Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
MAPROBU ntizorungikwa kugarukana amahoro mu Burundi
Yanditswe taliki ya 31-01-2016 - isaha 10:03' na IGIHE

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ku mugaragaro ko ritazorungika inteko mvamakungu kugarukana amahoro mu Burundi. Muri iryo shirahamwe bavuga ko izo nteko zizorungikwa mu Burundi ari uko gusa Reta y’Uburundi ibisavye, izo nteko zikaronka ubutumire buvuye mu Burundi.

Inama yamaze amasaha agera kuri atanu gushika mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu ntaco yavuyemwo ku guhuza kw’ibihugu vyose mu bijanye n’irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi. Bamwe bavuga ko izo nteko zidashobora kurungikwa mu gihugu abarongozi baco bamaze kumenyesha ko batiteguriye kuzakira, abandi bakavuga ko zitarungitswe abanyafrika batazosubira kwizera gukingirwa n’indongozi zabo.

Ku munsi wa mbere w’inama ya 26 y’Abakuru b’ibihugu bagize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bamwe mu bakuru b’ibihugu bifadikanije na Reta y’Uburundi mu kudashigikira irungikwa ry’izo nteko, aho mukibuka ko Reta y’Uburundi yamaze kumenyesha ko nizarungikwa ku nguvu zizofatwa nk’iziteye Uburundi.
Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie yamenyesheje itangazamakuru ko igihugu ciwe kiri mu bidashigikiye ko izo nteko zorungikwa mu Burundi.
« Uburundi sibwo bwonyene budashigikiye ko izo nteko zorungikwa. Ingingo nk’iyo Uburundi budashigikiye ntishobora gufatwa, kuko ari igihugu cikukiye. » , Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie akaba ahubwo yibukije uruhara rw’Uburundi mu kugarukana amahoro mu bindi bihugu hamwe n’ukurwanya imirwi y’iterabwoba muri Somaliya n’ahandi.

Ku rundi ruhande, habaka hari abavuga ko mu gihe izo nteko zitorungikwa, bwoba ari ubutumwa bubi burungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bukazofatwa nk’igitutsi ku banyafrika biteze gukingirwa n’abayobozi ba Afrika. Nk’uko vyashikirijwe na Sipho Mthathi, umuyobozi nshingwabikorwa wa Oxfam igisata ca Afrika y’Epfo, kutarungika izo nteko bizokwerekana ko abakuru b’ibihugu vya Afrika batababaye abanyagihugu b’Abarundi, akavuga kandi ko bitangaje kubona Uburundi bwatorewe kuja mu nama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.
Sipho Mthathi ati : « Iyo ngingo y’ukurungika izo nzego igasubizwa inyuma, ivyo bizoca bisigura ko Abanyafrika batazosubira kwizera ko bokingirwa n’indongozi za Afrika. Ivyo navyo bikaba bizoca vyugururira umuryango ihohoterwa rya kiremwa muntu no ku bandi bakuru b’ibihugu. »

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini, Ibrahima Fall, yamenyesheje ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritigeze ryiyumvira kurungika abasirikare kugarukana amahoro mu Burundi, mu gihe Uburundi bwoba butabitangiye uruhusha.

Mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika yabereye muri Ethiopie, abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi barananiwe kwumvikana kw’itegeko ryari rikenewe ryo kurungika abasirikare bagera ku bihumbi bitanu boza kugarukana amahoro mu Burundi.

Tubamenyeshe ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, yabwiye abakuru b’ibihugu ba Afrika ko ashigikiye iciyumviro co kurungika abasirikare 5000 kugarukana amahoro mu Burundi.

Ivyiyumviro vyanyu

Ntanteko dushaka koziza mugihungu cacu kk natwe tuzirungika mubindi bihugu.azishaka turabazi nibamwe bokur le13.5.2016.abonabo ahobari turahazi nibaza tuzobarwanya kandi tubatsinde nakare twarabatsinze.

