Accueil > Amakuru > u Burundi > Mohamed Rukara yagenwe kuba icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abahuza bo (...)
Mohamed Rukara yagenwe kuba icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika
lundi 10 Munyonyo 2014
Mu nama ya bose y’ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika (Association des Ombudsmans et Médiateurs Africains) yabaye ku munsi wa kane, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yahawe kuba icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika, mu kiringo c’imyaka ine.
- Mohamed Rukara, umuhuza w’abarundi
Muri iyo nama ya bose yabereye i Addis Abbeba muri Ethiopie, amabanga y’umukuru w’iryo shirahamwe yahawe umuhuza wo muri Ethiopie, akaba yasubiriye mu kibanza cahoramwo umuhuza wo muri Angola, Paolo TJIPILICA.
Ikibanza c’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe cahawe umuhuza wo muri Kenya, mu gihe umuhuza wo muri Zambiya yahawe amabanga y’ukuba umunyabigega.
Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, bamenyesha ko muri iyo nama ya bose yabereye i Addis Abbeba, ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika ryakeje umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bakavuga ko arangura amabanga y’ubuhuza, mu bwigenge.
Egide Nduwimana
Messages
10 Munyonyo 2014, 14:55, par So
Ndamukeje Mzee Rukara umuhuza wabararu, nokuruhande rwatwebwe abarindi turikeje.