IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MENUB yarangije ibikorwa vyayo mu Burundi

MENUB yarangije ibikorwa vyayo mu Burundi

vendredi 1er Nzero 2016

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatora mu Burundi wararangije ibikorwa vyawo kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 kigarama 2015.

Prosper Havyarimana yahora ajejwe ibikoresho muri MENUB yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko ibikoresho bimwe vyahora bikora babihaye abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakorera muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,ibindi navyo barabigurisha.

Yavuze ko ariko hari ibikoresho bikeya bagumanye mu Burundi kuko bishobora gukoreshwa n’umurwi muto w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uzoza mu Burundi naho bataramenya igihe uzozira.

Mu mirwi ishobora kuza mu Burundi harimwo umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,uzoba uhagarariwe n’intumwa y’umunyamabanga mukuru wa ONU.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.