Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi : Abasaba irekurwa rya Mbonimpa bavuga ibihushane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi : Abasaba irekurwa rya Mbonimpa bavuga ibihushane

Reta y’Uburundi : Abasaba irekurwa rya Mbonimpa bavuga ibihushane

jeudi 25 Nyakanga 2014

Reta y’Uburundi imenyesha ko ibiriko bisabwa n’inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya hamwe n’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika bihushanye n’ivyama bisabwa ko ubutungane bwokwigenga, n’ivyaha bigahanwa.

Inyuma y’aho inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, hamwe na Barack Obama, umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika basabiye ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa, Reta y’Uburundi imenyesha ko icubahiriza amasezerano yateyeko umukono mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu. Mw’itangazo ryasohowe na Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi, co kimwe n’ibindi bihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, cemeje amasezerano y’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ariko ko ayo masezerano ahurirana n’ayandi avuga ukurwanya ukudahana ivyaha, n’ukwivanga mu ngingo z’ubutungane. Kubwa Reta y’Uburundi, kuvuga ko Petero Karaveri Mbonimpa apfunzwe ahorwa uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro ntibigira ishingiro, kuko kuva na mbere yamye avugana ubwigenge, co kimwe n’abandi bahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi. N’aho muri Reta y’Uburundi bemeza ko abaharanira agateka ka zina muntu bahabwa ubwigenge, baragaruka bakamenyesha ko bidatuma haba abarengera amategeko, canke abaca babiherebwa ubudahangarwa mu butungane.

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, bakoreye kuvyo babwirwa n’abarwanya ubutegetsi, agasaba abo bose basohora ivyegeranyo ku Burundi ko bokwishikira mu gihugu bakirabira ko ivyo babwirwa vyoba bihuye n’ukuri kw’ibibera mu gihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • wew Philippe uzobona ibara kko ivyo ukorera abenegihugu sivyo.mbega uribuka ko uzotwara ugatwarura?iryo si ijoro m uzobibazwa nabo musangiy ububisha.aaaah.

  • Bamwemera akabi nimurekure uwomutama hakira filipo urazi ukiri muri frodebu uko wavuga rero nimwikebuke kuko twese turabarindiriye kuko kuraca bugacanayandi siko bizohora ahomuri harabandi.

  • Mbe firipo nkubu ko rufyiri mwamufashe agana k’ubushikirangaji bw’intwaro yohagati,uwarahagaze mu kamenge yabibonye?None nkuwoza avuye hanze yohagarara he kugirango yibonere ibiba mugihugu, kandi namwe mutwaye igihugu mutabibona?mwashajemzehe!

  • IVYO VYOSE BAVUGA BARIHENDA KUKO AMAKUNGU AFISE BA MANEKO BAKWIYE NTIBOHAKANA IBIBA KUKO ABAZUNGU SI NKA ABANYAFRIKA BO BAVUGA IVYO BABONA KO ARUKURI KANDI BEMEZA
    ICO NOHANURA RETA IRIHO IVYO BARIKO BAGIRA VYARATAYE IGIHE IVYO NTIBIGIKORA UBU NIMUTSE BUGUFI MWUMVIKANE NABANDI MUGUMYE IZINA RYIZA MU MAKUNGU ICO NICO GIKWIYE JEWE NDAKUNDA CNDD FDD ARIKO IVYO MUGIRA BITUMA MUDUTUKISHA IYO TURI MU MAKUNGU.
    NAHO MWOREKERA ABANDI BAGATWARA NATWE NDAZI KO TUZOGISUBIRAKO TWITEGUYE NEZA TWAKUYEHO UTUNENGE TWOSE

  • Mbega ko reta y,uburundi ivuga ngo bishikire ngaho birabire ?uburayi n,America ntabafise ababaserukira sibo batanguye kuvuga.bibaza ko batabona ibihaye biba mu burundi.ibihaye bikorwa nubutegetsi bwuburundi biramenyekana hose numwana yo bivuga.

  • IVYO VYOSE BAVUGA BARIHENDA KUKO AMAKUNGU AFISE BA MANEKO BAKWIYE NTIBOHAKANA IBIBA KUKO ABAZUNGU SI NKA ABANYAFRIKA BO BAVUGA IVYO BABONA KO ARUKURI KANDI BEMEZA
    ICO NOHANURA RETA IRIHO IVYO BARIKO BAGIRA VYARATAYE IGIHE IVYO NTIBIGIKORA UBU NIMUTSE BUGUFI MWUMVIKANE NABANDI MUGUMYE IZINA RYIZA MU MAKUNGU ICO NICO GIKWIYE JEWE NDAKUNDA CNDD FDD ARIKO IVYO MUGIRA BITUMA MUDUTUKISHA IYO TURI MU MAKUNGU.
    NAHO MWOREKERA ABANDI BAGATWARA NATWE NDAZI KO TUZOGISUBIRAKO TWITEGUYE NEZA TWAKUYEHO UTUNENGE TWOSE

  • agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona.nawe firipo nabe araca umukate nawe siwe inzara irakoresha mugabo icoyomenya niragi kubiwe canke kuvyiwe.

  • DD HARAGEZE KO UTANGA UKABISA ABANDI BAGIFISE IVYIYUNVIRO VYUBAKA
    EREGA NTAWAMA KUBUTEGETSI ,KANDI UMENYE KO MWAKOREYE ABARUNDI IKIBI CISHI CANE .