17.07.2016 à 19:26
NIYORUKUNDO DAVID.

Ntanteko mvamakungu ndushaka kuko abadutera natwebwe tuzobagwanya kandi tuzobatsinda.

17.07.2016 à 18:33
0778927409

emw urwanda nirwo rubigra ako ntaco abarundi caratuvuny ntakugugumwa

9.02.2016 à 10:13
WASANA

NTANTEKODUKENEYENTAKIROBERIGIHARI KIRIKOKIRATERAUBURUNDI

4.02.2016 à 12:41
RUCIO

Ahubwo abakuru b’ibihugu bagwanije iciyumviro co kuvogera igihugu cikukiye ni abagabo kandi barahabona.

3.02.2016 à 23:52
castro

Imbere Yukwo Mufata Ingingo.Banza Musenge Imana Ibayobore Muvyipfuzo Vyanyu Kuko Ariy Mushobora Vyose Ahandiho Twebw Abana B’abantu Ntacotwokwishoboza.Murakoz

3.02.2016 à 09:23
Simbatohana J.Luc

nta kindi twari twiteze !

2.02.2016 à 18:07
sindayirwanya shabani

ikibazo cuburundi ntikizokemugwa n’amakungu kuk nic’uhoraho umuremy wijuru n’isi.niyompamvu ivyo guterana amajambo mwobihagarika ncuti zanje

2.02.2016 à 15:27
niyoyankunze

rambaaaaaaa ! oya uri inkona pe !

1er.02.2016 à 21:39
Munyaneza norbert

Hama abataha bakicwa bo urababwiriki ? Bakomeze batahe bapfe ? Ahokwicwa nimbonerakure nokwaicwa ninzara @mututsimwiza

1er.02.2016 à 16:31
Kabango

Mbe ko CNDD yirigwa iratumunwa ngo urwanda nirwo rufasha abatera uburundi, iyo CNDD ko nayikoreye imyaka myinshi ugira tweho ntitwatera leta ya Buyoya duturutse mubindi bihugu ???

Ugira twatera tuva mwijuru ??

Ibihugo vyose twavamwo ko Buyoya atigeze abivuzako induru nkizo nkurunziza yirigwa aravuza ku rwanda ???

Ugira Buyoya ntiyarazi neza ko tumutera duturuka mumashamba ya congo na tanzania ni Fdlr yo murwanda nyene ???

Iyo ivyo bihugu bindi bitadafasha Cndd, ugira harico yari gushikako ??

Umwanyumwe ngo nububiligi, uwundi mwanya ngo n’urwanda....

None tuzomenya dufatiki turekiki ??

Cndd narayikoreye ariko niyemere ko gutwara vyayinaniye iveko ntabindi

1er.02.2016 à 16:29
Mathias

I Burundi si ngombwa ko twese abarundi tuba CNDD-FDD kandi mwa ba FDLR n’interahamwe mwitondere ivy’abarundi birarura guys !!Munyarka kwibagira sha,muribagiye ayo Rwasa yabakoreye muri FNL ?Abarundi turazi neeeeza Ibibazo vyacu,bivemwo n’ica Buyoya twaracikemuriye nkeswe Peter !!Aba ba DD b’abanywarumogi n’itabi hama ngo ni Gihahe,Ndakugarika.....abahutu n’abandi barundi ntitwemera Peter twese kandi tuzobibereka mubibone by your eyes,DD ntitwarasanye rimwe kandi nabo barazi ko abarundi atari imikoma,n’abagabo !!

1er.02.2016 à 15:38
Burundi

En droit international, le respect du principe souveraineté est vidé de son sens au cas où il est utilisé pour protéger un pouvoir qui tue son propre peuple et qui bafoue manifestement d’autres obligations du droit international tell que le pouvoir qui est actuellement en place au Burundi.
Avant d’abandonner la décision d’envoyer les forces de maintien de la paix au Burundi, l’OUA devrait premièrement aussi se rappeler que l’interdiction du génocide et crime contre l’humanité est une norme impérative du droit international qui s’impose a tous les Etats même en l’absence d’aucune obligation découlant d’une convention quelle conque.

