera guharanira uburenganzira bw’umwana abicishije mu muryango Maison Shalom, ufasha abana batishoboye kwiga ndetse no mu mibereho yabo ya minsi yose.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, aho yerekana ku mugaragaro ako gashimwe, yavuze ko amafaranga yahawe atagiye kuyashira ku mufuko wiwe.
Barankitse avuga ko yahawe ako gashimwe kubera ibikorwa vyo kwitaho abana, arico gituma amafaranga yahawe azoyashira muri ivyo bikorwa kugira igitigiri c’abo afasha ciyongere.

Mu gihe mu mpunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zigera ku bihumbi 75 benshi muribo ari urwaruka, Maragarita Barankitse avuga ko muri abo hari abahunze barahejeje amashuri yisumbuye, yamara bashitse mu buzima bw’ubuhungiro babura uko babandanya kwiga kaminuza.
Abo bahejeje amashuri yisumbuye nibo Maragarita Barankitse avuga ko agiye gutangura gufasha, kugira bazosubire mu Burundi bamwe ari abadogiteri abandi ari abagoronome.

Yagize ati : “Nsenga mvuga nti icompa aba bana bagataha bafite amadipolome. Ayo mafaranga rero ni ayo gusubiza abo bana mu mashuri, tukazosubira mu Burundi ari abadogiteri abandi ari abagoronome, kandi ndabizi ko tuzogenda nka kurya kwa Musa n’abayisiraheli bajabuka ikiyaga gitukura, twagera hakurya tukaririmba ngo ngivyo ivyo Imana yakoze.”

Maragarita Barankitse yasavye abayobozi b’Uburundi guharanira icofasha abarundi kubana, amahoro akagaruka, aho yagize ati “Umuntu ashobora gusambura amatafari yubatse inzu, ariko ntiyosambura umutima wayubatse. Dufise ubutumwa bwo kudasambura Uburundi, kudasambura igihugu catwibarutse.”


IGIHE

Messages

  • Barankitse Imana ikomeze ikuje imbere mubikorwa vyawe vyamisiyose urintwari ibushitse ubona iyoyaba nabategetsi uburundi bwakagiye buragira iyoyaba bagiye bagira umutima nkuwawe abarundi tubatwarateye imbere kandi namahoro tuba tuyafise bandanya nuwomutima wurukundo nikogongwe ureke ababura icobatumarira
    Bagatako bakirirwa batumarira abacu ntankeka urukundo rwawe ruzotsinda ikibi nashimye ningene wahaye impanuro yakivyeyi umukuru wibinywamaraso nkurumbi

  • Ewe wa mukecuruw imibyimba yabarundi uriko urahekura uzoyibazwa wibaza ko ariw uzubweng wenyen urajabuka turagutegerej tugushir aho twashiz twatunwarumogi watuma gutera amakambi nayo mose ntawuzi mwiyunvira ko kurya kagome yatash kwariko muzotaha aho barabaroz muzoc mumazi tubatum inkuba muzoc mukuzimu tubatum infuku muzofat rutemikirere tubatum inkuba ntantambwe ingana niyuruvo ww maragarita magyy uzoterana abarundi batagucakiye twongey gushimira abakunzi bubururundi uburusia nubushinwa imana ibah ibyo mwipfuza mukomer murek iciyunviro canj.

  • uhendande? abuzofasha barazwi nabanyeshuri bomubwoko bumwe hamwe nabahungabanya umutekane muburundi. nikuki atagiye gufasha impunzi ziri muri CONGO muri TANZANIYA niziri muBUGANDA? none izomuRWANDA nizozifise agacira gumbizindi?. muriko murahinyuka.......

  • None Marguerite ko avuga abahungiye mu Rwanda,abahungiye Tanzania bo ko atamusi numva abavuga ni kubera iki?Bo ntibakeneye gufashwa?canke hoho ntabize bariyo vyoba ngombwa ko bagaruka ari aba docteurs n’aba agronomes?mwebwe aba journalistes ndabatumye muzomumbazirize ivyo bibazo canke niyaba asoma kino kinyamakuru azogire ico abivuzeko.

  • Kwibuka kuyora washeshe. Abasenga turi benshi kandi nizera ko dusenga twese Iyo mw’Ijuru izokwishura abasenze neza. Uharahi atwishure.

