IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Misiri yipfuza kugumana imigenderanire myiza n’Uburundi

Misiri yipfuza kugumana imigenderanire myiza n’Uburundi

mercredi 23 Gitugutu 2013

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’ Uburundi yarakiriye intumwa zije ziserukira igihugu ca misiri, zikaba zari zirongowe na Nabil Fahmi,
umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu, akaba ariwe yaraje afise ubutumwa budasanzwe bw’umukuru w’igihugu ca Misiri Abdel Fattah Al-sissia.

Naho igihugu ca Misiri kiriko gica mu bihe bigoye, ico gihugu kiripfuza kugumana imigenderanire myiza n’Uburundi bivugwa n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Willy Nyamitwe. Nk’uko bibandanywa bivugwa na Nyamitwe, izo ntumwa zo mu Misiri zahumurije Leta y’Uburundi, ko amasezerano yose bagiranye n’igihugu c’uburundi yose azokorwa. Ubwo butumwa bw’umukuru w’igihugu ca misiri bukaba buje mu gihe hategekanijwe inama y’abakuru b’ibihugu mu kwezi kwa munyonyo 2013 ku wa 19 na 20 ,2013.

Mwomenya ko kuri uno wa kabiri nyene, ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya , nyakubahwa icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yakiriye umushikiranganji mukuru arongoye Leta y’abawallon, Rudy Demotte. Mu vyo baganiriye bikaba vyari bihagaze ahanini ku migenderanire yo gufashanya hagati y’Uburundi n’Ububiligi hamwe n’ibikorwa bigiye kuranguka muri kazoza mu vyerekeye ubutunzi n’imibano.

Uwo mushikiranganji yaciye yemererera kubandanya gushigikira igihugu c’Uburundi mu migambi y’iterambere na cane cane mu gisata co gutanga inyigisho hamwe n’ubushakashatsi, kugira batorere inyishu ingorane ziri mu gisata c’Uburimyi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.