1er.02.2016 à 15:35
J.P

@kabongo. Ntuvuge nabi Jishoryamukuru. Abagiye murwanda babahe amasambu bahinge niba babishoboye. Hano murwanda tubaho kumitwe kuko buri wese iyo akurebye ahita atekereza icyo yakuryaho. Urumva niyo wazana twa miliyoni 5 tw’amarundi ukwezi kumwe tuba turangiye. Ni ukubwira bene wanyu bagataha naho nibishinga leta yacu y’u Rwanda bazamera nkaba banyamurenge . Ubuzima buzabakubita inkambi bazitoroka batahe. Tegereza gato gusa.

1er.02.2016 à 15:07
Mututsimwiza

hari umunyagwanda yabivuze kwijwi ry’amerika muramutwenga yitwa Sebarenzi none dore birabaye, ubu abarundi bari bakwiriye gushira hamwe bakubaka igihugu cabo aho kwirirwa bariruka mumakungu kuko buraboneka ko ayomakungu abahenda nabo bakemera. abanyagwanda babarusha ubwenge n’umutima ukunda igihugu cabo niyompamvu mwese ariho mwirukira, namwe nimusgire hamwe mukore mutezimbere uburundi bwanyu 4ans zisigaye kuri mandat zegutuma mumarana ngo musambure ivyanyu, kereka niba munwa urumogi mutari bazima mumutwe.

1er.02.2016 à 13:33
ibuzimu

Wowe Jishoryamusazi abo iyobatagyamu rwanda ubu baba bari muri byabyobo, urunva ariyo nama ubagira, abapfuye se mubajugunya mubyobo nibo ushima ?

1er.02.2016 à 13:08
Kabango

Abarundi mufatane munda kuko umwanzi ubu agiye guhindura amayeri gusa arabeshya mumugeze habi ( kuri politique, Kurugamba,...) mbabazwa n’abarundi bashutswe bakajyenda banitse amazuru bajya
Mu Rwanda mumakambi baririmba indirimbo y’igihugu cy’urwanda GENOCIDE (imari ikaba n’ubukungu bw’urwanda). Gusa ntibazatinda kubona ko bibeshye kuko ayo makambi bazayaborerama. Ubuhungiro buraryana ntiburyoha. Naho abagifite ibirwanisho (sindumuja) bo ntaho banyura ni ukubeshya nta rebellion bashobora kuko ntamumunyagihugu ubari inyuma.

1er.02.2016 à 10:58
Jishoryamukuru

Komera burundi uri gihugu ataragahugu.twaramenye ubucucu bwabatutsi bwabahamburuka kagame yashaka abasirikare mvamakungu binjira mu gihugu cuburundi kugira ngo azoronke plan yokuza arungika abasirikare be muburundi nki Mari ariko vyabatekurukanya.reka Dukeza mutama yahoze arongoye ishirahamwe yubumwe BWAFRICA na bagenzi be.

1er.02.2016 à 10:41
pn

Reka tubamese neza rero kubera n’abakuru b’ibihugu barabatugabije. Aha tugira tubahonnye kamwe kamwe. Gushika tubamaze kubera ubu barabaduhaye neza caneeee, muzongera kuvuga ibiki ko twaraye dutsinze urugamba.

1er.02.2016 à 09:41
Kayoya

ndakeje abo bakuru bibihugu kungingo bafashe, abategetsi bafrika barataguye kubonako ABAZUNGA aribabi bifuza gusambura ibihugu vyafrika.....basindimuja ubu niho bagiye kuba abaja babazungu nezaneza !!!! pore sana

1er.02.2016 à 09:03
kamaro
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.