  • uwakweretse umutima w,urukundo afitiye abarundi akagendera ikigo cawe mu Ruyigi wagiye mubamurwanya ariko Imana yamurinze vyinshi iracari nawe;yeretse abarundi n,amakungu ko adakumira agabanya igihugu abahutu,abatutsi n;abatwa ikitakozwe na ba buyoya;ariko ubu muri inyuma yaba museveni na kagame mugurisha igihugu cabibarutse.Kora ivyo nyene ariko umuco warabonetse NKURUNZIZA president wacu ariho.Tuzomushigikira mpaka kuko yanywanishije abarundi b,amoko yose ikitari bwashoboke ukuva twikukira niyo mpamvu abamurwanya bose ari abanyamacakubiri banka ko ukuri kuja ahabona.Muzomaramara;Imana irinde se barundi n;abarundi bumutima .

  • WEMUFASONI MAGI WEW NDAGUKUNDA CN! KKO URAFASHA CAN BANDANYA UWOMUTIMA WURUKUNDO IMANA IZOBIGUHEMBERA UMUNEZERO WUBUZIMABWAW BWOSE! YESU WEMUFASONI MAGI WEW NDAGUKUNDA CN! KKO URAFASHA CAN BANDANYA UWOMUTIMA WURUKUNDO IMANA IZOBIGUHEMBERA UMUNEZERO WUBUZIMABWAW BWOSE! YESU NAKUZIGAM.

  • MBEGA KOTUZI MUBURUNDI HARABAHUNGIYE MURWANDA ARUBWOKO BUMWE KUBERIKI ATIYUMVIRA GUEASHA ABARI MURI TANZANIYA CANKE KONGO NIWUMVA KWARI UMUNYAMACAKUBIRI ?

  • MBEGA KOTUZI MUBURUNDI HARABAHUNGIYE MURWANDA ARUBWOKO BUMWE KUBERIKI ATIYUMVIRA GUEASHA ABARI MURI TANZANIYA CANKE KONGO NIWUMVA KWARI UMUNYAMACAKUBIRI ?

  • ramba ramba mufasoni turagukeje kugashimwe wabonye
    ureke abirigwa bavuga amajambo arimwo ubujuju ngo batanze iminsi 15 kubahungabanya umutekano wabanyagihugu kandi aribo bayazana zintureka ziri mugihugu

  • MBEGA KWASHAKA GUFASHA ABARI MURWANDA NTASHAKE GUFASHA IMPUZI ZIRI TANZANIA CONGO NTIWUMVA KWAFASHA UBWOKO BUMWE BWABATUTSI UYO NUMUNYAMACAKUBIRI

  • ayacemwo 2 azanire abatahunze ubukene buraturembeje. icokintu yiyumviri niciza% harabayaronka bakayazingirakuwinyuma

  • ayacemwo 2 azanire abatahunze ubukene buraturembeje. icokintu yiyumviri niciza% harabayaronka bakayazingirakuwinyuma

  • Imana iri kumwe nawe bandanya gukora ibikogwa vyiza

  • MEGAKWASHAKA GUFASHA UBWOKOBUMWE BWABATUTSI KWATIYUMVIRA GUFASHA IMPUNZI ZIRI TANZANIA CANKE CONGO

  • Asha uwo mugore akunda abatutsi gusa kuko nawe ariwe. Ari kwigisha gufasha yari gufasha nabandi bahungiye mubindi bihugu nka Tz na DRC ariko kubera azi abahungiyeyo ari Abahutu ntageza. Uyo ni bandya tuyaga

  • Marigarita Baragukitse, nbe wewe wibazako ABARUNDI aribijuju canke?Neza na neza unkundire nkumenyesheko ata juru uriko urakorera kuko urumunyamacakubiri amwe ahanitse. Nbe inpunzi ziri tanzania,congo,ouganda muribo nta bahunze barangije secondaire? Kuberiki wihutiye kubari mu rwanda? Kandi usanzwe uzi neza cane ko ico gihugu arico kiriko kiranwa amaraso y’ABARUNDI. Urimwo amahinyu rero! Eka nta nineza wiphuriza IGIHUGU. Mama ngo muzotaha nka MOSE, ja wisonera kuko MOSE ntawuzi kandi ntimunangana. Nbe amajanbo uheruka gucisha mwiradiyo ya CANADA woba ukiyibuka? MOSE rero urumvako atawuzi kuko imigenzo ya MOSE irazwi neza canke subira usome neza ivyanditwe. Umusi uzohinyurako UBURUNDI bubamwo abahutu, abatutsi ,abatwa, uzoba ukize ingwara urwaye y’amacakubiri kuko wifashiriza umututsi gusa.

  • Gusa Nareke Kwifatira muruhanga Abategetsi Buburundi Akore Imirimo Yiwe Ativanze mubintu !