  • Intahe niyafata ijambo bazojugujugumira ivyo bakora bigiye ahabona

  • Ivyo bavyita kwiteza utonyoni dd bemwera akabi muvuge ukuri naho kubabaza murekure uwo mutama ntawuzobatwenga nimba aribamaramare

  • Murebe nzobonariba ntatoroke nabo barikumwe kuko barimwo bahemuka cane.

  • IVYO MUGIRA BAVYITA KWIMARAMAZA.KUBONA WUBAHUKA NGO "NTIBAZI IBIBERA KURUBUGA" WEWE FIRIPO URAZI NKAHO KO BOKUBWIRA NUBURIRI URARAKO KUNGENE BUSA NISHUKA UMAZE IMYAKA ICENDA WIFUKA AMABARA YAZO ..ABA DD NIMBA ARUKO MWIBAZA IBINTU MURARUSHE .IVYO BAVUGA NUKURI KWERA DE .GUMYA AKO KARIMI KANYU NTIMUSUBIRE GUSUZUGURA ABASHINGANTAHE IVYO BIHUGU VYA BURAYA .

  • Narabibabwiye rekambere ndabibasubiriremwo, ivypmwibaza ko abobashingamateka ba Buraya na Obama bagombamba gukuraho ubutegetsi bwuburundi buhari uyumusi muribesha cane kuko ntibazoza kubaha amajwi mugihecamatora, abobatoyenabo nitwebwe benegihugu arikoturevye ivyomwikoza bidutera kubanka urunuka imwidogo iringaha Burundi mubanyagihugu batobato ntimuzigera muyironkana imigisha niharambe reta yuburundi nabarindi.

  • ICOMWOMENYA CNDD IRACABATWARA NAHOMUBWEJA NKIMISEGA KUKO ABENEGIHU NITWE TUTANGA UBUTEGETSI ABOBANYABURAYA SIBOBAZOZA KUDUTORERA ABADUTWARA NIHARAMBE RETAYUBURUNDI HAMWE NA CNDD FDD

  • Abahutu mutegerezwa kugira ubwenge. Abanyaburayi ntibigeze narimwe bakunda abahutu. None ntimwapfa barorera. Ndadaye wanyu ntiyagandarwuwe baraho, murigera mwumva bamucisha mukanwa? Nayo uwo musaza Mbonimpa mushaka mwamurekura numucangero Ntazi ivyakora ni Twagiramungu wi Burundi.Ndabahanura abahutu nabandi bose bakunda u Burundi mwarimukwiye kurondera vuba ahandi mukura ibigwanisho kuko abo banyaburayi ntibazoruhuka batabashize hasi.Mwumvise ako gasuzuguro kabo muri Rpa ngo " ce Petit pays" ngo "leta yataye umutwe" . Murumva ukungene abahutu abanyaburayi badufata? Uwumva niyumve. Nimwasinzira ngo muri mukubaka AMA etage muzohera mwese

  • we pfilippe ntagasoni wiha ntanako uha abarundi uri umwicanyi yamaze guta ubwenge,kuvuga ko reta zunze ubwemwe namerika ko bakorera kumabwire urahumba cane ko bakorera kumabwire murihende mureke kurekura mbonimpa nzoca ndabemera ko namwe ivyo mukora kwataherezo bifise ariko mwitegure namwe kuja mpimba kubera amabi mwakoze.

  • harabantu muba ibijuju mukarenza ico gihabu cubutegetsi mufise subiza ameru mwisaho turacabatwara mushishikara kubweja nkamujeri narababwiye abantumwese mwumva ko cdd FDD ibaremereye nimubange ingata nini canke muture kuko muzohava muvunikizosi canke mumere nkakagakwavu kikoreringwe ibona kazi ngo yarapfuye abobazungu mwera murazi amezi aheze muri sudani yepfo haringwano obama asemerera inkoho Zose zikoreshwayo ninyamerika gusa uwutacashoboye wese yemera uwundi muvuga ngo dd irica wumvise nkagasuguro nibitutsi vyirirwa kuri rpa uwokuramwo kamwe yobakoze okosa ki kuva nakera nomwijambo ryimanana carazira kikazirizwa gukengera umwami canke kumutuka nimurindire akataretse kaba gasema inyuma yamatora abanmwese mwigize karaha kajahe mubemuriyimbiricobo

  • harabantu muba ibijuju mukarenza ico gihabu cubutegetsi mufise subiza ameru mwisaho turacabatwara mushishikara kubweja nkamujeri narababwiye abantumwese mwumva ko cdd FDD ibaremereye nimubange ingata nini canke muture kuko muzohava muvunikizosi canke mumere nkakagakwavu kikoreringwe ibona kazi ngo yarapfuye abobazungu mwera murazi amezi aheze muri sudani yepfo haringwano obama asemerera inkoho Zose zikoreshwayo ninyamerika gusa uwutacashoboye wese yemera uwundi muvuga ngo dd irica wumvise nkagasuguro nibitutsi vyirirwa kuri rpa uwokuramwo kamwe yobakoze okosa ki kuva nakera nomwijambo ryimanana carazira kikazirizwa gukengera umwami canke kumutuka nimurindire akataretse kaba gasema inyuma yamatora abanmwese mwigize karaha kajahe mubemuriyimbiricobo

  • Emwe uwomutama yarayatumaramaje,ahubwo akwiye guhamvya abandi mu mpimba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.