Accueil > Amakuru > u Burundi > Mishiha : Umusirikare yafatanywe itonga ariko ashurashuza akana (...)
Mishiha : Umusirikare yafatanywe itonga ariko ashurashuza akana k’akigeme
mercredi 16 Ndamukiza 2014
Akigeme k’imyaka itandatu mu ntara ya Cankuzo muri komine ya Mishiha, kafashwe ku nguvu n’umusirikare wa Reta, ubu uyo yakoze ico caha akaba ari mu minwe y’igiporisi.
Amakuru ava aho i Mishiha, avuga ko iryo bara ryagwiriye ku musozi wa Kinehe, aho uyo musirikare yafata ako kana, agaca agashurashuza. Amakuru yemezwa n’abanyagihugu baho i Kinehe, avuga ko uyo musirikare yafashwe ariko arahumira ako kana, yafatanywe itonga, ubu apfungiwe mu giporisi i Mishiha.
Yaba abavyeyi canke ababanyi b’uyo mwana, bose basaba ko ubutungane bwohasha iyo nkozi y’ikibi bimwe vy’akarorero. Ako kana nako fafashwe ku nguvu ubu kakaba kariko karakurikiranwa n’abaganga, kugira bagakingire zimwe mu ndwara zica mu bihimba vy’irondoka, harimwo n’umugera wa Sida.
Aristide Nizigire
Messages
16 Ndamukiza 2014, 13:09, par mukobwajana
MUMUCE IBIHIMBA KUKO NTACO BIMAZE KANDI NTAKOMEYE KO BANSE KUBAVUZA NTA BAVUYE MWISHAMBA BAKOMEYE TWABIVUZE KUVA KERA...
16 Ndamukiza 2014, 15:34, par Aline
muntabare munyishure,umwana w’imyaka itandatu bomushurashuza gute! ubwo sukugushikuza !Sindabitahura??
18 Ndamukiza 2014, 23:10, par JEAN EGIDE
ISI IGEZE KURE SINDAMVYUMVA KOKO INGENE UMUNTU AKUZE ASHOBORA GUFATA UMWANA W,IMYAKA ITANDATU KUNGUVU KOKE ABANTU BARAKWIYE GUHINDURA INYIFATO MBI ZABO KUKO IVYO BIRATEYE ISONI CANE.