IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu kigo CEBAC ntibatahura ivyagirizwa umushingwamanza Isidore (...)

Mu kigo CEBAC ntibatahura ivyagirizwa umushingwamanza Isidore Rufyikiri

mercredi 15 Nzero 2014

Mu kigo CEBAC (Centre Burundais d’Arbitrage et de Conciliation) baratangazwa n’ingingo yafashwe na sentare ijejwe kurwanya igiturire, yo gukurikirana umushingwamanza Isidore Rufyikiri bamwagiriza ubunyonyezi bw’amafaranga. Muri ico kigo CEBAC, babona ko ugukurikirana umushingwamanza Isidore Rufyikiri harimwo iyindi ntumbero, na rirya atawari yamwitwariye ko yatunganije nabi uburyo yahawe.

Nk’uko bimenyeshwa na Goreth Boyi, umunyamabanga mpuzabikorwa mu kigo CEBAC (centre burundais d’arbitrage et de conciliation) gisanzwe kirongowe n’umushingwamanza Isidore Rufyikiri, mu cigwa cari cakozwe n’abahinga kugira berekane ingene amafaranga yahawe ikigo CEBAC yakoreshejwe, barashimiye umushingwamanza Isidore Rufyikiri akirongoye, bemeza ko yatunganije neza amafaranga ikigo cari cashikirijwe (Gestion rigoureuse).

N’inama ya bose y’abagize ikigo CEBAC yaremeje kandi ico cegeranyo catanzwe n’abahinga, ari naco gituma muri ico kigo batangajwe n’ukwumva ko umushikirizamanza akukira sentare ijejwe kurwanya igiturire yafashe ingingo yo gukurikirana umushingwamanza Isidore Rufyikiri, bamwagiriza kuba yaranyonyeje amafaranga agera ku bihumbi 250 vy’amadorare y’abanyamerika yari yagenewe ikigo CEBAC (Centre Burundais d’Arbitrage et de Conciliation) kirongowe n’umushingwamanza Isidore Rufykiri.

Goreth Boyi, umunyamabanga mpuzabikorwa mu kigo CEBAC amenyesha ko iyo ngendo ataho itaniye n’ukwivanga mw’itunganwa ry’amashirahamwe, kandi ifise ikindi igamije.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.