IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Menya nimba uryohera umusore yagukunze

Menya nimba uryohera umusore yagukunze

lundi 25 Ruhuhuma 2013

Ntivyoroshe k’umugore kumenya ivyiyumviro vy’umuhungu.Bigaca biyoberana cane cane mugihe mwifuza kugendana murukundo.

Bapfasoni,mushaka kumenya nimba uryohora umusore canke utamuryohera ?

Ng’ibi ibimenyetso indwi bibikwereka :

1.Akuraba atumbereje amaso yiwe mu yawe

Iyo umusore akuravye atumbereje amaso yawe,n’ikimeneyetso kitabesha cerekana ko uyo musore akwezwe nu rukundo rwawe.Umusore atagukunze ntashora gutumbereza amaso yiwe muyawe kugira yirinde ivyo mutwara mubindi.Ariko mugihe yakwezwe n’urukundo,arondera kuraba cane mu maso yawe mukurondera inyishu z’ibibazo afise,z’ubwoba atari yiteze,guhishurirwa ivyo atari yiteze.

Ni gute womushigikira :

Murabe nawe mu maso nk’imisegonda itatu,n’ikimeneyetso ciza.

Ni gute womwikura :

Ntumurabe mu maso na cane cane ntumwereke ko wabonye ko ariko arakuraba.

2. Aragukorako

Tuvyumvikaneko neza tuvuze « aragukorako »ni ugutahura ko ashaka kubikwereka mu kugukorako biciye mu ntoke zawe canke mu birenge vyawe.Abasore bakunze, barakeneye « gukora koranako » mu buryo bwose kugira barondere imigenderanire akoresheje n’utujambo turyoheye ugutwi: akabiri kawe karekeye.. akenshi babigira kugira ngo umwiyumvemwo nawe nyene akwiyumvemwo.

Ni gute womushigikira :

Shira ikiganza cawe ku ciwe,azotahura.

Ni gute womwikura:

Mwereke yuko ivyo ariko arerekana bitabaryoheye.Niwamubona abegereye,mwereke ko umuhakaniye n’umutwe ariko umutwengera bizogenda neza.

3.Aguma abaterefona

Umusore aterefona nuko aba yagukunze.Mu gihushane c’abapfasoni,abagabo n’abantu badaca kuruhande bagirako.Babaterefonye n’uko baba babishatse ntakindi.Ariko muragabe igihushane c’ivyo sico :umugabo adaterefona ntibisigura ko adakunda ashobora kuba ari uwufise ubwoba,atabona ingene yobigenza canke ingene yovyifatamwo.Mumajambo make ntaba aravuga ijambo rya nyuma.

4.Nta wundi abona atari wewe

Uri nko hagati y’abigeme beza,bateye neza,bagukikuje inyuma n’imbere.Uwo musore abakunda nta wundi abona atari wewe gusa.Ntimureke ngo agende,kuko uba waramutwaye ubwenge n’umutima wiwe ntumwiteshe kuko aba ari mu rukundo.

5.Aguma aguhayagiza

Uri mwiza ,usa neza,ufise ubwenge,wifata neza,ntanuwovyirengagiza, mbere akakubarira ko ahiriwe.Nturonderere kure,aragukunda.Hasigaye kumenya ikimuryohera kuri wewe nimba ari urukundo rw’ijoro canke rw’ibihe vyose.

Ni gute wokwigenza imbere y’ivyo :

Kumenya nimba avugisha ukuri: Murindirize gato,uzomenya ningoga intumbero ziwe.

6.Afise ubwoba

Nta guma hamwe mukuvuga mukwerekana ico ashaka,agakinisha intoke ziwe.aguma aterefona uko iminota itanu ihaciye,mu majambo make aba yataye umutwe wose.Ivyo bisigura iki ?Uramutera ubwoba,aratinya kuvuga no gukora amakosa,gukora ibitaroranye canke ngo vyose avyonone.

Inyishu :akora ibidahwanye.Kubw’ivyo ntiwovyirengangiza.Uko kuntu adatekanye,binyegeza ukuntu agukunda.Ivyo navyo akaba ari ibimenyetso vyiza.

7.Arashavura abonye urikumwe n’abandi basore

Haciye nk’indwi zibiri gusa mumenyanye iyo abonye umusore wundi akuravye aca ashavura.Umusore yama ashavuzwa n’uko umukunzi wiwe bamuravye ryiza ntamenya n’ingene yishura.Maze bikerekana urugero agukunda.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.