  • aho sha, tugushima ko utigera wihenda ico uri. abo bavuga barafasha abiwabo b’abahutu. mbega abantu barinzwe bangazwa na benewabo, abo wumva hari ico bamaze! n’ugufasha abatutsi nyabuna kugira ni twataha, tuzoshike bose batwunamira!Vive le tutsiland!

  • Nukuri Ndamushimiy Cane Kwicociyunviro Imana Imuhimigisha Nimihezagiro Azaribuka Nabenewacu Bose Bari Tanzania Nahonyene Impuzi Zurwaruka Ziriyo Tubandanya Tumusengera Twongera Tumuterera Mukumuha Inguvu Dukoreshej Ibisabisho Bikomoka Kumana Yomwijuru Nahezagirw

  • MAGGY, Amahanga ararusha gose kubamwo kuko utaba uri Iwanyu, hanyuma ivyogutaha ufashe umuheto ntibigikunze. Programme yawe yarapfuye hasigaye ko bagufata ugacirwa urubanza kandi uzofatwa kuko aho winyegeje i Rwanda HAZOKURUSHA!!!

  • Amaso yibikere ntabuza abavoma,mupfasoni MARGUARITE kora akazi kawe rekana namajambo yizi mbonerakunya n’abagumyabondo,bariko barafwangagura.

  • Amaso yibikere ntabuza abavoma,mupfasoni MARGUARITE kora akazi kawe rekana namajambo yizi mbonerakunya n’abagumyabondo,bariko barafwangagura.

  • MAGGY bandanya gufasha abatutsi bene wacu bari mu RWANDA,nkurumbi nawe nafashe abahutu bari TZ na DRC.

  • Basi kama ni ukabila umewakaa mpaka kwenye damu mnahitaji kukombolewa kutoka utumwa wa makabila, viinchi vidogo hivyo Burundi na Rwanda bado karne hii mnazungumza ukabila eti huyo mama nae na elimu yake eti bado anafanya msaada kwa kabila moja kweli Mungu atusaidie Afrika ndio maana Trump mgombea marekani alisema afrika ilitakiwa kuendelea kutawaliwa, nadhani alikua sawa!

  • Basi kama ni ukabila umewakaa mpaka kwenye damu mnahitaji kukombolewa kutoka utumwa wa makabila, viinchi vidogo hivyo Burundi na Rwanda bado karne hii mnazungumza ukabila eti huyo mama nae na elimu yake eti bado anafanya msaada kwa kabila moja kweli Mungu atusaidie Afrika ndio maana Trump mgombea marekani alisema afrika ilitakiwa kuendelea kutawaliwa, nadhani alikua sawa!

  • Ooh!!twaraguhinyuye wa mugore we!we uri umunyamacakubiri gusa.

  • Afashije abashoboye none mwebwe mupfa kurindagira, muganza akarimi gusa. Mumucira urubanza harico abasavye, umwana azofasha n’umurundi ivyo mudondagura, nubujuju gusa bubuzuye mu mutwe. Teza imbere intara muvukamwo muheze murabe ko uburundi butaba agatangaza! Senyera ku mugozi umwe ucumwe wese ashaboye. Gabanya akarimi. Terera umuganda woguhagarika intambara. Maggy yarakoze nubu akiriko, kandi Imbwa zimoka ntizibuza abahita kugenda.

  • azofasha abana babafiristiya ntazofasha abayuda.

  • Nimureke Maggy, abo bandi nabo adashikiriye , bwire aba DD babafashe turabe. Ko atakindi bakora atari ukubanunuza amaraso muri corruption itagira uko ivugwa.
    None mwirigwa mubanganza hanyuma mukagaruka ngo Maggy nabafashe.

    Abarundi mugabe, abapolisi bakora muri Somalie na Centre Afrique bagiye kwirukanwa ubu hoho n’ibihuhuka bigiye guhuhuka. Ngirango n’umuyaga muhema mugiye kuwuriha. Uburundi bwarinjiranwe n’amasiha, abambuzi hamwe n’imihimbiri, tuzotorwa n’abagazura.

  • Niyirambire Numupfasoni Winyanka Mugayo Yazize Kuvugakwatazindipfuvyi Akeneye Kura Kubera Ukutubahiriza Amasezerano Yasezeranwe

  • Komera muvyeyi uwukwanka azokwandureko,turakuzi yuko ukoribikorinka.komera kwibanga Imana yomwi juru ikurongore mumirimo yawe yose.

  • Es Imana Yohindur Abavyeyi Bos Bari Mu Burundi Bakagr Umutma Nkuwa Barankits Uburundi Bwoca Buva Mukaga Burimwo Gus Intwari Ntiziramba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.