Accueil > Amakuru > u Burundi > MENUB yarangije ibikorwa vyayo mu Burundi
MENUB yarangije ibikorwa vyayo mu Burundi
vendredi 1er Nzero 2016
Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatora mu Burundi wararangije ibikorwa vyawo kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 kigarama 2015.
Prosper Havyarimana yahora ajejwe ibikoresho muri MENUB yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko ibikoresho bimwe vyahora bikora babihaye abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakorera muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,ibindi navyo barabigurisha.
Yavuze ko ariko hari ibikoresho bikeya bagumanye mu Burundi kuko bishobora gukoreshwa n’umurwi muto w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uzoza mu Burundi naho bataramenya igihe uzozira.
Mu mirwi ishobora kuza mu Burundi harimwo umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,uzoba uhagarariwe n’intumwa y’umunyamabanga mukuru wa ONU.
IGIHE