IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Miss Japon 2015 ariko yiyamirizwa ahorwa amamuko yiwe

Miss Japon 2015 ariko yiyamirizwa ahorwa amamuko yiwe

mercredi 18 Ntwarante 2015

Itorwa rya Ariana Miyamoto nka Miss Japon 2015 ririko rivugwako vyinshi, bamwe bavuga ko uwo mukobwa atari imvukira y’igihugu c’Ubuyapani, abandi bagashima igikorwa cakozwe n’umurwi utanga amanota kubera utamukumiriye.

Ariana Miyamoto w’imyaka 20, yatowe kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2015. Amakuru atangwa n’ikinyamakuru www.icibrazza.com, avuga ko Miss Japon 2015 avuka i Nagasaki mu bumanuko bwa Japon, se wiwe avanze amaraso ya Afrika na Amerika, nyina wiwe nawe avuka muri Japon. Ku mbuga ngurukanabumenyi aho muri Japon benshi bariyamiriza itorwa rya Ariana, bavuga ko hari gutorwa umuvukagihugu yuzuye, kuko uwo yatowe bamufata nk’igice c’umuyapani.

Naho hari abatera ivyatsi itorwa rya Miyamoto ubu ari mw’ihiganwa rya Miss Univers 2015, hari n’abandi bashima uko abatanga amanota bavyifashemwo kubera batakumiriye Ariano.

Ariana yabwiye abamenyeshamakuru ati :"Naho hari abatabona ko ndi Umuyapani abushitse, kuva ku mutwe gushika ku mano, numva ndi Umuyapani". Ariana apima imetero 1,73, yatowe mu bakobwa 44 bariko barahiganwa. Ariana Miyamoto yigereranya n’umuririmvyi Mariah Carey, ati : "Nawe nyene yaraciye mu ngorane nyinshi zifatiye mamuko, nk’uko biriko binshikira, ariko yarabitsinze ubu ni umu "star".

Raba video y’itogwa rya Ariana Miyamoto


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.