IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntiharagera ko bishura ku vyavuzwe na (...)

Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntiharagera ko bishura ku vyavuzwe na Rufyiri

jeudi 16 Gitugutu 2014

Inyuma y’aho umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel RUFYIRI, yagirije ibiro vy’umukuru w’igihugu ko biriko birahisha ahavuye indege nshasha iherutse guhabwa Uburundi, ko kandi bifitaniye isano n’icukurwa rya Nickel ryimirije i Musongati, mu biro vy’umukuru w’igihugu ntaco bashima kubivugako.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana, arondewe kw’i telefone ngendanwa y’iwe, yishuye ikinyamakuru IGIHE ko hataragera ko bagira ico bashikirije kuvyaraye bitangajwe n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ba kaboko n’abanyuruza amatungo ya Reta.

Mukibuka ko Gabriel Rufyiri yari yabariye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 15 Gitugutu ko indege nshasha igiye kurerura umukuru w’igihugu Umuvugizi wa Reta aherutse kuvuga ko yatanzwe n’abagenzi b’Uburundi atarivyo na gato. Kubw’Umukuru w’igihugu, iyo ndege yatanzwe n’abagiye gucukura Nickel n’ubundi butare buri i Musongati mu Ntara ya Rutana. Nkako, yamenyesheje ko itamgwa ry’isoko ryo gucukura ubwo butare ryatanzwe ata higanwa rihabaye, mbere ngo bikaba bihishije ibinyegezwa vyinshi. Akaba yasavye ko Umukuru w’igihugu yotomorera neza abarundi ingene yaronse iyo ndege.

Gabriel Rufyiri yemeza ko iyo ndege yoba yaje nk’igiturire kugira ubutare bwa Nickel bw’i Musongati buze bw’imbwe atamasoko ahiganywe, nk’uko hari umuduga wigeze guhabwa Fondation Buntu isanzwe irongowe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu. Uwo muduga wari ufise agaciro k’umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi (Fbu 1.000.000.000 ), uwo nawo ukaba wari watanzwe n’ishirahamwe SAMANCOR naryo ryari ryaje kwiga ivyo kwimba ubutare bw’i Musongati (exploration) mu mwaka w’i 2008.

Gabriel Rufyiri rero akaba asaba ko abantu bafise ububasha bwo gusigura ahavuye iyo ndege, ko bobivuga kugira abarundi n’amakungu bamenye izo ncuti z’Uburundi izo arizo. Agasaba nyabuna umuvugizi wa Reta n’uw’umukuru w’igihugu gutanga umuco uhagije.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.